Ja ku birimwo

Ja ku rutonde rw’ibirimwo

Inyigisho ituma tugira icizigiro

Inyigisho ituma tugira icizigiro

Imana isezerana ko vuba ibintu bizohinduka bikamera neza. Igiye gukuraho ingorane maze itume abantu baba kw’isi bahimbawe. (Zaburi 37:11) Kubera iki twokwizigira ivyo bintu isezerana? Ni kubera ko “Imana [atari] umuntu ngo ibeshe.” (Guharūra 23:19) Raba ivyiza bimwebimwe Umuremyi wacu azokora.

Imana izokuraho ababisha

“Iyo ababisha banaze nk’ivyatsi, n’abakora ibibabaza bose bagashurika, ni ukugira ngo bazimanganywe buhere.”​—ZABURI 92:7.

Nk’uko twabibonye mu kiganiro c’imbere y’iki, ubukozi bw’ikibi bubandanya kugwira. Ivyo ntibikwiye kudutangaza. Nakare Bibiliya yari yaravuze muri 2 Timoteyo 3:1-5 ko “mu misi ya nyuma” abantu bobaye babi bimwe bidasanzwe. None ni imisi ya nyuma y’iki? Ni imisi ya nyuma y’iyi si mbi igizwe n’abantu batagamburukira Imana. Vuba Imana izokuraho abantu bose badashaka guheba inyifato yabo mbi. Hazosigara gusa abantu beza, ni ukuvuga abantu bagamburukira Imana. “Abagororotsi bazokwigabira isi, kandi bazoyibako ibihe bidahera.”​—Zaburi 37:29.

Imana izokuraho Shetani

“Ya Mana itanga amahoro, vuba izofyonyora Shetani.”​—ABAROMA 16:20.

Ababisha nibakurwaho, na Shetani n’amadayimoni yiwe bakavaho, amahoro azoca asasagara mw’isi yose. Umuremyi wacu adusezeranira ati: “Nta n’umwe azobajugumiza.”​—Mika 4:4.

Imana izokuraho indwara n’urupfu

“Ihema ry’Imana riri kumwe n’abantu . . . Kandi izohanagura amosozi yose ku maso yabo, kandi urupfu ntiruzoba rukiriho, eka n’ikigandaro canke amaborogo canke ububabare ntibizoba bikiriho.”​—IVYAHISHUWE 21:3, 4.

Ingorane n’indwara bizohera kubera ko Imana izokuraho amabi yose twatejwe na Shetani, Adamu na Eva, hamwe n’umubiri wacu udatunganye. Ku bw’ivyo, mbere n’“urupfu ntiruzoba rukiriho.” Abantu bakunda Umuremyi wacu kandi bakamugamburukira bazoca biberaho ibihe bidahera. Ariko none bazoba hehe?

Umuremyi wacu azotuma isi icika Iparadizo

“Agahinga be n’akarere kagadutse bizokwigina, kandi ikiyaya c’ubugaragwa kizonezerwa, gishurike nk’ishurwe ry’izafarani.”​—YESAYA 35:1.

Imana niyakuraho ababisha, isi izoca icika Iparadizo. Izoba yuzuyeko imirima n’amashamba bibereye ijisho, kandi izoba yimbuka cane. (Zaburi 72:16) Amabahari, ibiyaga n’inzuzi bizoba bisukuye kandi vyuzuyemwo ibinyabuzima. Mbere n’ivyo gutosekaza ibidukikije nta wuzokwibuka ko vyigeze kubaho. Umuntu wese azoba aba mu nzu yiyubakiye. Ntawuzosubira kubaho atagira aho aba, kandi nta nzara canke ubukene bizoba bikiriho.​—Yesaya 65:21, 22.

Imana izozura abapfuye

“Hagiye kubaho izuka.”​—IVYAKOZWE 24:15.

Woba woshima gusubira kubona abawe wabuze? Imana Mushoboravyose igiye kubazura, babe mw’isi y’iparadizo. Uzobamenya kandi na bo nyene bazokumenya. Iyumvire ukuntu mwese muzohimbarwa! None twokwemezwa n’iki ko ivyo bizoba koko? Tuvyemezwa n’uko Bibiliya irimwo uburorero bw’abato n’abakuze bazutse bagasubira kubonana n’imiryango yabo. Vyongeye, akenshi Yezu yazura abapfuye hari abantu benshi bavyitegereza.​—Luka 8:49-56; Yohani 11:11-14, 38-44.