Ja ku birimwo

Ni ibiki vyashikiye Ivyabona vya Yehova mu gihe ca rya honyabwoko ryagirwa n’Abanazi?

Ni ibiki vyashikiye Ivyabona vya Yehova mu gihe ca rya honyabwoko ryagirwa n’Abanazi?

 Ivyabona vya Yehava nka 1.500 barapfuye mu gihe ca rya honyabwoko ryagirwa n’Abanazi. Abo bari mu Vyabona nka 35.000 baba mu Budagi no mu bindi bihugu vyatwarwa n’Abanazi. Bamwebamwe muri bo nta wuzi icatumye bapfa. Kubera ko amatohoza akibandanya, ibitigiri n’amakuru y’ido n’ido birashobora kuza birahinduka.

 Bapfuye gute?

  • Icuma Abanazi bakoresha mu guca imitwe abantu

      Barishwe: Ivyabona hafi 400 barishwe mu Budagi no mu bindi bihugu vyatwarwa n’Abanazi. Benshi muri bo bararengukijwe muri sentare, bacirwa urwo gupfa maze barabaca imitwe. Abandi bararashwe canke baramanikwa batabanje kuburana.

  •   Bapfunzwe mu buryo bubi cane: Ivyabona barenga 1.000 barapfiriye mu makambi y’Abanazi yakorerwamwo ibikorwa vy’umuruho no mu mabohero. Bapfuye kubera ibikorwa vy’umuruho bakora, gusinzikarizwa ubuzima, inzara, imbeho, indwara canke kutavurwa neza.“Hari n’abandi barekuwe inyuma y’Intambara ya kabiri y’isi yose, ariko haciye igihe gito baciye bapfa kubera ko bari barafashwe nabi cane igihe bari bapfunzwe.”

  •   Izindi mvo: Hari Ivyabona biciwe mu vyumba vyarimwo imyuka y’ubumara, abandi bapfa kubera abaganga babapimiyeko imiti mishasha n’uburyo bushasha bwo kuvura, abandi na bo bapfa kubera ko babateye inshinge zo kubica.

 Kubera iki babahamye?

 Ivyabona vya Yehova bahamwa kubera bumira ku vyo Bibiliya yigisha. Igihe Abanazi baba basavye Ivyabona gukora ibintu Bibiliya yiyamiriza, ntibemera kubikora. Bahitamwo “kugamburukira Imana nka yo mutware aho kugamburukira abantu.” (Ivyakozwe 5:29) Babigize muri iyi mice ibiri:

  1.   Ntibaja muri politike. Cokimwe n’Ivyabona bose bo muri iki gihe, Ivyabona vya Yehova babayeho mu gihe c’Abanazi ntibaja muri politike. (Yohani 18:36) Ku bw’ivyo baranka:

  2.   Bagumye bakora ibikorwa bijanye n’ukwizera kwabo. Naho Abanazi bari bababujije gukora ibikorwa bijanye n’ukwizera kwabo, ivyo Vyabona babandanije:

 Profeseri Robert Gerwarth avuga ko mu bantu bose babayeho mu gihe c’intwaro y’Abanazi, Ivyabona vya Yehova “ari bo bonyene bahamwe ata kindi bahorwa atari ukwizera kwabo.” a Abantu bari kumwe n’Ivyabona mu makambi yakorerwamwo ibikorwa vy’umuruho barabakeje kubera bashikamye ku mpagararo yabo. Umwe muri bo yavuze ati: “Ntibaja mu ntambara. Bapfuma bemera gupfa hako baja kwica abandi.”

 Bapfiriye he?

  •   Mu makambi yakorerwamwo ibikorwa vy’umuruho: Benshi mu Vyabona bapfiriye mu makambi yakorerwamwo ibikorwa vy’umuruho. Bari mu makambi nk’aya: Auschwitz, Buchenwald, Dachau, Flossenbürg, Mauthausen, Neuengamme, Niederhagen, Ravensbrück, na Sachsenhausen. Ibiharuro vyerekana ko i Sachsenhausen honyene hapfiriye Ivyabona nka 200.

  •   Mu mabohero: Hari Ivyabona basinzikarijwe ubuzima bari mu mabohero gushika n’aho bapfa. Abandi bapfuye kubera bari barakomerekejwe cane mu gihe co gusambishwa.

  •   Mu bibanza biciwemwo: Ivyabona vya Yehova biciwe ahanini mu mabohero ya Berlin-Plötzensee, Brandenburg, na Halle/Saale. Vyongeye, vyavuzwe ko hari ibindi bibanza nka 70 Ivyabona biciwemwo.

 Bamwebamwe mu bishwe

  •  Izina: Helene Gotthold

     Ikibanza yiciwemwo: Plötzensee (Berlin)

     Helene, umukenyezi akaba na nyina w’abana babiri, yarafashwe incuro zitari nke. Mu 1937 yarakubaguwe cane ariko arasambishwa gushika n’aho imbanyi yari afise ikoroka. Ku wa 8 Kigarama 1944 yaraciwe umutwe mw’ibohero ry’i Plötzensee i Berlin.

  •  Izina: Gerhard Liebold

     Ikibanza yiciwemwo: Brandenburg

     Gerhard w’imyaka 20 yaciriwe umutwe mw’ibohero rya Brandenburg ku wa 6 Rusama 1943, haheze imyaka ibiri se wiwe aciriwe umutwe muri iryo bohero nyene. Mw’ikete yanditse ryo gusezera umuryango wabo hamwe n’umufyanse wiwe, yavuze ati: “Iyo hataba ububasha bw’Umukama, sinari gushobora kurengana iki kigeragezo.”

  •  Izina: Rudolf Auschner

     Ikibanza yiciwemwo: Halle/Saale

     Rudolf yari afise imyaka 17 gusa igihe bamuca umutwe ku wa 22 Nyakanga 1944. Mw’ikete yanditse ryo gusezera nyina wiwe, yavuze ati: “Abavukanyi benshi barishwe muri ubu buryo. Ubu ni je nshikiriwe.”

a Hitler’s Hangman: The Life of Heydrich, urupapuro rwa 105.