Ja ku birimwo

Ja ku rutonde rw’ibirimwo

Ivyogufasha kurya bike ukaryama kare

Ivyogufasha kurya bike ukaryama kare

Twaba twubatse canke tutubatse, turi bato canke dukuze, twese turipfuza kubaho duhimbawe kandi dutekanye. N’Umuremyi wacu ni vyo atwipfuriza. Ni co gituma yaduhaye impanuro nziza cane.

Nukorane umwete

“Nakore cane, akoreshe amaboko yiwe igikorwa ciza, kugira aronke ico aha uwuri mu mukeno.”​—ABANYEFESO 4:28.

Umuremyi wacu aturemesha guha agaciro akazi dukora. Uti kubera iki? Umuntu akora cane arahimbarwa kubera ko aba ashoboye kwironsa ivyo akeneye n’ivyo umuryango wiwe ukeneye. Arashobora mbere no gufasha uwuri mu mukeno. Usanga n’umukoresha wiwe amukunda. Ni co gituma umukozi mwiza adapfa kwirukanwa mu kazi. Birabereye kubona Ivyanditswe bivuga ko ivyo vyiza vyose umukozi w’umunyamwete yironkera ari “ingabirano y’Imana.”​—Umusiguzi 3:13.

Nube imvugakuri

“Tu[ra]zi neza yuko turi n’ijwi ryo mu mutima rigororotse, kuko dushaka kwigenza mu buryo bugororotse muri vyose.”​—ABAHEBURAYO 13:18.

Iyo turi imvugakuri turumva twiyubashe, tukagira amahoro yo mu mutima kandi mw’ijoro tugasinzira neza. Vyongeye, abandi baratwizigira kandi bakatwubaha. Ababeshi bobo baritesha ivyo vyiza, mbere n’ijwi ryabo ryo mu mutima rikababuza amahoro, bakagumana ubwoba ko umusi uri izina bazohinyuka.

Niwirinde gutwarwa n’amahera

“Uburyo bwanyu bwo kubaho ntibubemwo urukundo rw’amahera, mu gihe mubumbwa n’ibintu vy’iki gihe.”​—ABAHEBURAYO 13:5.

Turakeneye amahera kugira tugure ibifungurwa n’ibindi vya nkenerwa. Ariko ‘gukunda amahera’ birimwo akaga. Birashobora gutuma umuntu akoresha umwanya wiwe n’inguvu ziwe nka zose yiruka inyuma y’amahera. Ingaruka ivyo bivamwo ni uko agiranira ingorane n’uwo bubakanye, ntaronke umwanya wo kuba kumwe n’abana biwe, bikamuteza n’indwara. (1 Timoteyo 6:9, 10) N’ikindi kandi, umuntu akunda amahera yoshobora kubesha bitagoranye. Hari umugabo w’inkerebutsi yavuze ati: “Umuntu w’ibikorwa vy’ubwizigirwa azoronka imihezagiro myinshi, mugabo uwihutira kuronka ubutunzi ntazoguma ari intungane.”​—Imigani 28:20.

Nuhitemwo inyigisho nziza

“Zigama ubukerebutsi ngirakamaro n’ubushobozi bwo kwiyumvira.”​—IMIGANI 3:21.

Inyigisho nziza zituma tuba abantu b’abizigirwa n’abavyeyi beza. Ariko inyigisho dukura mu mashure zonyene ntizishobora kwama zituronsa ivyo dukeneye vyose be n’agahimbare. Kugire turoranirwe vy’ukuri mu mice yose y’ubuzima, turakeneye inyigisho iva ku Mana. Ku bijanye n’umuntu yumvira Imana, Ivyanditswe bivuga biti: “Ico akora cose kizokunda.”​—Zaburi 1:1-3.