Ja ku birimwo

ICOFASHA UMURYANGO | UMUBANO

Ingene twokwiyemeza ko utwuma two mu buhinga bwa none tutatwaye ikibanza gihambaye mu buzima bwacu

Ingene twokwiyemeza ko utwuma two mu buhinga bwa none tutatwaye ikibanza gihambaye mu buzima bwacu

 Gukoresha utwuma two mu buhinga bwo none birashobora kugirira akamaro umubano wanyu canke bikawonona. None utwo twuma turiko tugira ingaruka izihe ku mubano wanyu?

 Ico ukwiye kumenya

  •   Gukoresha neza utwuma two mu buhinga bwa none birashobora kugirira akamaro umubano. Nk’akarorero, abubatse bamwebamwe baradukoresha mu kuguma bahanahana amakuru igihe umwe wese ari mu dukorwa twiwe twa misi yose.

     “Akamesaje gasanzwe nka ‘Ndagukunda’ canke ‘Nariko ndakwiyumvira’ karashobora gutuma abubakanye barushiriza kwiyumvanamwo.”​—Jonathan.

  •   Gukoresha nabi utwuma two mu buhinga bwa none birashobora kwonona umubano wanyu. Nk’akarorero, abantu bamwebamwe baramara umwanya munini bariko barakoresha utwo twuma, ivyo bikaba bituma bataronka umwanya uhagije wo kwitwararika abo bubakanye.

     “Ndazi ko hari ibihe umugabo wanje aba ashaka kunyagisha ariko ugasanga nibereye kuri telefone.”​—Julissa.

  •   Hari abavuga ko bashobora kuganira neza n’abo bubakanye naho boba bariko barakoresha telefone. Umuhinga mu vy’imibano yitwa Sherry Turkle avuga ko ivyo biva ku kuba abantu biyumvira ko bashobora gukora ibintu vyinshi icarimwe. Ariko ukwo ni ukwihenda. Uwo muhinga avuga ko “uko turushiriza gukora ibintu vyinshi icarimwe ari ko turushiriza kubikora nabi vyose.” a

     “Kuyaga n’umugabo wanje igihe atari mu bindi birandyohera. Iyo turiko turaganira yibereye mu bindi ni nk’aho aba anyeretse ko yohimbarwa no kuguma yikoreshereza akuma kiwe gusa.”​—Sarah.

 Iciyumviro nyamukuru: Ukuntu ukoresha utwuma two mu buhinga bwa none birashobora kugirira akamaro umubano wanyu canke bikawonona.

 Ico wokora

 Nushinge ibikwiye kuja imbere y’ibindi. Bibiliya ivuga iti: “Mwiyemeze neza ibihambaye kuruta ibindi ivyo ari vyo.” (Abafilipi 1:10) Niwibaze uti: ‘Umwanya twe n’uwo twubakanye tumara ku twuma two mu buhinga bwa none, woba utuma bitagikunda ko twitwararikana hagati yacu?’

 “Birababaje kubona umugabo n’umugore bariko barafungura muri resitora, ariko umwe wese ariko arifyondagurira telefone. Ntitwipfuza ko utwuma two mu buhinga bwa none tutwigarurira ku buryo twibagira ikintu gihambaye kuruta ibindi, na co kikaba ari ubucuti dufitaniye.”​—Matthew.

 Niwishingire uturimbi. Bibiliya ivuga iti: “Mugume muraba neza ukuntu mugenda, ntimugende nk’abatagira ubukerebutsi ariko mugende nk’abantu b’inkerebutsi, mwicungurira umwanya ubereye.” (Abanyefeso 5:15, 16) Niwibaze uti: ‘Noba noshinga umwanya wo gusoma no kwishura amamesaje atihuta aho guca nishura mesaje yose mba ndonse?’

 “Nasanze ari vyiza kuzimya telefone yanje, nkaza kwishura amamesaje ndonse umwanya ubereye. Ni gake usanga baguterefonye canke bakwandikiye mesaje yihuta ikeneye kwishurwa ubwo nyene.”​—Jonathan.

 Nimba bishoboka, ntukore ibikorwa vyo ku kazi mu mwanya utari uw’akazi. Bibiliya ivuga iti: “Ikintu cose kirafise igihe cashingiwe.” (Umusiguzi 3:1) Niwibaze uti: ‘Noba ndeka akazi kanje kagahungabanya urugo rwanje kubera naho mba ndi muhira nguma nkora biciye kuri telefone? Nimba bihora bishika, biriko biragira ingaruka izihe ku mubano wanje? Uwo twubakanye yobivugako iki?’

 “Kubera ubuhinga bwa none, turashobora gukora umwanya uwo ari wo wose. Vyansavye akigoro kugira sinze ndakubitiza akajisho kuri telefone yanje nkaca ntagura gukora ibijanye n’akazi kanje igihe mba ndi kumwe n’umukenyezi wanje.”​—Matthew.

 Nuganire n’uwo mwubakanye ukuntu mukoresha utwuma two mu buhinga bwa none. Bibiliya ivuga iti: “Umuntu wese ntagume arondera akarusho kiwe bwite, ahubwo arondere ak’uwundi.” (1 Abakorinto 10:24) Nuganire n’uwo mwubakanye ukuntu umwe wese muri mwebwe akoresha utwuma two mu buhinga bwa none maze musanze hari ico mukeneye guhindura muce mugihindura. Mu gutangura, murashobora kwisunga ibintu vyo kuganirako biri muri kino kiganiro.

 “Twe n’umunega wanje turabwirana ukuri kandi turakeburana igihe hari uwubonye ko mugenziwe ariko arakoresha cane telefone canke tablette. Twese turazi neza ko iyo ishobora kuba ingorane, rero umwe wese araha agaciro ivyiyumviro vy’uwundi.”​—Danielle.

 Iciyumviro nyamukuru: Niwiyemeze ko utwuma two mu buhinga bwa none tutakwigarurira, ahubwo ko udukoresha mu buryo ngirakamaro.

a Vyakuwe mu gitabu Reclaiming Conversation​—The Power of Talk in a Digital Age.