Ja ku birimwo

Ja ku rutonde rw’ibirimwo

Kuki dushikirwa n’ingorane, tugasaza kandi tugapfa?

Kuki dushikirwa n’ingorane, tugasaza kandi tugapfa?

Umuremyi wacu adufata nk’abana biwe. Ntashaka rero ko dushikirwa n’ingorane. Naho ari ukwo, dukikujwe n’ingorane nyinshi. None biva kuki?

Abavyeyi bacu ba mbere ni bo badukwegeye ingorane

‘Igicumuro cinjiye mw’isi biciye ku muntu umwe urupfu na rwo ruzanwa n’igicumuro, gutyo urupfu rukwira ku bantu bose.’​—ABAROMA 5:12.

Imana yaremye abavyeyi bacu ba mbere Adamu na Eva bafise ubwenge butagira agahaze n’imibiri itunganye. N’ikindi kandi, yabashize mw’iparadizo yo ng’aha kw’isi, hakaba hari ahantu heza cane hitwa Edeni. Yababwiye ko bashobora kurya ku biti vyose vyari aho hantu, kiretse kimwe gusa. Ariko Adamu na Eva bahisemwo kurya ku vyamwa vy’ico giti Imana yababujije, baba baracumuye. (Itanguriro 2:15-17; 3:1-19) Bamaze gucumura, Imana yaciye ibirukana aho hantu, ubuzima buca butangura kubagora. Bahavuye bavyara abana, na bo nyene babaho mu buryo butoroshe. Bose barashaje hama barapfa. (Itanguriro 3:23; 5:5) Rero turarwara, tugasaza tukongera tugapfa kubera ko dukomoka kuri Adamu na Eva.

Abamarayika babi na bo nyene baratuma dushikirwa n’ingorane

“Isi yose iri mu bubasha bwa wa mubisha.”​—1 YOHANI 5:19.

Uwo “mubisha” ni Shetani. Ni umumarayika yagararije Imana. (Yohani 8:44; Ivyahishuwe 12:9) Mu nyuma abandi bamarayika barifatanije na we, bakaba bitwa amadayimoni. Abo bamarayika babi barakoresha ububasha bafise mu guhenda abantu no mu gutuma bagambararira Umuremyi. Barosha abantu benshi gukora ibintu bibi. (Zaburi 106:35-38; 1 Timoteyo 4:1) Shetani n’amadayimoni bararyoherwa no guteza abantu ingorane n’imibabaro.

Hari igihe twikwegera ingorane

“Ico umuntu abiba cose [ni] co nyene azokwimbura.”​—ABAGALATIYA 6:7.

Ni ivy’ukuri ko kenshi dushikirwa n’ingorane kubera igicumuro twarazwe be n’akosho Shetani agira ku bantu. Ariko birashika abantu bakikwegera ingorane. Uti gute? Igihe bakoze ibintu bibi canke bagafata ingingo zitabereye, akenshi bimbura ingaruka mbi. Ariko iyo abantu bakoze ibintu vyiza, bimbura ivyiza. Nk’akarorero, serugo w’imvugakuri, akora cane kandi akunda umuryango wiwe yimbura ivyiza vyinshi kandi agatuma umuryango wiwe uhimbarwa. Ariko uwukina akamari, akanywa inzoga nyinshi canke akaba umunebwe, arashobora kwikwegera ubukene, akabukwegera n’umuryango wiwe. Ni vyiza rero ko tugamburukira Umuremyi wacu. Yipfuza ko twimbura ivyiza vyinshi, harimwo n’“amahoro menshi.”​—Zaburi 119:165.

Turi mu “misi ya nyuma”

“Mu misi ya nyuma . . . abantu bazoba ari abikunda, inkunzi z’amahera, . . . abagambararira abavyeyi, . . . batagira ukwigumya, inkazi, badakunda iciza.”​—2 TIMOTEYO 3:1-5.

Ubu abantu benshi bigenza nk’uko bivugwa muri ico canditswe. Inyifato yabo ni kimwe mu bimenyamenya vy’uko tubayeho mu “misi ya nyuma.” Ivyanditswe vyari vyaravuze kandi ko kino kiringo cacu coranzwe n’intambara, ubukene bw’ibifungurwa, vya nyamugigima n’indwara z’ibiza. (Matayo 24:3, 7, 8; Luka 21:10, 11) Ivyo bintu vyose na vyo nyene biratuma dushikirwa n’ingorane hamwe n’urupfu.