Ja ku birimwo

Yezu adukiza gute?

Yezu adukiza gute?

Inyishu Bibiliya itanga

 Yezu yarakijije abantu b’intahemuka igihe yatanga ubuzima bwiwe bwa ncungu. (Matayo 20:28) Ni co gituma Bibiliya imwita “Umukiza w’isi.” (1 Yohani 4:14) Irongera ikavuga iti: “Nta wundi ubukiriro bubonerwamwo, kuko ata rindi zina munsi y’ijuru ryatanzwe mu bantu dutegerezwa gukirizwamwo.”​—Ivyakozwe 4:12.

 Yezu ‘yarahonjereje urupfu umuntu wese’ amwizera. (Abaheburayo 2:9; Yohani 3:16) Mu nyuma “Imana yaramuzuye mu bapfuye,” asubira mw’ijuru ari ikiremwa c’impwemu. (Ivyakozwe 3:15) Ng’aho, Yezu arashobora “gukiza rwose abariko baregera Imana biciye kuri we, kuko yama ari muzima kugira atakambe ku bwabo.”​—Abaheburayo 7:25.

Kubera iki dukeneye ko Yezu atakamba ku bwacu?

 Twese turi abacumuzi. (Abaroma 3:23) Igicumuro kiradutandukanya n’Imana kandi kidushikana ku rupfu. (Abaroma 6:23) Ariko Yezu ‘araburanira’ abizera incungu yatanze. (1 Yohani 2:1, Bibiliya Nyeranda) Aratakambira Imana ku bwabo, akayisaba ngo yumve amasengesho bayitura yongere ibaharire ibicumuro yishimikije incungu yiwe. (Matayo 1:21; Abaroma 8:34) Imana irishura izo ntakambo kubera zihuye n’ukugomba kwayo. Imana yarungitse Yezu kw’isi “kugira isi ikizwe biciye kuri we.”​—Yohani 3:17.

Kwizera Yezu vyonyene vyoba bihagije kugira dukizwe?

 Habe namba! Naho kwizera Yezu bikenewe kugira turonke ubukiriro, hariho n’ibindi bisabwa. (Ivyakozwe 16:30, 31) Bibiliya ivuga iti: “Nk’uko umubiri utagira impwemu uba upfuye, ni ko n’ukwizera kutagira ibikorwa kuba gupfuye.” (Yakobo 2:26) Rero kugira dukizwe, dutegerezwa:

  •   Kwiga ivyerekeye Yezu na Se wiwe Yehova.​—Yohani 17:3.

  •   Kubizera.​—Yohani 12:44; 14:1.

  •   Kugaragaza ukwizera kwacu mu kugamburuka amategeko yabo. (Luka 6:46; 1 Yohani 2:17) Yezu yigishije ko atari uwo wese avuga ngo “Mukama, Mukama” azokizwa, ahubwo ko ari “uwukora ukugomba kwa [Se wiwe] ari mw’ijuru.”​—Matayo 7:21.

  •   Kuguma tugaragaza ukwizera n’igihe turi mu ngorane. Ivyo Yezu yarabitomoye igihe yavuga ati: “Uwihanganye gushika kw’iherezo ni we azokizwa.”​—Matayo 24:13.