Ja ku birimwo

URWARUKA RURIBAZA

Ni ibiki nkwiye kumenya ku bijanye no kunywa itabi risanzwe n’iryo mu buhinga bwa none?

Ni ibiki nkwiye kumenya ku bijanye no kunywa itabi risanzwe n’iryo mu buhinga bwa none?

 «Aho mbaye, biragoye kuronka umuntu afise imyaka iri munsi ya 25 atarigera anywa itabi risanzwe canke iryo mu buhinga bwa none.»​—Julia.

Ng’ibi ivyo tuza kubona muri iki kiganiro:

 Ivyo ukwiye kumenya

  •   Itabi ririca. Itabi ahanini rikozwe mu bumara bwitwa nikotine, kandi ubwo bumara ni uburozi bwizizira cane abantu. Nk’uko bivugwa n’ikigo kimwe co muri Amerika kijejwe gucungera indwara no kuzikinga, «kunywa itabi ni kimwe mu bintu nyamukuru bituma abantu benshi kw’isi barwara no gupfa bagapfa hataragera, kandi bari gushobora kucikingira.»

     «Nkora mu vy’ubuvuzi mu bijanye no gupima abarwayi nkoresheje iradiyo. Mfatiye ku mafoto y’ivyo bipimo, nariboneye ukuntu itabi ryonona amagara y’abarwayi. Birateye ubwoba kubona ibicafu usanga vyarirundanije mu mitsi y’abahoze banywa itabi. Ndubaha cane umubiri wanje ku buryo ntokwubahuka kunywa itabi.»​—Theresa.

     Wari ubizi? Itabi ririmwo ubumara bugera nko ku 7.000, kandi bwinshi muri bwo burica. Buri mwaka, abantu amamiliyoni barahitanwa n’indwara ziva ku kunywa itabi.

  •   Umuntu anywa itabi ryo mu buhinga bwa none aba ariko yiyinjizamwo ubumara bwica. Abahinga bavuga ko kunywa itabi ryo mu buhinga bwa none vyonona amahaha kandi bikica. Vyongeye, ibintu vyinshi bakoramwo itabi ryo mu buhinga bwa none usanga birimwo ubumara bwitwa nikotine, cokimwe n’itabi risanzwe. Kubera ko ubwo bumara bwizizira abantu cane, urwandiko rumwe ruvuga ko bushobora «gutuma vyoroha ko abakiri bato bizizirwa n’ibindi biyayuramutwe.»

     «Ibintu bimwebimwe bakoramwo itabi ryo mu buhinga bwa none usanga bisosa, bigatuma abana n’abakiri bato barikunda cane. Ivyo bituma biyumvira ko ata ngorane riteye.»​—Miranda.

     Wari ubizi? Umwuka uva muri iryo tabi si amazi asanzwe. Uba urimwo ibintu vyonona vyinjira mu mahaha, kandi akenshi usanga ari ubumara bwica cane.

 Ingaruka zo kunywa itabi risanzwe canke iryo mu buhinga bwa none

  1.  (1) Bironona ubushobozi bwo kwiga no kwitunira ku bintu, bigahungabanya ukuntu umuntu yiyumva, canecane ku bakiri bato

  2.  (2) Biratuma ibinyigishi bivyimba n’amenyo agatoboka

  3.  (3) Biratuma amahaha avyimba n’umutima ukarwara

     Biratuma uwurwaye asima arushiriza gusinzikara

     Biratera ingorane z’umushishito hamwe n’iseseme

 Ivyo wokora

  •   Nutohoze. Ntiwemere ivyo wumvise vyose, nk’akarorero ngo itabi ryo mu buhinga bwa none nta co ritwaye canke ngo ni uburyo bwiza bwo kwiyibagiza amaganya. Nugire ubushakashatsi, hama ufate ingingo wabizirikanye.

     Ico Bibiliya ivuga: «Umuntu atagira ubwenge yemera ivyo bamubwiye vyose, ariko umuntu yiyubara aritondera intambuko ziwe.»​—Imigani 14:15.

     «Iyo uzirikanye ku ngaruka mbi zo ku kunywa itabi risanzwe canke iryo mu buhinga bwa none, uca ubona ko atari ukwiryohera gusa nk’uko abantu ba rurangiranwa canke urunganwe rwawe bashaka kuvyerekana.»​—Evan.

     Ibibazo vyo kuzirikanako: Abakiri bato banywa itabi risanzwe canke iryo mu buhinga bwa none, boba vy’ukuri bahimbawe gusumba abandi? Boba biteguriye guhangana n’ingorane zo mu buzima zibashikira ubu n’izobashikira muri kazoza, canke baba bariko barikwegera izindi ngorane?

