Ja ku birimwo

Ja ku rutonde rw’ibirimwo

IVYOTUMA UHIMBARWA

Ingene wobishikira

Ingene wobishikira

WOBA WUMVA KO UHIMBAWE? Nimba uhimbawe, biva ku ki? Vyoba biva ku muryango wawe? Ku kazi ukora? Ku kwemera kwawe? Canke kumbure bishobora kuba biva ku kintu witeganye igishika, nko guheza amashure, kuronka akazi keza, canke kugura umuduga ugezweho.

Abantu benshi, iyo bashitse ku mugambi kanaka canke baronse ikintu bipfuza, barumva ko bahimbawe. Ariko none uwo munezero umara igihe kingana gute? Akenshi umuntu awumarana igihe gito gusa, bikaba bishobora gutuma acika intege.

Agahimbare bivugwa ko ari ukumererwa neza umuntu yamana ku rugero kanaka, akumva ko ashize akanyota, mbere akumva ko kubaho bimutera umunezero ntangere, akipfuza ko vyobandanya gutyo.

Kubera ko agahimbare atari ikintu kimara akanya gato, uca wumva rero ko katava ku bintu umuntu aronka mu buzima, ahubwo ko kava ku kuntu abayeho. Uwuvuga rero ngo “ninaronka iki canke kiriya, canke ninagira ibi na biriya ni ho nzohimbarwa,” ntazokwigera ahimbarwa.

Reka agahimbare tukagereranye n’amagara meza. Dukora iki kugira tugume dufise amagara meza? Turitwararika neza ivyo dufungura, tukinonora imitsi, tukitaho n’ibindi vyose vyotuma tumererwa neza. N’agahimbare ni ukwo. Tukaronka ari uko dufashe inzira nziza mu buzima kandi tukabaho dukurikiza imico myiza.

Ni ibiki none bituma umuntu ahimbarwa? Ibi bintu bikurikira, naho bidahambaye ku rugero rumwe, ni ntahara kugira ngo umuntu ahimbarwe:

  • KUBUMBWA N’IVYO UFISE BE NO GUTANGA

  • AMAGARA MEZA NO KWINANATA

  • URUKUNDO

  • KUBABARIRA ABANDI

  • KUGIRA INTUMBERO MU BUZIMA

  • ICIZIGIRO

Igitabu kimwe c’ubukerebutsi ntangere kivuga giti: “Hahiriwe abatagira amahinyu mu nzira yabo.” (Zaburi 119:1) Reka turabe iyo nzira, ni ukuvuga ibintu bituma umuntu ahimbarwa.