Ja ku birimwo

Bibiliya ivuga iki ku bijanye n’ukuryamana kw’abasangiye igitsina?

Bibiliya ivuga iki ku bijanye n’ukuryamana kw’abasangiye igitsina?

Inyishu Bibiliya itanga

 Igihe Imana yarema abantu, yategekanije ko ivyo guhuza ibitsina vyogirwa gusa n’umugabo n’umugore bubakanye. (Itanguriro 1:​27, 28; Abalewi 18:22; Imigani 5:​18, 19) Bibiliya iriyamiriza ibintu vyose bijanye n’igitsina bigirwa n’abantu atari umugabo n’umugore bubakanye, vyaba ibigirwa n’abantu basangiye igitsina canke abatagisangiye. (1 Abakorinto 6:​18) Muri ivyo bintu bijanye n’igitsina harimwo guhuza ibitsina, gukuyakuya ibihimba vy’irondoka vy’uwundi muntu, guhuza umunwa n’ibihimba vy’irondoka canke kubicisha mu kibuno.

 Naho Bibiliya yiyamiriza ivy’ukuryamana kw’abantu basangiye igitsina, ntiremesha kubanka. Ahubwo nyabuna, abakirisu baremeshwa ‘kwubaha abantu bose.’​—1 Petero 2:​17, Bibiliya Yera.

 Umuntu yoba ashobora kuvukana icipfuzo co kuryamana n’uwo basangiye igitsina?

Bibiliya ntivuga neza na neza ukuntu ivyipfuzo vy’umubiri vy’abaryamana n’abo basangiye igitsina biba bimeze, ariko irerekana ko twese tuvukana impengamiro yo gukora ibihushanye n’ivyo Imana idusaba gukora. (Abaroma 7:​21-​25) Rero, naho Bibiliya itibanda ku mvo zituma umuntu agira ivyipfuzo vyo kuryamana n’uwo basangiye igitsina, iriyamiriza ukuryamana kw’abasangiye igitsina.

 Ukuntu wohimbara Imana naho woba ufise ivyipfuzo bikomeye vyo kuryamana n’abo musangiye igitsina.

Bibiliya ivuga iti: “Ntimuganzwe n’umubiri wawe. Nimwice icipfuzo cose co gukora ibintu bijanye n’igitsina mu buryo butabereye.” (Abakolosayi 3:5, Contemporary English Version) Kugira ngo wice ivyipfuzo bibi, ivyo bikaba ari vyo bishikana ku gukora ibintu bibi, urakeneye gucungera ivyo wiyumvira. Igihe wama wuzuza umuzirikanyi wawe ivyiyumviro bibereye, biratuma vyoroha ko ivyipfuzo bibi bikuvamwo. (Abafilipi 4:8; Yakobo 1:​14, 15) Naho mu ntango vyoshobora kukubera urugamba, buhorobuhoro bigenda biroroha. Imana isezerana kugufasha ‘guhindurwa mushasha mu nguvu zikoresha umuzirikanyi wawe.’​—Abanyefeso 4:​22-​24.

 Hariho abantu amamiliyoni bafise ivyipfuzo vyo kuryamana n’abo badasangiye igitsina bariko bararwana mwene urwo rugamba nyene kubera ko bashaka kubaho bahuza n’ingingo ngenderwako zo muri Bibiliya. Nk’akarorero, hariho abakiri abirebange ata cizigiro bagifise co kuronka uwo bubakana canke abubakanye n’abantu badashobora kurangura amabanga y’abubatse; abo bose bahitamwo gucungera inambu yabo y’umubiri naho bohura n’ibigeragezo bimeze gute. Barashobora kubaho bahimbawe, kandi n’abagira ivyipfuzo vyo kuryamana n’abo basangiye igitsina na bo nyene barashobora kubaho bahimbawe igihe bipfuza koko guhimbara Imana.​—Gusubira mu vyagezwe 30:19.