  •    Nurondere uburyo bwiza bwo kwiyibagiza amaganya. Mu bintu vyiza bidufasha kugabanya amaganya, harimwo gukora ibintu bituryohera nko kwinonora imitsi, gusoma canke kumarana umwanya n’abagenzi baturemesha. Kubera ko uba ufise ibintu vyinshi vyiza bigufatira, ntusubira kwumva ko ukeneye kunywa itabi.

     Ico Bibiliya ivuga: «Amaganya mu mutima w’umuntu arawuremera, ariko ijambo ryiza rirawunezereza.»​—Imigani 12:25.

     «Abantu biyumvira ko kunywa itabi risanzwe canke iryo mu buhinga bwa none bigabanya amaganya. Rirashobora kugufasha kugabanya amaganya igihe gito, mugabo rikonona ubuzima bwawe bwose. Hariho uburyo bwiza kuruta bwo kwiyibagiza amaganya.»​—Angela.

     Ikibazo co kuzirikanako: Ni ibintu bimwebimwe ibihe wokora kugira wiyibagize amaganya mu buryo bwiza? Ukeneye icogufasha, raba ikiganiro kivuga ngo «Novyifatamwo gute ndi mu maganya?» mu rukurikirane rw’ibiganiro ruvuga ngo «Urwaruka ruribaza.»

Kunywa ibiyayuramutwe kugira wiyibagize amaganya, ni nko gusimbira mw’ibahari ngo uriko urahunga imvura. Ni uguhungira imvura mu muvo!

  •    Niwitegurire kunanira akosho k’urunganwe. Karashobora kuva ku bo mwigana canke mbere mu vyo winezerezamwo. Amasinema, televiziyo n’imbuga hwaniro kenshi vyerekana ko kunywa itabi ari ibintu vyiza kandi biryoshe.

     Ico Bibiliya ivuga: «Abantu bahumuye . . . ububasha bwabo bwo gutahura [bwaramenyerejwe] gutandukanya iciza n’ikibi.»​—Abaheburayo 5:14.

     «Nkiri ku ntebe y’ishure, benshi mu runganwe rwanje baranyubaha kubera ntanywa itabi. Maze kubatomorera aho mpagaze, no kumvugira bari basigaye bamvugira. Naho umengo biratangaje, kumenyesha abandi aho uhagaze birashobora kugukingira.»​—Anna.

     Ibibazo vyo kuzirikanako: Woba ushobora kunanira akosho k’urunganwe? Woba wibuka incuro umaze kukananira? Nimba ukeneye icogufasha muri uwo muce, raba igitabu ca 2 c’Ibibazo urwaruka rwibaza, ikigabane ca 15 ahavuga ngo «Guhangana n’akosho k’urunganwe.»

  •   Nuhitemwo abagenzi uvyitondeye. Akosho ko kunywa itabi kazogabanuka nimba abagenzi bawe babona iyo ngeso nk’uko nawe uyibona.

     Ico Bibiliya ivuga: «Uwugendana n’abanyabwenge azoba umunyabwenge, ariko uwifatanya n’ibijuju azokwibonerako.»​—Imigani 13:20.

     «Ni vyiza kugira abagenzi bigumya kandi badahemuka. Uravye ukuntu ivyabo bigenda neza, uca wipfuza kubigana.»​—Calvin.

     Ikibazo co kuzirikanako: Abagenzi bawe somambike boba batuma bikworohera kubaho udahumanye, canke batuma bikugora?

 Tuvuge iki ku bijanye no kunywa urumogi (marijuwana)?

 Abantu benshi bavuga ko kunywa urumogi atari bibi. Ariko ivyo ni ububeshi!

  •   Abakiri bato banywa urumogi barahakwa kwizizirwa na rwo. Ivyigwa vyerekana ko kunywa urumogi bishobora gutuma ubwonko bwononekara burundu, bigatuma n’ubwenge bugabanuka.

  •   Nk’uko urwego rumwe rwo muri Amerika rujejwe gucungera ikoreshwa ry’ibiyayuramutwe no kwitwararika amagara yo mu mutwe rubivuga, «ubushakashatsi bwerekana ko abantu banywa urumogi usanga bibagora kubana neza n’abandi, baronka amanota mabi kw’ishure, bavyifatamwo nabi ku kazi kandi ntibahimbarwe n’ubuzima.»

     «Narahatswe kunywa urumogi kubera ahanini nashaka kwiyibagiza amaganya. Ariko nzirikanye ukuntu rwari gushobora kunyizizira, amahera nari kurugura n’ingene rwari kwonona amagara yanje, naciye mbona ko kunywa urumogi ata kindi vyari kumfasha atari kwongereza amaganya nari mfise.»​—Judah.