Yohani 19:1-42

  • Bakubita Yezu kandi bakamutyekeza (1-7)

  • Pilato yongera gusambisha Yezu (8-16a)

  • Yezu amanikwa ku giti i Gologota (16b-24)

  • Yezu asaba umwigishwa ngo yitwararike nyina wiwe (25-27)

  • Urupfu rwa Yezu (28-37)

  • Amaziko ya Yezu (38-42)

19  Pilato rero aca afata Yezu aramukubitisha+.  Abasoda na bo bajisha urugori rw’amahwa barumwambika ku mutwe, bamwambika n’ikanzu y’umuyugubwe*+.  Baguma bamwegera bamubwira bati: «Ndabugize Mwami w’Abayuda!» Baguma bamukubita n’amakofe mu maso+.  Pilato yongera gusohoka, ababwira ati: «Ng’uyu ndamubazaniye hanze, kugira mumenye ko ata kosa namubonyeko+  Yezu aca arasohoka, yambaye rwa rugori rw’amahwa na ya kanzu y’umuyugubwe. Hanyuma Pilato ababwira ati: «Ng’uyu wa mugabo!»  Ariko abakuru b’abaherezi n’abapolisi bamubonye, baca barasemerera bati: «Mumanike! Mumanike*+!» Pilato ababwira ati: «Genda mumwimanikire mwebwe nyene, kuko jewe ata kosa namubonyeko+  Abayuda bamwishura bati: «Turafise itegeko, kandi twisunze iryo tegeko abwirizwa gupfa+, kuko yigize umwana w’Imana+  Pilato yumvise ivyo bavuze, aca arushiriza kugira ubwoba.  Yongera kwinjira mu kirimba ciwe, abaza Yezu ati: «Uva hehe?» Mugabo Yezu ntiyamwishura+. 10  Pilato aca abwira Yezu ati: «Uranse kunyishura? Ntuzi ko mfise ububasha bwo kukurekura n’ubwo kukumanika?» 11  Yezu amwishura ati: «Nta bubasha wari kuba umfiseko, iyo utabuhabwa n’Imana. Ni co gituma uwanshize mu maboko yawe afise igicumuro kinini kuruta.» 12  Ku bw’ivyo, Pilato aguma arondera ingene yomurekura. Ariko Abayuda barasemerera bati: «Ukarekura uwo muntu, ntuzoba uri umugenzi wa Sezari. Umuntu wese yigira umwami aba agararije* Sezari+ 13  Pilato amaze kwumva ayo majambo, aca asohokana Yezu hanze, yicara ku ntebe y’imanza, ahantu hitwa Isaso ry’amabuye, mugabo mu giheburayo hakitwa Gabata. 14  Ico gihe hari ku musi w’Imyiteguro+ ya Pasika, hari nka sasita*. Maze abwira Abayuda ati: «Ng’uyu umwami wanyu!» 15  Baca barasemerera bati: «Mukureho! Mukureho! Mumanike*!» Pilato ababaza ati: «Manike umwami wanyu?» Abakuru b’abaherezi bishura bati: «Nta wundi mwami dufise atari Sezari.» 16  Aca aramubaha ngo amanikwe ku giti+. Baca bafata Yezu baramujana. 17  Yezu rero yikorera igiti ciwe co kubabarizwako*, agenda ahitwa ahantu h’Agahanga+, mu giheburayo hakaba hitwa Gologota+. 18  Bamumanika+ ng’aho hamwe n’abandi bagabo babiri, umwe hirya uwundi hino, Yezu na we hagati+. 19  Pilato kandi yandika icapa, agishira kuri ca giti co kubabarizwako. Cari canditsweko ngo: «Yezu Umunyanazareti, Umwami w’Abayuda+ 20  Abayuda benshi barasomye ico capa, kuko ahantu Yezu yari amanitswe hari hafi y’igisagara. Ico capa cari canditswe mu giheburayo, mu kilatini no mu kigiriki. 21  Ariko abakuru b’abaherezi b’Abayuda babwira Pilato bati: «Ntiwandike ngo: “Umwami w’Abayuda”, ahubwo andika ko yavuze ngo: “Ndi Umwami w’Abayuda.”» 22  Pilato abishura ati: «Ivyo nanditse nanditse.» 