Ja ku birimwo

Ja ku rutonde rw’ibirimwo

ICOFASHA UMURYANGO | URWARUKA

Kuronka abagenzi beza

Kuronka abagenzi beza

INGORANE

Kubera ubuhinga bwateye imbere, ubu urashobora guhanahana amakuru n’abantu benshi kandi ukabigira ku mwanya wipfuza. Ariko woshobora kubona ko ubugenzi ugiranira n’abo bantu budafashe. Umusore umwe avuga ati: “Je abo nita ngo ni abagenzi mbona ko ivyacu bishobora guhagarara akanya n’akanya. Ariko papa abagenzi afise bamaranye imyaka n’iyindi!”

Kubera iki muri iki gihe bigoye kuronka abagenzi nyakuri?

ICO UKWIYE KUMENYA

Ubuhinga bwa none burabifisemwo uruhara. Kwandikiranira ubutumwa kuri telefone no kuri orodinateri bituma abantu bibaza ko bashobora kuzigama ubucuti bafitaniye batarinze kubonana amaso mu yandi. Ivyo kurungikiranira ubutumwa vyarasubiriye ikiyago c’ukuri hagati y’abagenzi. Igitabu kimwe (Artificial Maturity) kivuga giti: “Abantu ntibakiganira kenshi amaso mu yandi. Abanyeshure bamara umwanya munini kuri telefone kuruta uwo bamara bari kumwe na bagenzi babo.”

Hari igihe ubuhinga bwa none butuma abantu bibaza ko bafitaniye n’abandi ubugenzi bushika ariko atari vyo. Brian * w’imyaka 22 avuga ati: “Mperutse kubona ko ari jewe nkunze gutangura kwandikira abagenzi banje ndababaza amakuru yabo. Narahagaritse kubandikira kugira ndabe abazokwibwiriza kunyandikira ingene bangana. Mvugishije ukuri bake cane ni bo babigize. Hari abo nahora nibaza ko ari abagenzi bashika atari vyo.”

None kwandikiranira ntibishobora kugufasha kuguma uhanahana amakuru n’abandi bigatuma ubugenzi bwanyu bukomera? Egome, na canecane mu gihe abo bantu mwari musanzwe mubonana. Ariko rero kenshi ubuhinga bwa none butuma gusa utanguza ubugenzi butazokwigera bukomera. Ni nko kwubaka ikiraro utazokwigera ucamwo.

ICO WOKORA

Nutahure umugenzi mwiza uwo ari we. Bibiliya ivuga ko umugenzi “amata ku muntu kuruta uwo bavukana.” (Imigani 18:24) Umugenzi nk’uwo si we none wipfuza? Woba uri umugenzi ameze gutyo? Kugira tugufashe kwishura ivyo bibazo, niwandike ibintu vyiza bitatu wipfuza ku mugenzi. Hama wandike ingeso nziza zitatu wiyiziko. Niwibaze uti: ‘Ni nde mu bo duhora twandikiranira afise izo ngeso nshima? Abo bagenzi bovuga ko ari ibiki banyigirako?’Iciyumviro co muri Bibiliya: Abafilipi 2:4.

Numenye ikiruta ikindi. Akenshi ubugenzi bwo ku buhinga bwa none usanga bushingiye ku kintu kanaka mwempi mukunda. Ariko rero kwisunga ingingo zimwe birahambaye kuruta gukunda ibintu bimwe. Leanne w’imyaka 21 avuga ati: “Simfise abagenzi benshi cane ariko abo mfise batuma mba umuntu mwiza kuruta.”Iciyumviro co muri Bibiliya: Imigani 13:20.

Nuganire n’abandi imbonankubone. Nta coza gisubirira kuganira n’umuntu muri kumwe, ugashobora kubona uko yakira ivyo uvuze, ibimenyetso vy’umubiri agira no kwumva uko ahindagura ijwi.Iciyumviro co muri Bibiliya: 1 Abatesalonika 2:17.

Niwandike amakete. Naho bisa n’ivyataye igihe, kwandikira umuntu ikete biramwereka ko umwitwararika vy’ukuri mu buryo budasanzwe. Ukwitwararikana bene ukwo ni imbonekarimwe muri iyi si aho abantu asanga bacurumba muri vyinshi. Nk’akarorero, mu gitabu kimwe (Alone Together) canditswe na Sherry Turkle, harimwo ibijanye n’umusore umwe avuga ko ata muntu arigera amwandikira agakete. Ku bijanye n’igihe abantu bahora bandikiranira cane amakete, yavuze ati: “Nari gushima kubaho ico gihe.” Ubona gute wikoze kuri ubwo buhinga twokwita ubwa kera mu kurondera abagenzi?

Muri make: Ubugenzi nyakuri ntibugarukira gusa ku guhanahana amakuru. Busaba ko wewe n’uwo mugenzi wawe mugaragarizanya urukundo n’igishika, mwihanganirana kandi mukababarirana. Ivyo bituma ubugenzi bwanyu buba ngirakamaro. Ariko biragoye ko mubishikako igihe muganira mukoresheje gusa ubuhinga bwa none.

^ ing. 8 Muri iki kiganiro, bamwebamwe si ko basanzwe bitwa kubera ko bitashimwe ko bamenyekana.