Ja ku birimwo

Ja ku rutonde rw’ibirimwo

IVYOTUMA UHIMBARWA

Kubumbwa n’ivyo ufise be no gutanga

Kubumbwa n’ivyo ufise be no gutanga

BIRAKUNDA KUVUGWA KO AGAHIMBARE N’UKURORANIRWA BIRABIRWA KU BUTUNZI UMUNTU AFISE. Ivyo bituma abantu amamiliyoni bakora bagasanzara, kugira baronke amahera menshi. None amatungo yoba azana agahimbare karamba? Ibimenyamenya vyerekana iki?

Nk’uko ikinyamakuru kimwe kivuga ibijanye n’agahimbare kivyerekana, iyo umuntu amaze kuronka ivya nkenerwa, naho yoronka ayandi mahera ntibica bituma ahimbarwa kuruta. Ingorane ntihagaze ku mahera. Ahubwo nk’uko ikiganiro casohotse mu kinyamakuru kimwe (Monitor on Psychology) kibivuga, “kwiruka inyuma [y’amahera] ni vyo bituma umuntu adahimbarwa.” Ayo majambo arasa cane n’iyi mpanuro imaze nk’imyaka 2.000 yanditswe muri Bibiliya, ivuga ko ‘urukundo rw’amahera ari umuzi w’ibibi vy’ubwoko bwose, kandi ko mu kurondera gushikira urwo rukundo, bamwe bitobekeranije hose imibabaro myinshi.’ (1 Timoteyo 6:9, 10) None iyo mibabaro ni nk’iyihe?

GUHAGARIKA UMUTIMA NO KUBURA AGATIRO KUBERA UTEGEREZWA GUKINGIRA IVYO UTUNZE. “Agatiro k’uwukora karasosa, yaba arya bike canke vyinshi; mugabo umukimba w’umutunzi ntumukundira gutora agatiro.”​—Umusiguzi 5:12.

KUVUNIKA UMUTIMA KUBERA UTARONSE AGAHIMBARE WARI WITEZE. Ku ruhande rumwe ivyo biterwa n’uko abantu batigera bahaga amahera. “Inkunzi y’ifeza ntizohaga ifeza, eka n’inkunzi y’ubutunzi ntizohaga inyungu.” (Umusiguzi 5:10) N’ikindi kandi, guhahamira ubutunzi birashobora gutuma umuntu yirengagiza ibintu bihambaye bituma ahimbarwa, nko kumarana umwanya n’incuti n’abagenzi canke kwitwararika ivy’Imana.

GUTUNTURA NO GUTA UMUTWE IGIHE AMAHERA ATAYE AGACIRO CANKE IVYO WASHIZEMWO UMUTAHE BIHOMVYE. “Ntucumukure kugira uronke ubutunzi. . . . Mbega wabukubitijeko amaso, kandi ari ubusa? Kuko butabura kwimerera amababa nk’ay’inkona, bukaguruka.”​—Imigani 23:4, 5.

IBITUMA UMUNTU AHIMBARWA

KUBUMBWA N’IVYO UFISE. “[Nta] co twazanye mw’isi, kandi nta na kimwe dushobora kuyikuramwo. Iyo rero dufise ivyo kurya n’ivyo kwambara, ivyo biratubumba.” (1 Timoteyo 6:7, 8) Abantu babumbwa n’ivyo bafise, akenshi usanga batamana imyidogo. Ivyo bituma badahahamira ivyo abandi bafise. Kandi kubera ko batipfuza kuronka ibirengeye ubushobozi bwabo, birabarinda amaganya adakenewe be n’uguta umutwe.

GUTANGA. “Gutanga birimwo agahimbare kuruta guhabwa.” (Ivyakozwe 20:35) Abantu bakunda gutanga usanga bahimbawe kubera ko baryoherwa no kunezereza abandi, naho boba batanze gusa umwanya wabo n’inguvu zabo. Kenshi barironkera ku bwinshi ibintu amahera adashobora kugura, nk’urukundo, icubahiro n’abagenzi beza, abaheza na bo bakabishura ivyiza.​—Luka 6:38.

GUKUNDA ABANTU GUSUMBA IBINTU. “Icibo c’imboga ahari urukundo kiruta ishūri yagabuririwe mu bwato ikadoha, iri kumwe n’urwanko.” (Imigani 15:17) Ivyo bisobanura iki? Ubucuti bwiza dufitaniye n’abandi burahambaye cane kuruta amatungo. Kandi nk’uko tuza kubibona, urukundo ni ntahara kugira umuntu ahimbarwe.

Umukenyezi yitwa Sabina wo muri Amerika y’Epfo, yaratahuye akamaro k’impanuro Bibiliya itanga. Kubera ko umugabo yari yaramutaye, ntivyamworohera kuronka ibimubeshaho n’abakobwa biwe babiri. Yakora ubuzi bubiri, kandi buri musi yavyuka sakumi z’igitondo. Naho Sabina yari afise ibikorwa vyinshi kandi biruhisha, yafashe ingingo yo kwiga Bibiliya. None vyavuyemwo iki?

Naho ubutunzi bwiwe butaciye bwisununura, ukuntu abona ubuzima vyarahindutse cane. Nk’akarorero, kwiga ivy’Imana vyaratumye ahimbarwa. (Matayo 5:3) Yarironkeye abagenzi beza mu bo basangiye ukwemera, yongera arironkera umunezero uva ku gutanga mu kubwira abandi ivyo yariko ariga.

Bibiliya ivuga iti: “Ubukerebutsi bwerekanwa ko bugororotse n’ibikorwa vyabwo.” (Matayo 11:19) Turavye rero ivyiza vyo kubumbwa n’ivyo dufise, gutanga, be no gukunda abantu gusumba ibintu, duca tubona ko ari ibintu bibereye dukwiye gukora.