Matayo 11:1-30

  • Yezu ahayagiza Yohani Umubatizi (1-15)

  • Yezu anebagura urunganwe rw’abantu batagira ukwizera (16-24)

  • Ashemeza Se wiwe kubera yitaho abantu batobato (25-27)

  • Ingogo ya Yezu iraruhura (28-30)

11  Yezu ahejeje kubwira abigishwa biwe 12 ivyo bakwiye kwisunga, aca ava ng’aho aja kwigisha no kwamamaza inkuru nziza mu bisagara vyabo+.  Mugabo Yohani amaze kwumvira mw’ibohero+ ivyo Kristu ariko arakora, arungika abigishwa biwe+  kumubaza bati: «Woba uri umwe twari twiteze, canke turindire uwundi+  Yezu abishura ati: «Genda mubwire Yohani ivyo mwumva n’ivyo mubona+:  impumyi ubu zirabona+, abacumbagira baratambuka, abanyamibembe+ barahumanurwa, abatumva barumva, abapfuye barazurwa kandi abakene barabwirwa inkuru nziza+.  Hahiriwe umuntu adatsitazwa n’ivyanje+  Abigishwa ba Yohani bagiye, Yezu atangura kubwira amasinzi y’abantu ivyerekeye Yohani ati: «Mwagiye mu bugaragwa kuraba iki+? Irenga rihungaba⁠nywa n’umuyaga+?  None mwagiye kuraba iki? Umuntu yambaye impuzu nzizanziza*? Erega abambara impuzu nzizanziza bari mu nzu z’abami.  None vy’ukuri mwagiyeyo kubera iki? Kuraba umuhanuzi? Emwe ndabibabwiye, mbere araruta umuhanuzi kure n’iyo+. 10  Uwo ni umwe avugwa mu vyanditswe ngo: “Ehe ntumye intumwa yanje imbere yawe, kandi izotegura inzira imbere yawe+!” 11  Ni ukuri ndabibabwiye, mu bantu bose babayeho* ntihigeze haboneka uwuruta Yohani Umubatizi. Ariko umuntu mutoyi mu Bwami bwo mw’ijuru aramuruta+. 12  Kuva Yohani Umubatizi aje gushika ubu, abantu baguma baniganira Ubwami bwo mw’ijuru, kandi abumirako barabucakira+. 13  Nkako, ivyanditswe n’abahanuzi hamwe n’amategeko* vyose vyavuze ibizoba gushika kuri Yohani+, 14  kandi nimba mushaka kuvyemera, ni we “Eliya abwirizwa kuza+.” 15  Uwuri n’amatwi niyumve. 16  Mbega abantu b’iki gihe* ndabagereranye na nde+? Bameze nk’abana bicaye mw’isoko, basemerera babwira abo bakinana bati: 17  “Twabavugirije umwironge ariko ntimwatamvye. Twaboroze ariko ntimwikubitaguye ku gikiriza kubera umubabaro.” 18  Muri ubwo buryo nyene, Yohani yaje atarya, atanywa, ariko abantu bavuga ngo: “Arimwo idayimoni.” 19  Umwana w’umuntu yaje arya, anywa+, ariko abantu bavuga ngo: “Ng’uyu umukunzi w’inda kandi yatwawe n’umuvinyu, umugenzi w’abatozakori n’abacumuzi+.” Ariko ubukerebutsi bubonekera ku bikorwa vyabwo*+ 20  Atangura rero kunegura ibisagara yakoreyemwo ibitangaro* vyinshi, kuko abantu baho batigaye. Avuga ati: 21  «Uragowe Korazini! Uragowe Betsayida! Kuko ibitangaro vyakorewe iwanyu iyo biza kuba vyakorewe i Tiro n’i Sidoni, abantu bo muri ivyo bisagara baba barigaye kera bambaye amagunira kandi bicaye mu minyota+. 22  Ndababwiye ko ku musi w’urubanza, ivya Tiro na Sidoni bizoba bigendeka kuruta ivyanyu+. 23  Nawe Kaperinawumu+, wibaza ko uzoduga gushika kw’ijuru? Ahubwo uzomanuka mu kuzimu+, kuko ibitangaro vyakorewe iwanyu iyo biza kuba vyakorewe i Sodomu, haba hakiriho gushika n’uyu musi. 24  Ariko ndababwiye ko ku musi w’urubanza, ivy’igihugu ca Sodomu bizoba bigendeka kuruta ivyanyu+ 25  Muri uwo mwanya, Yezu aca avuga ati: «Ndagushemeza icese Dawe, Mukama w’ijuru n’isi, kuko ivyo bintu wabihishije inkerebutsi n’incabwenge, ariko ukabihishurira abana batoyi+. 26  Ego cane Dawe, kuko washimye kubigenza gutyo. 27  Dawe yarampaye ibintu vyose+. Nta muntu n’umwe azi neza Umwana atari Dawe+, kandi nta muntu n’umwe azi neza Dawe atari Umwana be n’uwo wese Umwana ashatse kumuhishurira+. 28  Nimuze iwanje mwese abacumukura n’abaremerewe, nanje nzobaruhurira. 29  Nimwikorere ingogo* yanje kandi munyigireko, kuko nitonda kandi nicisha bugufi+, namwe muzokwumva muruhuriwe. 30  Kuko ingogo yanje yoroshe gutwara*, n’umutwaro wanje ukaba uhwahutse.»

Utujambo tw'epfo

Canke «zoroshe.»
Mu kigiriki havuga ngo «mu bavyawe n’abagore.»
Iyo mvugo «ivyanditswe n’abahanuzi hamwe n’amategeko» yerekeza ku Vyanditswe vyose vy’igiheburayo.
Canke «uru ruganwe», «iri yaruka.»
Mu kigiriki havuga ngo «icerekana ko ubukerebutsi bugororotse ni ibikorwa vyabwo.»
Canke «ibikorwa vy’ububasha.»
Canke «itababaza.»