Ja ku birimwo

Ja ku rutonde rw’ibirimwo

Inyishu z’ibibazo bishingiye kuri Bibiliya

Inyishu z’ibibazo bishingiye kuri Bibiliya

Ni kubera iki muri Bibiliya hari ubuhanuzi?

Kubera iki bibiliya idondora ibintu biba muri iki gihe?Luka 21:10, 11.

Muri Bibiliya turahasanga amajambo menyeshakazoza menshi canke ubuhanuzi bwinshi. Nta muntu n’umwe yoshobora kuvuga ido n’ido ry’ibintu bizoba. Iranguka rero ry’ubuhanuzi buvugwa muri Bibiliya riradukura amazinda ko Bibiliya ari Ijambo ry’Imana.Soma Yosuwa 23:14; 2 Petero 1:20, 21.

Ubuhanuzi bwo muri Bibiliya bumaze kuranguka buratuma twizera Imana. (Abaheburayo 11:1) Buratuma kandi twizigira tudakeka ko ivyiza Imana yadusezeraniye bizoranguka. Ubuhanuzi bwo muri Bibiliya rero butuma tugira icizigiro ntakekeranywa.Soma Zaburi 37:29; Abaroma 15:4.

Ubuhanuzi bwo muri Bibiliya budufasha gute?

Ubuhanuzi bumwebumwe buraburira abasavyi b’Imana bugatuma bagira ico bakoze. Nk’akarorero igihe abakirisu bo mu kinjana ca mbere babona iranguka ry’ubuhanuzi bumwebumwe baciye bava i Yeruzalemu. Mu nyuma igihe ico gisagara casangangurwa kubera abantu benshi baho batemeye Yezu, abo bakirisu bobo bari bibereye ahantu hatagira inkomanzi.Soma Luka 21:20-22.

Muri iki gihe, ubuhanuzi bumaze kuranguka burerekana ko vuba Ubwami bw’Imana bugiye gukuraho intwaro z’abantu. (Daniyeli 2:44; Luka 21:31) Ku bw’ivyo birihutirwa cane ko umuntu wese agira ico akoze kugira yemerwe n’Umwami Yezu Kristu, uwagenywe n’Imana.Soma Luka 21:34-36.