23  Abasoda bamaze kumanika Yezu, batora impuzu ziwe bazigaburamwo kune, umwe wese atwara umugabane wiwe, batwara n’ikanzu yiwe. Mugabo iyo kanzu nta mubariro yagira, kuko yari ijishwe kuva hejuru gushika hasi. 24  Maze babwirana bati: «Ntituyitabure, ahubwo reka tugire ubupfindo kugira tumenye uwuyitwara+.» Aho kwari ukugira haranguke icanditswe kivuga ngo: «Bagabuye impuzu zanje, bapfindira ivyambarwa vyanje+.» Ivyo nyene ni vyo abasoda bakoze. 25  Hafi y’igiti co kubabarizwako ca Yezu hari hahagaze nyina wiwe+, nyinabo, Mariya muka Kolopasi na Mariya Magadalena+. 26  Yezu abonye nyina wiwe na wa mwigishwa yakunda cane+ bahagaze ng’aho, aca abwira nyina wiwe ati: «Wa mugore* we, ng’uyo umuhungu wawe!» 27  Abwira na wa mwigishwa na we ati: «Ng’uyo nyoko wawe!» Kuva ico gihe, uwo mwigishwa aca amutwara muhira iwe. 28  Inyuma y’ivyo, Yezu amaze kumenya ko ibintu vyose vyari bimaze kuranguka, avuga ati: «Ndanyotewe+.» Ivyo yabivuze kugira icanditswe kiranguke. 29  Hari umubindi wuzuye umuvinyu ukarishe wari uteretse ng’aho. Baca batora ipampa* ryuzuye umuvinyu ukarishe, barishira ku gati ka ezobu*, baraheza baryegereza ku munwa wiwe+. 30  Yezu amaze guhonja uwo muvinyu ukarishe, aca avuga ati: «Birarangutse+!», hanyuma yunamika umutwe, aracikana+. 31  Kubera ko wari umusi w’Imyiteguro+, Abayuda baca basaba Pilato ko amaguru yabo yovunagurwa, n’ibiziga vyabo bigakurwaho, kugira ntibigume ku biti vyo kubabarizwako+ kw’isabato (kuko iyo sabato yari ihambaye+). 32  Abo basoda baca baraza, bavuna amaguru y’uwa mbere hamwe n’ay’uwundi yari amanitswe iruhande ya Yezu. 33  Ariko bashikiriye Yezu, basanga yamaze gupfa, ntibaba rero bakimuvuna amaguru. 34  Umwe muri abo basoda aca amucumita icumu mu rubavu+, ubwo nyene haca havayo amaraso n’amazi. 35  Uwabibonye yarabishingiye intahe kugira namwe mwizere. Intahe yiwe ni iy’ukuri, kandi arazi ko ivyo avuga ari ukuri+. 36  Emwe ivyo bintu vyarabaye kugira haranguke icanditswe kivuga ngo: «Nta na rimwe mu magufa yiwe bavunye*+ 37  Vyongeye, hari n’ikindi canditswe kivuga ngo: «Bazoraba uwo basogose+ 38  Inyuma y’ivyo, Yozefu w’i Arimateya, uwari umwigishwa wa Yezu mu mpisho kubera yatinya Abayuda+, abaza Pilato ko yotwara ikiziga ca Yezu. Pilato arabimwemerera, Yozefu aca araza atwara ico kiziga+. 39  Nikodemu+, wa mugabo yaza kuraba Yezu mw’ijoro mu ntango, na we nyene araza, aza azanye ikivange* c’imira n’ingagari gipima nk’ibilo 33*+. 40  Bafata rero ikiziga ca Yezu bakizingira mu bitambara vy’ilino* hamwe n’ivyo bintu bimota+, nk’uko Abayuda bari basanzwe bategura amaziko. 41  Ahantu bamanitse Yezu hariho umurima, kandi uwo murima warimwo imva* nshasha+ ata muntu n’umwe bari bwayihambemwo. 42  Kubera ko wari umusi w’Imyiteguro+ y’Abayuda, n’iyo mva ikaba yari hafi, baca bahamba Yezu ng’aho.

Utujambo tw'epfo

Ni ibara risa n’ibitore bita ibiringanya (oberjine).
Canke «mumanike ku giti! Mumanike ku giti!»
Canke «aba atutse.»
Mu kigiriki havuga ngo «nko kw’isaha igira 6.»
Canke «mumanike ku giti!»
Iryo jambo «umugore» ntiryerekana ko ata rupfasoni rurimwo.
Cari ikintu kimeze nk’ikinyuko gishobora kununuza amazi.
Canke «bajanjaguye.»
Hashobora kandi kuvugwa ngo «ikizingo.»
Canke «gipima nk’amapawunde 100.» Yari amapawunde y’Abaroma. Raba Inyongera ya B14.
Canke «imva y’icibutso.»