Ja ku birimwo

Kurondera uwo mukundana

Aho uciye hose, uhabona umuhungu n’umukobwa bakundanye. Woba ugeze kurondera uwo mukundana? Nimba ugeze, ni ibiki wokora kugira wirinde ingorane maze ufate ingingo nziza zizotuma ugira agahimbare mu rugo?

Imbere yo gukundana

Noba ngeze kurondera uwo dukundana?

Ibintu bitanu vyogufasha kumenya nimba ugeze gukundana no kwubaka urwawe.

Gukinisha urukundo hoba hari ico bitwaye?

Neza na neza gukinisha urukundo ni iki? Kubera iki bamwebamwe babigira? Vyoba birimwo akaga?

Ni ubugenzi gusa canke ni ugukinisha urukundo?

Mesaje umuntu umwe ashobora kubona ko ari iy’ubugenzi, uwundi yoshobora kuyibona ko ari iyo gukinisha urukundo. Wokwirinda gute kurungika amamesaje atabereye?

Bwoba ari ubugenzi canke ni urukundo?—Igice ca 1: Nobimenya gute?

Raba ibintu vyogufasha kumenya nimba umuntu ashaka ko mukundana canke ko muba abagenzi gusa.

Bwoba ari ubugenzi canke ni urukundo?—Igice ca 2: Nobimenya gute?

Umugenzi wawe yoba yibaza ko ico ushaka atari ubugenzi busanzwe gusa? Raba impanuro zogufasha.

Suzuma ko ari ubugenzi canke urukundo

Woba wipfuza kumenya ko ivyanyu babiri ari urukundo canke ubugenzi busanzwe? Ishura ibi bibazo ku bikwerekeye no kuvyerekeye mugenzawe.

Kwishingira uturimbi

Niwirinde guha abo mudasangiye igitsina utumwa butari bwo.

Igihe ukundana n'umuntu

Ni ibiki nokwitega mu kiringo co kumenyana?

Ibintu bitatu mworimbura uko ubucuti bwanyu burushiriza gukomera.

Rwoba ari urukundo canke ni igihababu?

Menya insobanuro y’urukundo rw’igihababu n’urukundo nyakuri.

Bibiliya ivuga iki ku bijanye no kubana mutanditswe?

Ubuyobozi Imana itanga burafasha kuroranirwa mu mibano y’abubatse, kandi abakurikiza impanuro itanga bama baroranirwa.

Ivyabona vya Yehova boba bashinga amategeko agenga ivy’ugukundana?

Gukundana bwoba ari uburyo bwo kwinezereza gusa canke bisigura ikindi kintu?

Urukundo nyakuri ni iki?

Impanuro Bibiliya itanga zirashobora gufasha umuntu kubona ingene yohitamwo neza uwo bazokwubakana n’ingene yomukunda vy’ukuri bamaze kurushinga.

Igihe uhebanye n'uwo mwakundana

Igihe ubucuti buhagaze

Ni igiki cogufasha kwihanga igihe muhebanye n’umuntu maze ubuzima bukabandanya?

Nokwihangana gute duhebanye n’uwo twakundana?

Raba ingene wokwikuramwo agahinda.

Nokwihangana gute duhebanye n’uwo twakundana?

Ibintu bivugwa muri uwu mwimenyerezo birashobora kugufasha gutera uja imbere.