Ja ku birimwo

URWARUKA RURIBAZA

Nohitamwo gute umuntu yombera akarorero keza?

Nohitamwo gute umuntu yombera akarorero keza?

 “Igihe naba nagize ingorane kw’ishure, naca niyumvira umuntu nemera yagize ingorane zisa na zo kandi ivyo vyaramfasha. Naca ngerageza kumwigana. Kugira umuntu nigana vyaratumye noroherwa kwihanganira ibintu bigoye.”—Haley.

 Kugira umuntu wigana birashobora kugukingira ingorane bikagufasha no gushika ku migambi yawe. Igihambaye ni uguhitamwo umuntu yokubera akarorero keza.

 Kubera iki wokwitonda mu guhitamwo uwokubera akarorero?

  •   Abo uhitamwo baragira ingaruka ku vyo ukora.

     Bibiliya ihimiriza abakirisu kwihweza abantu b’intangakarorero. Ivuga iti: “Uko mwitegereza ico ingeso zabo zivamwo, mwigane ukwizera kwabo.”—Abaheburayo 13:7.

     Impanuro: Abo uhitamwo kwigana bazotuma umera neza canke nabi. Rero, nucagure abafise kamere nzizanziza, atari gusa abantu bakundwa na benshi canke abo mugomba kunganya imyaka.

     “Narigiye vyinshi ku mukirisu mugenzanje yitwa Adam, haba ku gatima yagaragaza no ku kuntu yigenza. Biratangaje kubona ncibuka neza ibintu bimwebimwe yavuze be n’ivyo yakoze. Ntazi ko namwigiyeko vyinshi.”—Colin.

  •   Abo uhitamwo baragira ingaruka ku vyo wiyumvira no ku kuntu wiyumva.

     Bibiliya ivuga iti: “Ntimuzimire. Kwifatanya n’ababi kwonona ingeso nziza.”—1 Abakorinto 15:33.

     Impanuro: Nuhitemwo umuntu afise kamere nziza, nturabe gusa ubwiza bwo ku mubiri. Atari uko, nta kindi wohanoba atari ugucika intege.

     “Igihe wama wigereranya n’abantu ba rurangiranwa, bituma wumva ko ata co umaze be n’uko uri mubi. Ivyo vyoshobora gutuma urazwa ishinga cane n’ukuntu usa.”​—Tamara.

     Zirikana kuri iki kintu: Ni ingorane izihe wogira nka hamwe wohitamwo kwigana abantu ba rurangiranwa canke abanonotsi?

  •   Abo uhitamwo barashobora gutuma ushika ku migambi yawe canke utayishikako.

     Bibiliya ivuga iti: “Uwugendana n’inkerebutsi azocika inkerebutsi.”—Imigani 13:20.

     Impanuro: Nuhitemwo abantu bafise kamere wipfuza kugira. Igihe ubihweza woshobora kubona intambwe ukeneye gutera kugira ushike ku mugambi wawe.

     “Aho kwishingira umugambi udatomoye nk’uyu ngo ‘Nshaka kurushiriza kwitaho ibintu,’ ushobora riho kuvuga ngo ‘Nshaka kurushiriza kwitaho ibintu nka Jane. Ntiyigera acerwa kandi arafatana uburemere ibikorwa ajejwe.’”​—Miriam.

     Iciyumviro nyamukuru: Kugira ngo ube umuntu ushaka kuba, utegerezwa guhitamwo abantu bokubera akarorero keza.

Kwigana umuntu w’intangakarorero birashobora gutuma woroherwa no gushika ku migambi yawe.

 Womuhitamwo gute?

 Mu guhitamwo umuntu yokubera akarorero keza, woshobora gukoresha bumwe muri ubu buryo:

  1.   Urashobora guhitamwo kamere ushaka gutsimbataza hama ugaca uhitamwo umuntu wemera afise iyo kamere.

  2.   Urashobora guhitamwo umuntu wemera hama ugaca uhitamwo kamere afise wipfuza gutsimbataza.

 Umwimenyerezo uri kumwe n’iki kiganiro urashobora kugufasha muri ivyo.

 Mu bo wohitamwo harimwo:

  •  Abo mu runganwe rwawe. “Umugenzi wanje somambike ni umuntu nipfuza kwigana. Yama arondera umwanya wo kwitwararika abandi. Ndamurusha imyaka, ariko arafise kamere nziza jewe ntafise, kandi bituma nipfuza kumwigana.”—Miriam.

  •  Abakuze. Abo boshobora kuba ari abavyeyi bawe canke abo musangiye ukwemera. “Abavyeyi banje bompi barambera akarorero keza. Bafise kamere nziza cane. Ndabona utunenge twabo ariko kandi ndabona ko baguma ari intahemuka naho bafise utwo tunenge. Ninangana na bo, nipfuza ko nanje novugwa gutyo nyene.”​—Annette.

  •  Abantu bavugwa muri Bibiliya. “Narahisemwo abantu benshi bo muri Bibiliya nokwigana: Timoteyo, Rusi, Yobu, Petero na ka Kisirayelikazi kandi umwe wese hari icatumye ndamushima. Uko ndushiriza kwiga abantu bavugwa muri Bibiliya ni ko ndushiriza kubona ko babayeho koko. Nararyohewe cane no kwiga inkuru zabo mu gitabu Niwigane ukwizera kwabo no mu gice kivuga ngo ‘Ahari uturorero wokwigana’ kiri muri vya bitabu bibiri Ibibazo urwaruka rwibaza—Inyishu ngirakamaro.”​—Melinda.

 Impanuro: Nturondere umuntu umwe gusa wokwigana. Intumwa Paulo yabwiye abakirisu bagenziwe ati: “Mugumize ijisho ku bagenda bisunga akarorero twabahaye.”—Abafilipi 3:17.

 Wari ubizi? Urashobora kubera abandi akarorero keza. Bibiliya ivuga iti: “Nubere akarorero abizigirwa mu mvugo, mu ngeso, mu rukundo, mu kwizera, mu kutandura.”—1 Timoteyo 4:12.

 “Woshobora kuba uriko uraryohora zimwe muri kamere zawe, ariko kandi ugafasha abandi kugira baryohore kamere zabo. Ntuba uzi abariko barakwihweza kandi ntuba uzi ukuntu ivyo uvuga bishobora guhindura ubuzima bw’umuntu.”​—Kiana.