Ja ku birimwo

Ja ku rutonde rw’ibirimwo

IKIGANIRO GIHUYE N’IBIRI KU GIPFUKISHO | IVYABONA VYA YEHOVA NI BANDE?

Kubera iki bamamaza?

Kubera iki bamamaza?

Abantu benshi baratuzi kubera ko twamamaza cane, haba inzu ku nzu, mu bibanza vya bose n’ahandi hose dushobora gusanga abantu. Kubera iki none twamamaza?

Twamamaza kugira tuninahaze Imana twongere tumenyekanishe izina ryayo. (Abaheburayo 13:15) Twipfuza kandi kugamburukira Kristu Yezu, we yadutegetse ati: “Nimugende rero muhindure abantu bo mu mahanga yose abigishwa, . . . mubigish[e] kwubahiriza ibintu vyose nabategetse.”Matayo 28:19, 20.

Ariko kandi turakunda bagenzi bacu. (Matayo 22:39) Turazi ko abantu nka bose bafise ivyo bemera kandi ko atari bose bahimbarwa n’ivyo twigisha. Ariko turatahura ko ivyo Bibiliya yigisha birokora ubuzima. Ni co gituma tubandanya ‘kwigisha no kumenyesha inkuru nziza yerekeye Kristu tudatezura,’ nk’uko abakirisu bo mu kinjana ca mbere babigira.Ivyakozwe 5:41, 42.

Umuhinga mu vy’imibano yitwa Antonio Cova Maduro yaranditse ibijanye “n’utwigoro Ivyabona vya Yehova bagira, mbere bakanasanzara  . . . kugira gusa ivyanditswe vyeranda bishike mu mihingo ya kure y’isi.”—Vyakuwe mu kinyamakuru kimwe (El Universal) co muri Venezuwela

Abasoma ibinyamakuru vyacu bose si Ivyabona vya Yehova. N’abantu amamiliyoni twigisha Bibiliya bari mu madini atandukanye. Ariko barahimbarwa n’uko Ivyabona vya Yehova babagendera.

Ego ni ko, mushobora kuba mufise ibindi bibazo ku vyerekeye Ivyabona vya Yehova. Tubaremesheje kurondera inyishu zavyo:

  • Mu kubaza umwe mu Vyabona vya Yehova.

  • Mu kuja ku muhora wacu www.ps8318.com.

  • Mu kwitaba amakoraniro yacu. Agirwa ku buntu kandi nta n’umwe yimiriwe.