Ja ku birimwo

Ja ku rutonde rw’ibirimwo

TWISUNZE BIBILIYA

Ijuru

Ijuru

Ijuru ryiyumvirwa ugutandukanye kandi rituma haba ibihari vyinshi mu bantu. Ariko ivyo Bibiliya yigisha ku bijanye n’ijuru biratandukanye cane n’ivyo abantu benshi bigishwa.

Ijuru ni iki?

ABANTU BABIVUGAKO IKI?

Abantu bemera vyinshi ku bijanye n’ijuru. Nk’akarorero:

  • Benshi mu biyita abakirisu baremera ibivugwa n’igitabu kimwe c’inkoranyabumenyi (New Catholic Encyclopedia) ko mw’ijuru ari ho “abahezagiwe n’Imana bapfira mu Mukama bazoja kuba.”

  • Umurabi yitwa Bentzion Kravitz, avuga ko idini ry’Abayuda rishimika cane ku buzima bwa none kuruta ibizoba inyuma y’urupfu. Ariko avuga ko “mw’ijuru abantu banezerwa cane, bakarushiriza gutahura ibintu no kwiyegereza Imana gusumba bakiri kw’isi.” Ariko uwo murabi yiyemerera ko “naho abo mw’idini ry’Abayuda bemera ijuru, igitabu cabo Torah ata vyinshi kivuga ku bijanye n’ijuru.”

  • Abo mw’idini ry’Abahindu n’Ababuda bemera ko hari ingero zitandukanye z’ijuru. Bavuga yuko ari ahantu umuntu aruhukira gatoyi iyo apfuye, imbere y’uko avukira mu kindi kintu kw’isi canke akaja kubana n’Imana.

  • Abantu bamwebamwe barahakana ko ijuru ririho bakavuga ko ivyo bitagira umutwe n’amaguru.

Abantu biyumvira ibitandukanye cane ku vyerekeye ijuru

ICO BIBILIYA YIGISHA:

Muri Bibiliya ijambo “ijuru” rifise insobanuro nyinshi. Nk’akarorero:

  • Mw’Itanguriro 1:20 haradondora ibijanye n’inyoni ziguruka “mu kirere c’amajuru.” Ng’aha “amajuru” yerekeza ku kirere tubona n’amaso yacu.

  • Muri Yesaya 13:10 haravuga “inyenyeri zo mu majuru n’uturundo twazo” aho na ho hakaba ari hejuru y’ibicu.

  • Bibiliya iravuga ko Imana ‘iba mu majuru’ ikavuga kandi ko hari n’abamarayika “mw’ijuru.” (1 Abami 8:30; Matayo 18:10) Ayo majambo “amajuru” na “ijuru” si imvugo ngereranyo, ahubwo yerekeza ku bibanza vyo kubamwo. *

“Niwitegereze uri mw’ijuru, urabe uri ahantu hakirurutse uba h’ubweranda n’ubwiza.”Yesaya 63:15.

Abantu beza bose boba baja mw’ijuru iyo bapfuye?

Bibiliya ntiyigisha ko kw’isi ari aho twatse indaro mu kurindira ko dupfa hama tukaja mw’ijuru. Ahubwo iratomora neza ko urupfu rutari mu mugambi Imana yari ifitiye abantu mu ntango. Rimbura ibi bintu:

  • Imana yari yabwiye Adamu na Eva iti: “Nimurondoke, mugwire, mwuzure isi.” (Itanguriro 1:28) Kw’isi ni ho abantu bari kuba ibihe bidahera. Bari gupfa iyo gusa bagambararira Imana. Ikibabaje n’uko ari vyo bahisemwo gukora.Itanguriro 2:17; 3:6.

  • Ukugambarara kw’umuntu wa mbere ni kwo kwakweze urupfu, atari kuri we gusa n’umugore wiwe ariko no ku babakomotseko bose. (Abaroma 5:12) None ibintu vyoba bizosubira mu buryo?

  • Bibiliya ivuga iti: “Nk’uko yabisezeranye, turorereye amajuru mashasha n’isi nshasha.” * (2 Petero 3:13) Biciye ku Bwami bw’Imana, Imana izotuma ibintu bisubira kumera nk’uko yari yarabitegekanije kw’isi. Ico gihe “urupfu ntiruzoba rukiriho.” (Ivyahishuwe 21:3, 4) Hoba hariko havugwa ubuzima bwo kw’isi canke bwo mw’ijuru? Kugira ikintu ntikibe “kikiriho” n’uko kiba cabanje kuhaba. Mw’ijuru nta rupfu rwigeze ruhaba. Birumvikana rero ko uwo murongo werekeza ku bizoba kw’isi, aho twaremewe kuba ari na ho twipfuza kubana n’abacu. Bibiliya iratumenyesha kandi ko abapfuye bazozuka bagasubira kubonana n’ababo.Yohani 5:28, 29.

Abantu benshi barahimbawe no kumenya ico vy’ukuri Bibiliya yigisha ku bijanye n’ijuru. Nk’akarorero, George uwahoze ari umugatolika, avuga ati: “Nasanze ivyo Bibiliya yigisha bijanye n’ukubaho ibihe bidahera kw’isi bihumuriza cane. Birumvikana kuruta ivyo kuja mw’ijuru.” *

“Ku biraba amajuru, amajuru ni aya Yehova, mugabo isi yayihaye abana b’abantu.”Zaburi 115:16.

^ ing. 13 Ego ni ko, Imana ni impwemu, ntifise umubiri w’inyama n’amaraso. (Yohani 4:24) Ku bw’ivyo iba mu karere k’impwemu ahatandukanye n’ikirere dushobora kubona.

^ ing. 19 Imvugo “isi nshasha” ntiyerekeza ku mubumbe w’isi mushasha, ahubwo ni imvugo ngereranyo yerekeza ku kibano c’abantu baba kw’isi bashimwa n’Imana.Zaburi 22:27.

^ ing. 20 Bibiliya yigisha ko abantu bake gusa ari bo batowe ngo baje kuganza na Yezu mw’ijuru mu Bwami bw’Imana. Abo bantu ni 144.000.1 Petero 1:3, 4; Ivyahishuwe 14:1.