Ja ku birimwo

Ja ku rutonde rw’ibirimwo

Bibiliya ivuga iki ku vyerekeye uguhuza ibitsina kw’ababisangiye?

Bibiliya ivuga iki ku vyerekeye uguhuza ibitsina kw’ababisangiye?

UKWUBAKANA kw’abasangiye igitsina kuracatera impari mu bihugu vyinshi. Ariko muri Leta Zunze Ubumwe za Amerika, Sentare nkuru yaratangaje mu 2015 yuko abasangiye igitsina bemerewe kwubakana mu gihugu cose. Abantu benshi baciye bagira ubushakashatsi kuri internet. Kimwe mu bibazo vyagarutse cane ni iki: “Bibiliya ivuga iki ku vyerekeye ukwubakana kw’abasangiye igitsina?”

Bibiliya nta co ivuga idomako ku bijanye n’uko abasangiye igitsina boba bafise uburenganzira bwo kwubakana. Ikibazo ca mbere twokwibaza ni iki: Bibiliya ivuga iki ku vyerekeye uguhuza ibitsina kw’ababisangiye?

Abantu benshi biyumvira yuko bazi ico Bibiliya ibivugako bataranayisuzuma neza. Ariko ivyo bavuga usanga bidahuza. Bamwe bavuga ko Bibiliya yiyamiriza yivuye inyuma abahuza ibitsina babisangiye. Abandi bavuga ko itegeko Bibiliya itanga ryo “gukunda mugenzawe” risigura ko umuntu ashobora kuryamana n’uwo ari we wese.Abaroma 13:9.

BIBILIYA IBIVUGAKO IKI?

Ni ikihe muri ibi wovuga ko ari co?

  1. Bibiliya iriyamiriza ukuryamana kw’abasangiye igitsina.

  2. Bibiliya irashigikira ukuryamana kw’abasangiye igitsina.

  3. Bibiliya iremesha abantu kwanka abahuza ibitsina babisangiye.

INYISHU:

  1. NI VYO. Bibiliya ivuga ko ‘abagabo baryamana n’abagabo batazotorana ubwami bw’Imana.’ (1 Abakorinto 6:9, 10) No ku bagore ni ukwo nyene.Abaroma 1:26.

  2. SI VYO. Bibiliya ivuga ko umugabo n’umugore bubakanye ari bo bonyene bakwiye kuryamana.Itanguriro 1:27, 28; Imigani 5:18, 19.

  3. SI VYO. Naho Bibiliya yiyamiriza ukuryamana kw’abasangiye igitsina, ntiremesha abantu kubinuba, kubakorera ikibi canke kubafata nabi mu bundi buryo.Abaroma 12:18. [1]

Ivyabona vya Yehova bahagaze he?

Ivyabona vya Yehova babona ko ata mategeko ajanye n’inyifato runtu yoza aruta ayo muri Bibiliya, akaba ari co gituma bashima kuyisunga. (Yesaya 48:17) [2] Ivyabona vya Yehova baririnda rero ingeso mbi zose z’ubusambanyi, ushizemwo n’ukuryamana kw’abasangiye igitsina. (1 Abakorinto 6:18) [3] Ukwo ni ko bashima kubaho, kandi ni uburenganzira bwabo.

Ivyabona vya Yehova baragerageza gukurikiza itegeko rya Bibiliya rivuga ko dukwiye gufata abandi nk’uko twoshima ko badufata

Naho ari ukwo, Ivyabona vya Yehova barihatira “kugiranira amahoro n’abantu bose.” (Abaheburayo 12:14) Naho banka ukuryamana kw’abasangiye igitsina, ntibahata abandi ngo bemere ivyo bo bemera, eka kandi ntibaryoherwa bumvise amabi akorerwa mwene abo bantu canke ngo bayagiremwo uruhara. Baragerageza gukurikiza itegeko rya Bibiliya rivuga ko dukwiye gufata abandi nk’uko twoshima ko badufata.Matayo 7:12.

