Ja ku birimwo

Ja ku rutonde rw’ibirimwo

ICOFASHA UMURYANGO | UMUBANO

Ingene mwoganira akababakiye

Ingene mwoganira akababakiye

INGORANE

Igihe mwe n’uwo mwubakanye muriko muraganira ku ngorane kanaka, ibintu vyoba bica vyunyuka? Nimba ari ukwo biri, murashobora kugira ivyo muryohoye. Ariko rero, hariho ibintu bikeyi mukwiye kubanza kumenya ku bijanye n’itandukaniro riri hagati y’ukuntu abagabo baganira n’ukuntu abagore baganira. *

ICO UKWIYE KUMENYA

Akenshi abagore bashima kubanza kuvuga ingorane imbere yo kwumva umuti wayo. Nkako, hari igihe kuvuga iyo ngorane vyonyene biba bihagije.

“Ndumva nduhutse iyo naseruye ukuntu niyumva kandi nkabona ko umugabo wanje antahura. Maze kubiserura, inyuma y’iminuta nk’ingahe nca numva norohewe.”—Sirppa. *

“Nta mahoro ndonka ntariganira umugabo wanje ukuntu niyumva. Ndabivuze biba biheze.”—Ae-Jin.

“Ni nko kugira itohoza. Iyo turiko turaganira ku ngorane kanaka, ngenda ndasuzuma imice yayo yose, nkagerageza kubona icayiteye.”—Lurdes.

Abagabo bakunda kurondera umuti w’ingorane. Ivyo birumvikana kuko gutunganya ingorane bituma umugabo yumva ko hari ico amaze. Gutorera umuti ingorane ni uburyo bwo kwereka umugore wiwe ko ashoboye kumufasha. Ni co gituma abagabo batabitahura igihe abakenyezi babo badaciye bemera umuti batanze. Umugabo yitwa Kirk avuga ati: “Sintahura ingene wovuga ingorane ufise udashaka umuti wayo!”

Ariko rero igitabu kimwe kivuga giti: “Banza utahure imbere yo gutanga impanuro. Ukwiye kwereka uwo mwubakanye ko utahura neza ingorane afise be n’uko musangiye umubabaro imbere yo gutanga umuti wayo. Akenshi ntaba akeneye ko utorera umuti iyo ngorane, aba akeneye gusa ko umutega ugutwi.”Les couples heureux ont leurs secrets. Les sept lois de la réussite.

ICO WOKORA

Abagabo: Niwige kwumviriza ubigiranye impuhwe. Umugabo yitwa Tomás avuga ati: “Iyo mpejeje kwumviriza umukenyezi wanje, hari igihe nibwira nti: ‘Aha ndamufashije iki?’ Ariko akenshi ni co nyene aba akeneye, aba ashaka ko ndamutega ugutwi.” Uwitwa Stephen arabishigikira. Agira ati: “Nasanze ari vyiza kureka umukenyezi wanje agaserura akamubakiye ntamuciriyemwo. Iyo ahejeje gusuka ibimuri ku mutima, akenshi aca ambwira ko yumva aruhutse.”

Nugerageze iki kintu: Ikindi gihe niwaba uriko uraganira n’umukenyezi wawe ku ngorane kanaka, uririnda kwihutira gutanga umuti. Numurabe mu maso kandi ushire umutima ku vyo avuga. Numwereke ko wemera ivyo ariko aravuga mu kuzunza umutwe. Nusubiremwo iciyumviro nyamukuru c’ivyo ariko aravuga kugira umwereke ko wabitahuye. Umugabo yitwa Charles avuga ati: “Rimwe na rimwe umukenyezi wanje aba akeneye gusa kumenya ko ndamutahura be n’uko ndamushigikiye.”Iciyumviro co muri Bibiliya: Yakobo 1:19.

Abagore: Nutomore ico ukeneye. Umukenyezi yitwa Eleni avuga ati: “Vyitezwe ko abanega bacu bamenya ico dukeneye, ariko hari igihe biba ngombwa ko tukibatomorera.” Umugore yitwa Ynez aratwiganira ingene abigenza, ati: “Hari igihe mvuga nti: ‘Hari ikintu kimbujije amahoro, nshaka rero ko unyumviriza. Sinkeneye ko ugitorera umuti, nshaka gusa ko utahura uko niyumva.’”

Nugerageze iki kintu: Umunega wawe niyihutira kukubwira umuti w’ingorane, ntuce wiyumvira ko atakubabaye. Hari aho yoba ariko arondera kugufasha. Ester avuga ati: “Aho kubabara, nca mbona ko umugabo wanje anyitaho, kuko ataba ashaka kuntega ugutwi vyonyene, ahubwo aba ashaka no kumfasha.”Iciyumviro co muri Bibiliya: Abaroma 12:10.

Abagabo n’abagore: Dukunze gufata abandi nk’uko twipfuza ko na bo badufata. Yamara rero, kugira muganire neza ku ngorane, ukwiye kwitwararika ukuntu uwo mwubakanye yipfuza ko umufata. (1 Abakorinto 10:24) Umugabo yitwa Miguel agira ati: “Nimba uri umugabo, niwige kwumviriza. Nimba uri umugore, ntubabare bishitse umugabo wawe akihutira kukubwira umuti w’ingorane. Mwemeye guheberanira, mwese murahungukira.”Iciyumviro co muri Bibiliya: 1 Petero 3:8.

^ ing. 4 Ibintu tugiye kuvuga birashobora kuba atari ko vyifashe ku bagabo bose canke ku bagore bose. Ariko impanuro zitangwa muri iki kiganiro zirashobora gufasha abubakanye gutahurana no kuganira bahuza.

^ ing. 7 Muri iki kiganiro, abavugwamwo si ko basanzwe bitwa.