Ja ku birimwo

Ishure

Ishure rirakuronsa akaryo ko kwerekana ko ubwenge bwawe bukora neza, ko ushoboye kuguma utekanye kandi unezerewe be n’uko ushoboye kuguma uri intahemuka ku Mana. Ni gute wokwiga amashure utarinze gushuha umutwe?

Nokwumvikana gute n’umwigisha wanje?

Nimba ufise umwigisha agoye, si ngombwa ngo uce uheba ishure. Nugerageze gushira mu ngiro ivyiyumviro vyatanzwe.

Woba wanka ishure?

Umwigisha wawe yoba arambira? Woba ubona ivyigwa bimwebimwe nk’ugutakaza umwanya?

Nokora iki hamwe noba ndiko ndananirwa kw’ishure?

Imbere yo kwihebura, nurabe ibintu bitanu kugira uronke amanota meza.

Wokora iki igihe hari uwugutoteza?

Benshi mu batotezwa bumva ko batagira gitabara. Iki kiganiro kirasigura icokorwa kugira ibintu birushirize kugenda neza.

Nokwihanganira gute agatotezo?

Urashobora kudahindura uwugutoteza ariko urashobora guhindura uko uvyifatamwo utotejwe.

Nuneshe uwugutoteza utamuriye n’urwara

Raba igituma hari abatoteza abandi n’ingene wovyifamwo igihe utotejwe.

Kubera iki wokwiga urundi rurimi?

Ni intambamyi izihe umuntu ashobora guhura na zo? Kandi ni ivyiza ibihe bivamwo?

Ivyogufasha kwiga urundi rurimi

Kwiga ururimi rushasha bisaba kwimenyereza, umwanya n’akigoro. Uwu mwimenyerezo uzogufasha kumenya ingene wokwiga ururimi rushasha kandi ukarumenya.