Ja ku birimwo

Ni gute inkuka ya Yezu ari “incungu ya benshi”?

Ni gute inkuka ya Yezu ari “incungu ya benshi”?

Inyishu Bibiliya itanga

 Inkuka ya Yezu ni co kintu Imana yakoresheje kugira ngo ikize abantu igicumuro n’urupfu. Bibiliya ivuga ko amaraso ya Yezu yasheshwe ari ikiguzi c’incungu. (Abanyefeso 1:7; 1 Petero 1:​18, 19) Ni co gituma Yezu yavuze ko yaje “gutanga ubugingo bgiwe kw incungu ya benshi.”​—Matayo 20:28, Bibiliya Yera.

Ni kubera iki “incungu ya benshi” yakenewe?

 Umuntu wa mbere ari we Adamu, yaremwe atunganye, ni ukuvuga atagira igicumuro. Yari afise akaryo ko kubaho ibihe bidahera, mugabo aragatakaza kubera yahisemwo kugambararira Imana. (Itanguriro 3:​17-​19) Igihe yavyara abana, yarabanduje igicumuro. (Abaroma 5:​12) Ni co gituma Bibiliya ivuga ko Adamu yigurishije yongera agurisha abana biwe ngo babe abaja b’igicumuro n’urupfu. (Abaroma 7:​14) Kubera ko badatunganye, nta n’umwe muri bo yoshoboye kugaruza ico Adamu yatakaje.​—Zaburi 49:​7, 8.

 Imana yarumviye impuhwe uruvyaro rwa Adamu kubera ko batari bagifise icizigiro. (Yohani 3:​16) Yamara rero, ubutungane bw’Imana bwasaba ko idapfa gusa kwirengagiza ibicumuro vyabo ata shingiro ryumvikana rihari. (Zaburi 89:14; Abaroma 3:​23-​26) Imana irakunda abantu. Yaciye rero itanga ikintu cemewe n’amategeko cari gikenewe kugira ibicumuro vyabo bibabarirwe vyongere bihanagurwe. (Abaroma 5:​6-8) Ico kintu cemewe n’amategeko ni incungu.

Incungu ikora gute?

 Muri Bibiliya, ijambo “incungu” ryerekeza kuri ibi bintu bitatu:

  1.   Ni indishi.​—Guharūra 3:​46, 47.

  2.   Ituma haba ukurekurwa, canke ukubohorwa.​—Kuvayo 21:30.

  3.   Inganya agaciro n’ico irishe, ikagipfuka. a

 Rimbura ukuntu ivyo bintu bihuye n’inkuka y’incungu ya Yezu Kristu.

  1.   Indishi. Bibiliya ivuga ko abakirisu “[b]aguzwe ikiguzi.” (1 Abakorinto 6:​20; 7:​23) Ico kiguzi ni amaraso ya Yezu, ayo yakoresheje mu “[kugurira] Imana abantu bo mu muryango wose n’ururimi rwose n’igisata cose n’ihanga ryose.”​—Ivyahishuwe 5:​8, 9.

  2.   Ukurekurwa. Inkuka ya Yezu ituma ‘tubohorwa biciye ku ncungu,’ tukababarirwa ibicumuro vyacu.​—1 Abakorinto 1:​30; Abakolosayi 1:​14; Abaheburayo 9:​15.

  3.   Ukungana. Inkuka ya Yezu ingana neza na neza n’ico Adamu yatakaje, ni ukuvuga ubuzima bw’umuntu atunganye. (1 Abakorinto 15:21, 22, 45, 46) Bibiliya ivuga iti: “Nk’uko benshi bagizwe abacumuzi bivuye ku bugambarazi bw’umuntu umwe [Adamu], ni na ko benshi bazogirwa abagororotsi bivuye ku bugamburutsi bwa wa muntu umwe [Yezu Kristu].” (Abaroma 5:​19) Ivyo birasigura igituma urupfu rw’umuntu umwe rushobora kuriha incungu y’abacumuzi benshi. Nkako, inkuka ya Yezu ni “incungu y’indinganire ku bw[’abantu] bose” bakora ibikenewe kugira bayungukireko.​—1 Timoteyo 2:​5, 6.

a Muri Bibiliya, amajambo yo mu rurimi rw’intango yahinduwe ngo “incungu” atekeye iciyumviro c’ikiguzi canke ikintu c’agaciro, batanga mu kuriha. Nk’akarorero, irivuga ry’igiheburayo ka·pharʹ ahanini risobanura “gupfuka.” Akenshi ryerekeza ku gupfuka igicumuro. (Zaburi 65:3) Izina koʹpher rivuye muri iryo rivuga, ryerekeza ku kiguzi kirihwa kugira ngo ukwo gupfukwa, ari kwo gucungurwa, gushoboke. (Kuvayo 21:30) Ijambo ry’ikigiriki lyʹtron na ryo nyene, irikunze guhindurwa ngo “incungu,” rirashobora no guhindurwa ngo “ikiguzi c’icungurwa.” (Matayo 20:28; Isezerano rishasha mu mvugo ya none, ryanditswe na Weymouth mu congereza) Abanditsi b’ikigiriki bakoresheje iryo jambo mu kwerekeza ku ndishi itangwa kugira imbohe y’intambara canke umushumba barekurwe.