Bibiliya yoba ituma abantu banka abandi?

Ariko rero, hari abovuga ko Bibiliya ituma abantu banka abahuza ibitsina babisangiye be n’uko abakurikiza amategeko yayo batihanganira abandi. Bavuga bati: ‘Igihe Bibiliya yandikwa, abantu bari bacugaye mu mutwe. Ubu turemera abantu bose tutaravye ubwoko bwabo, igihugu bavamwo canke abo bashima guhuza ibitsina.’ Kuri bo, kwanka abahuza ibitsina n’abo babisangiye ni cokimwe no kwanka uwo mudasangiye ibara ry’urukoba. Ivyo vyoba bihuye? Oya. Uti kubera iki?

Kubera ko kwanka ivyo umuntu akora bitandukanye no kwanka nyene kubikora. Bibiliya isaba abakirisu kwubaha abantu bose. (1 Petero 2:17) [4] Mugabo ivyo ntibisobanura ko abakirisu bakwiye gushigikira ingeso zose.

Tubitangire akarorero: Dufate ko wanka itabi, rikanagusesema. Ariko uwo mukorana ararinywa. Kuba utabona itabi nk’uko we aribona vyoba bisobanura ko wugaye mu mutwe? Kuba arinywa wewe nturinywe vyoba bica bisigura ko umwanka? Agerageje kuguhata ngo uhindure ivyiyumviro, si we none yoba abaye umuntu yugaye mu mutwe kandi atihanganira abandi?

Ivyabona vya Yehova bashima gukurikiza amategeko Bibiliya itanga ajanye n’inyifato runtu. Ntibashigikira ingeso Bibiliya yiyamiriza. Mugabo ntibagaya abakora ibitandukanye n’ivyo bo bakora canke ngo babafate nabi.

Bibiliya yoba irenza urugero?

Tuvuge iki none ku bantu bafise ivyipfuzo vyo guhuza ibitsina n’abo babisangiye? Boba ari ko bavuka? Nimba ari ko bavuka, ntikwoba ari ukubahohotera umuntu avuze ko badakwiye kuryamana n’abo basangiye igitsina?

Bibiliya ntisigura ibintu vyo mu mubiri vyoba bituma umuntu yipfuza uwo basangiye igitsina, mugabo iravuga yuko hari ingeso usanga zarashinze imizi mu muntu. Naho ari ukwo, Bibiliya ivuga yuko kugira dushimwe n’Imana dutegerezwa kwirinda ingeso zimwezimwe, nk’ukuryamana kw’abasangiye igitsina.2 Abakorinto 10:4, 5.

Hari abovuga ko Bibiliya irenza urugero. Aho baba bafatiye ku ciyumviro c’uko umuntu akwiye gukora ico umubiri wipfuje cose no ku ciyumviro c’uko inambu y’umubiri ihambaye cane ku buryo umuntu adakwiye kuyankira, ngo kanatsinda ntivyomukundira. Bibiliya yoyo si ko ibibona. Irerekana ko abantu bashoboye kwigumya. Bararuta ibikoko kuko bobo bashobora guhitamwo kudakora ivyo umubiri wabo wipfuje vyose.Abakolosayi 3:5. [5]

Raba akarorero: Hari abahinga bavuga ko ingeso zimwezimwe, nk’ukuba inkazi, zishobora kuba ziterwa n’ingene umuntu aremwe. Bibiliya nta co ivuga idomako ku bintu vyo mu mubiri w’umuntu vyoba bimutera kuba inkazi, ariko irerekana ko hari abantu [b]akaza ishavu” bakagira n’“ubushangashirwe bwiguburiza.” (Imigani 22:24; 29:22) Yamara Bibiliya ivuga kandi iti: “Reka ishavu, uhebe ubushangashirwe.”Zaburi 37:8; Abanyefeso 4:31.

