Ja ku birimwo

Ja ku rutonde rw’ibirimwo

BE MASO! No 1 2018 | Ivyotuma uhimbarwa

NI HEHE TWOKURA IMPANURO ZO KWIZIGIRWA ZOTUMA TUBAHO DUHIMBAWE?

Bibiliya ivuga iti: “Hahiriwe abatagira amahinyu mu nzira yabo.”​—Zaburi 119:1.

Ibi biganiro indwi biratanga impanuro zo kwizigirwa kandi zihuje n’igihe zifasha cane umuntu kugira ngo abeho ahimbawe.

 

Ingene wobishikira

Woba wumva ko uhimbawe? Ni ibiki bituma umuntu ahimbarwa?

Kubumbwa n’ivyo ufise be no gutanga

Abantu benshi baritiranya agahimbare n’ubutunzi. None amatungo yoba vy’ukuri azana agahimbare karamba? Ibimenyamenya vyerekana iki?

Amagara meza no kwinanata

Igihe umuntu arwaye, vyoba bica bisigura ko agahimbare kamuciye mu myanya y’intoke?

Urukundo

Gukunda no gukundwa birahambaye cane kugira duhimbarwe.

Kubabarira abandi

Umuntu w’ishavu n’inzigo ntashobora guhimbarwa, icibagiwe co ni ukugira amagara meza.

Kugira intumbero mu buzima

Kuronka inyishu zimara akanyota ku bibazo bihambaye mu buzima, birashobora gutuma tugira agahimbare.

Icizigiro

Iyo abantu benshi batabona kazoza kabo be n’ak’imiryango yabo, birabagora kugira agahimbare.

Raba n’ibindi

Hari ibintu bishobora gutuma umuntu ahimbarwa canke adahimbarwa. Raba aho wokura ku buntu impanuro zogufasha mu bibazo bihambaye mu buzima.