Ja ku birimwo

URWARUKA RURIBAZA

Kubera iki nkwiye gufasha abandi?

Kubera iki nkwiye gufasha abandi?

 Ibintu bibiri abantu benshi batazi

 Ikintu ca 1: Igihe utanze, nawe urashobora gusubirizwa mu nkoko!

 Abantu bazobona ko utanga. Ivyo bizotuma kumbure na bo nyene baguha. Bibiliya ibivuga muri ubu buryo:

  •  “Mugire akamenyero ko gutanga, namwe bazobaha. . . . Ingero mugeresha [ni] yo namwe bazobagererako.”​—Luka 6:​38.

  •  “Ukuntu ufata abandi ni ko nawe uzofatwa.”​—Luka 6:​38, Contemporary English Version.

 Ikintu ca 2: Iyo ufashije abandi, uba wifashije!

 Kugirira abandi ineza biratuma wumva wiyubashe kandi biratuma ugira agahimbare kava ku gutanga. Bibiliya ibivuga muri ubu buryo:

  •  “Gutanga birimwo agahimbare kuruta guhabwa.”​—Ivyakozwe 20:35.

  •  “Iyo uteretse inzimano, nutumire aboro, abacitse ibihimba vy’umubiri, abacumbagira, impumyi; uzoba uhiriwe, kuko batagira ikintu na kimwe co kukwishura.”​—Luka 14:13, 14.

 Abakiri bato bitwararika abandi

 Abakiri bato bitwararika abandi bari ahantu hose! Rimbura uburorero bumwebumwe.

 “Rimwe na rimwe igihe mba ngomba kwicara mw’ifoteyi ngo ndabe televiziyo, nca niyumvira mama na papa, ukuntu baba bariko barakora be n’ukuntu baza kuba barushe nibataha. Nca rero mpaguruka nkoza ivyombo, nkakubura nkongera nkahanagura umukungugu. Ndateka kandi ikawa kubera ko abavyeyi banje bakunda ikawa. Mama ashitse i muhira, aca avuga ati: ‘Mbega ukuntu hano hantu hasa neza! Kandi hamota neza. Wakoze cane, mwana!’ Vyama binezera gukorera ikintu ciza mama na papa.”​—Casey.

 “Abavyeyi banje bamye bamfasha, bakandonsa ivyo nkeneye vyose. Rero mu mwaka uheze igihe bari bafise ingorane ikomeye y’umuduga, narujuje isheki kugira ngo bawukoreshe, naho ivyo vyantwaye igice kinini cane c’amahera nari naraziganije. Ego ni ko, baragerageje kuyanka, ariko sinari kubemerera kutayakira. Abavyeyi banje barabereye gukorerwa n’ibirenze ivyo. Kandi kugira ico ndabahaye birahimbaye cane.”​—Holly.

 Wari ubizi? Abakiri bato benshi bo mu Vyabona vya Yehova barironkeye umunezero wo gufasha abandi biciye ku gikorwa cabo co kwigisha Bibiliya. Bamwe mbere barimukiye mu bindi bihugu bikeneye cane abigisha Bibiliya.

 “Naravuye muri Leta Zunze Ubumwe za Amerika nimukira muri Megizike kugira ngo mfashe mu kwigisha Bibiliya. Rimwe na rimwe usanga bitoroshe gutanga amahera canke ibintu kuko vy’ukuri ata bintu vyinshi mfise notanga. Ariko nasanze igihe ntanze umwanya wanje n’inguvu zanje mu kubwira abantu ivyerekeye Bibiliya bishimwa cane gusumba gutanga ibintu.”​—Evan.

 Nofasha abandi gute?

 Woba woshima kugira umunezero uva ku gufasha abandi? Ng’ibi ibintu bikeyi wokora:

 Kugira ufashe umuryango wawe:

  •  Nukubure, woze ivyombo wongere usukure icumba, ivyo ubigire ata wurinze kubigusaba

  •  Nuteke

  •  Niwandikire abavyeyi bawe agakete ko kubakengurukira

  •  Nufashe uwo muvukana gukora udukorwa two kw’ishure

 Kugira ufashe abatari abo mu muryango wawe:

  •  Nurungikire agakete umuntu atamerewe neza

  •  Nusukure ubusitani bw’umubanyi ageze mu zabukuru

  •  Nugendere umuntu adashobora kuva i muhira

  •  Nugurire ingabirano umuntu ari mu ngorane

 Impanuro: Nugerageze kwiyumvira ibindi bintu wokora. Nuce wishingira umugambi wo gufasha umuntu umwe muri ino ndwi. Uzotangazwa n’ukuntu uzokwumva umerewe neza!

 “Igihe ufashije abandi, uranezerwa. Urumva ko wagize ico ukoze koko, kandi urabona ko abandi bagishima. Woshobora guhimbarwa cane no kubigira, naho mu ntango utiyumvira ko wobigize. Ivyo wari warakoze woshobora mbere kutaba ukibona ko vyagusavye akigoro, kubera ko mu nyuma waciye uronka ibibiruta.”​—Alana.