Ni nde ga yemwe yokwanka iyo mpanuro canke yovuga ko ihohotera abantu b’inkazi? N’abo bahinga biyumvira ko ishavu riterwa n’ukuntu umuntu aremwe, nta ko batagira ngo bafashe mwene abo bantu kwiga gutsinda ishavu.

Ivyabona vya Yehova ni ko babona ingeso iyo ari yo yose iteye kubiri na Bibiliya. Aho harimwo n’ukuryamana kw’abadasangiye igitsina batubakanye. Ku bijanye n’izo ngeso zose, Bibiliya iduhanura iti: “Umwe wese muri mwebwe [amenye] kuganza umubiri wiwe bwite mu kwezwa no mw’iteka, atari mu nambu y’umubiri y’intahomwa.”1 Abatesalonika 4:4, 5.

“Ukwo ni ko bamwe muri mwebwe bari bameze”

Ababaye abakirisu mu kinjana ca mbere wasanga bari abantu baciye mu buzima butandukanye, kandi bamwe muri bo bagize amahinduka akomeye cane. Nk’akarorero, Bibiliya ivuga ko bamwe bari ‘abasambanyi, abasenga ibigirwamana, abarenga ibigo canke abagabo baryamana n’abagabo,’ ikongerako iti: “Ukwo ni ko bamwe muri mwebwe bari bameze.”1 Abakorinto 6:9-11.

Kuba Bibiliya ivuga ngo “ukwo ni ko bamwe muri mwebwe bari bameze,” vyoba bisobanura ko abahoze baryamana n’abo basangiye igitsina batigeze basubira kugira icipfuzo co kubikora? Ivyo biragoye kubera ko Bibiliya iduhimiriza kandi iti: “Gume mugenda mwisunga impwemu, ni ho mutazoshitsa icipfuzo c’umubiri na kimwe.”Abagalatiya 5:16.

Urabona ko Bibiliya itavuga ko umukirisu atazokwigera agira icipfuzo kibi. Ahubwo ivuga ko ahitamwo kudashitsa ico cipfuzo. Abakirisu bariga kunanira mwene ivyo vyipfuzo, bakirinda kubigumizako umutima kuko vyotuma babishitsa.Yakobo 1:14, 15. [6]

Bibiliya irerekana rero itandukaniro hagati yo kwipfuza ikintu no kugikora. (Abaroma 7:16-25) Umuntu afise ivyipfuzo vyo kuryamana n’abo basangiye igitsina arashobora kwirinda kugumiza ivyiyumviro vyiwe kuri ivyo vyipfuzo, nk’uko nyene yobigira ku kindi cipfuzo ico ari co cose kibi, nk’ukurenga ibigo, umwina canke ishavu.1 Abakorinto 9:27; 2 Petero 2:14, 15.

Ivyabona vya Yehova barakurikiza amategeko yo muri Bibiliya agenga inyifato runtu. Ariko rero nta we bahatirako ivyo bemera canke ngo bagerageze kwiyamiriza amategeko akingira agateka k’abigenza mu buryo butandukanye n’ubwabo. Ivyabona bashikiriza abantu ubutumwa bwiza kandi baragira umwete wo kububwira abavyipfuza bose.Ivyakozwe 20:20.

^ 1. Abaroma 12:18: “Mubane amahoro n’abantu bose.”

^ 2. Yesaya 48:17: “Jewe Yehova ndi Imana yawe, Umwe akwigisha ibikwungura.”

^ 3. 1 Abakorinto 6:18: “Nimuhunge ubusambanyi.”

^ 4. 1 Petero 2:17: “Mutere iteka abantu b’uburyo bwose.”

^ 5. Abakolosayi 3:5: “Nimwice rero ibihimba vy’umubiri wanyu biri kw’isi ku bijanye n’ubusambanyi, ubuhumane, inambu y’umubiri.”

^ 6. Yakobo 1:14, 15: “Umwe wese arageragezwa iyo akwezwe kandi akaryosharyoshwa n’icipfuzo ciwe bwite. Maze nya cipfuzo iyo gitwaye inda, kivyara igicumuro.”