Ja ku birimwo

Bibiliya yoba ivuga ibijanye n’ukwabirana kw’abasangiye igitsina?

Bibiliya yoba ivuga ibijanye n’ukwabirana kw’abasangiye igitsina?

Inyishu Bibiliya itanga

 Umuremyi wacu yashinze amategeko agenga umubano w’ababiranye imbere cane y’uko intwaro zitangura gushinga amategeko awugenga. Igitabu ca mbere co muri Bibiliya kitubwira giti: “Umugabo azosiga se na nyina [yifatanye] n’umugore wiwe maze [babe] umubiri umwe.” (Itanguriro 2:24) Nk’uko kazinduzi imwe y’ivya Bibiliya ivyerekana, ijambo ry’igiheburayo ryahinduwe ngo “umugore” “risobanura umuntu w’igitsina-gore.” (Vine’s Expository Dictionary of Biblical Words) Yezu yaremeje ko ababirana bakwiye kuba ari “umugabo n’umugore.”—Matayo 19:4.

 Imana yategekanije rero yuko umubano w’ababiranye uba ubucuti burama kandi buranga urukundo hagati y’umugabo n’umugore. Umugabo n’umugore baremwe kugira ngo bunganirane, ivyo bikaba bituma umwe wese ashobora kuronsa mugenziwe ivyo akeneye mu vy’inyiyumvo no vy’igitsina bikongera bigatuma bashobora kuronka abana.