Ja ku birimwo

URWARUKA RURIBAZA

Noba nkwiye kurondera abagenzi bashasha?

Noba nkwiye kurondera abagenzi bashasha?

 “Ndumva merewe neza iyo ndi mu mugwi w’abagenzi banje, kandi birangora kuwuvamwo ngo ndondere n’abandi bashasha.”​—Alan.

 ““Mfise abagenzi bakeyi, kandi mbona bahagije. Simenyereye kuvugisha abandi bantu ntazi.”​—Sara.

 Woba umeze nka Alan na Sara? Woba ufise abagenzi wumva utovirira ku buryo bikugora kurondera abandi bashasha?

 Nimba ari ukwo biri, iki kiganiro cagenewe wewe!

 Ingorane ziva mu kugira umugwi w’abagenzi

 Nta kibi kiri mu kugira umugwi w’abagenzi somambike. Kugira umugwi w’abagenzi somambike biratuma wumva ko ufise abantu bakwitaho kandi bakwemera uko uri, n’utunenge twawe.

 “Gukundwa n’abandi no kuba uri mu mugwi wabo biraryoshe. Uwukiri muto wese aripfuza kugira umugwi w’abagenzi.”​—Karen w’imyaka 19.

 Wari ubizi? Za ntumwa za Yezu 12 zari mu bagenzi benshi yari afise, ariko batatu muri bo, ni ukuvuga Petero, Yakobo na Yohani, bari abagenzi biwe somambike.​—Mariko 9:2; Luka 8:51.

 Ariko rero, kugumana gusa n’umugwi w’abagenzi bawe, ukirengagiza abandi bantu, biratera ingorane. Nk’akarorero:

  •   Birashobora gutuma utaronka abandi bagenzi beza.

     “Kugira gusa abagenzi bameze nkawe biratuma utamenya ibintu bishasha kandi ntumenyane n’abandi bantu bameze neza.”​—Evan w’imyaka 21.

  •   Birashobora gutuma abandi biyumvira ko wishima.

     “Igihe ufise umugwi w’abagenzi wumva utovirira, biratuma abandi biyumvira ko udashaka kuvugisha abandi bantu.”​—Sara w’imyaka 17.

  •   Birashobora gutuma utangura kuza urasinda.

     “Wewe ushobora kuba udasinda, ariko igihe ufise abagenzi basinda, bituma utangura kubona ko ata co bitwaye, ko ari ukwiryohera gusa.”​—James w’imyaka 17.

  •   Birashobora kugukwegera akarambaraye, canecane igihe wumva ko utegerezwa kuja muri uwo mugwi w’abagenzi, naho boba bameze gute.

     “Umuntu umwe gusa wo mu mugwi w’abagenzi arashobora gutuma uwo mugwi wose wisuka mu bukozi bw’ikibi.”​—Martina w’imyaka 17.

 Ico wokora

  •   Nusuzume ingingo ngenderwako wisunga.

     Niwibaze uti: ‘Ni ingingo ngenderwako izihe nihatira kwisunga? Abagenzi banje boba batuma binyorohera kubaho ndazisunga, canke batuma bingora? Noba nshaka kugumana abo bagenzi vyanka vyakunda?’

     Impanuro yo muri Bibiliya: “Kwifatanya n’ababi kwonona ingeso nziza.”—1 Abakorinto 15:33.

     “Igihe abagenzi bawe batisunga ingingo ngenderwako wisunga, uzosanga usigaye ukora ibintu utokwigeze ukora.”​—Ellen w’imyaka 14.

  •   Nusuzume ivyo ushira imbere y’ibindi.

     Niwibaze uti: ‘Noba numira ku bagenzi banje ku buryo nopfuma ndenga ku ngingo ngenderwako nisunga kugira ntibampebe? Nokora iki hagize umugenzi wanje akora ikosa?’

     Impanuro yo muri Bibiliya: “Abo niyumvamwo bose ndabakangira.”—Ivyahishuwe 3:19.

     “Igihe umugenzi wawe akoze ikosa, kandi ukaba wumva utomuvirira, vyoshobora gutuma ubona umenga hamwe wovuga ivyo yakoze woba umuhemukiye.”​—Melanie w’imyaka 22.

  •   Nurondere abagenzi bashasha.

     Niwibaze uti: ‘Noba nokwungukira ku kurondera abandi bagenzi bashasha, nkashiramwo n’abo ntazi neza?’

     Impanuro yo muri Bibiliya: ‘Ntugume uraba ivyawe bwite gusa, ariko urabe n’ivy’abandi.’—Abafilipi 2:4.

     “Abakiri bato batazwi cane ushobora gusanga bifitiye ingorane muhira iwabo. Ubamenye, akenshi usanga bafise kamere nziza bisangije.”​—Brian w’imyaka 19.

 Muri make: Nta kibi kiri mu kugira umugwi w’abagenzi. Ariko kandi, urashobora kwungukira ku kurondera abagenzi bashasha. Bibiliya ivuga iti: “Uwuvomēra abandi ku bwinshi na we ubwiwe azovomērwa ku bwinshi.”—Imigani 11:25.