Ja ku birimwo

Ja ku rutonde rw’ibirimwo

IKIGANIRO GIHUYE N’IBIRI KU GIPFUKISHO | IKIBAZO C’INDIMI CARAKEMUTSE!

Urugamba rwo kuva kera

Urugamba rwo kuva kera

INDIMI umuyoro zivugwa mw’isi (ubu zikaba zishika 7.000) zirashobora gutuma ivyo kugira ingendo, ukudandaza, ukwiga hamwe n’ivy’intwaro bitoroha. Ivyo vyahereye kera. Nk’akarorero, ku ngoma y’Umwami Ahasuwerusi (bikaba bishoboka ko ari Zeruzi wa mbere), ubu hakaba haciye imyaka 2.500, Abaperesi bararungitse mu nganji yabo yose ingingo zari zafashwe, kuva “mu Buhindi [gu]shika muri Etiyopiya, intara z’ubutware ijana na mirongo ibiri n’indwi, intara y’ubutware imwimwe yose yandikirwa mu nyandiko yayo, n’igisata kimwekimwe cose candikirwa mu rurimi rwaco.” *

Muri iki gihe, nta shirahamwe na rimwe canke leta n’imwe yokwihanga ico kintu. Ariko hariho ishirahamwe rimwe ryagishoboye. Ivyabona vya Yehova barasohora ibinyamakuru, amavidewo, ibitabu n’ibindi vyinshi, udasize inyuma Bibiliya, mu ndimi zirenga 750. Aho harimwo indimi nka 80 z’ibimenyetso. Ivyabona kandi barasohora ibitabu biri mu nyuguti zitandukanye z’impumyi.

Igitangaje ni uko ivyo bikorwa vyose ata mahera bibinjiriza. Washaka, abahindura ivyo bitabu n’abandi bakorana bose ntibahembwa. Ni kubera iki none bita ku rutare bagahindura ibitabu mu ndimi nyinshi gutyo, kandi ico gikorwa kigenda gute?

^ ing. 3 Raba muri Bibiliya, muri Esiteri 8:9.