Ja ku birimwo

Mwoba mwubahiriza ayandi madini?

Mwoba mwubahiriza ayandi madini?

 Dukurikiza impanuro yo muri Bibiliya idusaba ‘kwubaha abantu bose,’ ata kuraba ivyo bemera mu vy’idini. (1 Petero 2:17, Bibiliya Yera) Nk’akarorero, hari ibihugu usanga Ivyabona vya Yehova ari ibihumbi amajana. Naho ari ukwo, ntiduhata abanyapolitike canke abashinga amategeko ngo babuze ibikorwa bimwebimwe vy’ayandi madini canke ngo bayahagarike gukora. Eka kandi ntitugira imyiyerekano yo gusaba ko hashirwaho amategeko asaba abandi bantu kwisunga imico runtu tugenderako canke kwemera ivyo twemera. Ahubwo riho, turubahiriza abandi nk’uko natwe twipfuza ko batwubahiriza.—Matayo 7:12.