Ja ku birimwo

Ja ku rutonde rw’ibirimwo

Umukenyezi w’ubwenge arubahiriza ijwi ryiwe ryo mu mutima

TWISUNZE BIBILIYA

Gukorora inda

Gukorora inda

Inda zirenga imiliyoni 50 ni zo zama zikororwa buri mwaka, ico kikaba ari igitigiri kiruta ic’abanyagihugu bo mu bihugu bitari bike.

Vyoba ari bibi canke ni ingingo umuntu yifatira?

ABANTU BABIVUGAKO IKI?

Abakenyezi bakorora inda kubera imvo zitandukanye, nk’ubukene, ingorane bafitaniye n’abazibateye, kurondera umwidegemvyo wo kwiga amashure yiyongereye canke gukora akazi, canke kuba badashaka kwirerana umwana. Ariko abandi babona ko gukorora inda ari bibi, ko ari ukwirengagiza ibanga umukenyezi yibungenze aba afise.

BIBILIYA IBIVUGAKO IKI?

Imana ibona ko ubuzima ari bweranda na canecane ubuzima bw’umuntu. (Itanguriro 9:6; Zaburi 36:9) Ni ko ibona n’uruyoya rukiri mu mbanyi, aho Imana yategekanije ko ikibondo gikurira. Umwanditsi umwe wa Bibiliya yavuze ati: “Watumye nguma ntwikiriye mu nda ya mama. Amaso yawe yarambonye nkiri inda y’agasamo, kandi mu gitabu cawe ibihimba vyanje vyose vyari vyanditswe, ku bijanye n’imisi vyabumbiweko.”Zaburi 139:13, 16.

Turatahura kandi ukuntu Imana ibona ubuzima bw’umwana akiri mu nda turavye amategeko yahaye ihanga rya Isirayeli be n’ijwi ryo mu mutima yaduhaye. Muri ayo mategeko hari iryavuga ko umuntu agiriye nabi umugore yibungenze bigatuma imbanyi yiwe ikoroka, uwo muntu yacirirwa urwo gupfa kugira ngo ubuzima bwiwe burihe ubwo yatse ico kibondo. (Kuvayo 21:22, 23) Ariko rero abacamanza babwirizwa gusuzuma agatima umuntu yabikoranye be n’ukuntu ibintu vyari vyifashe.Guharūra 35:22-24, 31.

N’ikindi, abantu barafise ijwi ryo mu mutima. Igihe umukenyezi yumviye ijwi ryiwe ryo mu mutima akubahiriza ubuzima bw’umwana wiwe akiri mu nda, riramuha amahoro. * Ariko igihe arirenzeko rirashobora kumubuza amahoro canke mbere rikamwagiriza. (Abaroma 2:14, 15) Nkako ivyigwa vyerekana ko abakenyezi bakoroye imbanyi bishoboka cane ko barwara akabonge bakagira n’amaganya mu buzima.

Bite hamwe woba ubona ko kurera umwana ari umutwaro utokwitura na canecane igihe wibungenze utabishaka? Imana irahumuriza abubahiriza amategeko yayo mu kubaha umuhango ugira uti: “Ku ntahemuka uzokwerekana ko udahemuka; ku muntu w’umugabo [canke w’umugore] atagira amahinyu, uzokwerekana ko utagira amahinyu.” (Zaburi 18:25) Bibiliya kandi itubwira iti: “Yehova akunda ubutungane, kandi ntazoheba intahemuka ziwe.”Zaburi 37:28.

“Ijwi ryo mu mutima ryabo rishinga intahe hamwe na bo, kandi mu vyiyumviro vyabo bararegwa canke mbere bakaregurwa.”Abaroma 2:15.

Wokora iki nimba warakoroye inda?

ABANTU BABIVUGAKO IKI?

Umukenyezi yireranye abana yitwa Ruth * agira ati: “Nari mfise abana bakiri bato batatu. Numva ko uwa kane ntomushobora. Ariko maze gukorora iyo nda numva ko nakoze ikibi c’agahomerabunwa.” None yoba yakoze icaha kitababarirwa?

BIBILIYA IBIVUGAKO IKI?

Yezu Kristu yarerekanye ukuntu Imana ibona ico kibazo. Yavuze ati: “Sinaje guhamagara abagororotsi, ahubwo naje guhamagara abacumuzi ngo bigaye.” (Luka 5:32) Igihe twumva ko tubabajwe rwose n’ikibi twakoze maze tukigaya tugasaba Imana ikigongwe, iratubabarira n’igihe nyene tuba twakoze ivyaha bikomeye. (Yesaya 1:18) Muri Zaburi 51:17 hagira hati: “Umutima umenaguritse kandi ujanjaguritse, ewe Mana, ntuzowusuzugura.”

Umuntu yigaye agasenga Imana yicishije bugufi, iraheza ikamuronsa amahoro yo mu mutima, ntabe aciyagiriza. Mu Bafilipi 4:6, 7 havuga ngo: “Mu gusenga no mu gutakamba hariko n’ugukenguruka, ivyo musaba bimenyeshwe Imana; maze amahoro y’Imana arengeye ukwiyumvira kwose azorinda imitima yanyu n’ububasha bwanyu bwo kwiyumvira.” * Ruth amaze kwiga Bibiliya no gutura Imana umubabaro afise, yararonse ayo mahoro yo mu mutima. Yariboneye “ukubabarirwa nyakuri” kuva ku Mana.Zaburi 130:4.

[Imana] ntiyadukoreye ibihwanye n’ibicumuro vyacu; eka ntiyatuzanyeko ivyo dukwiriye yisunze amakosa yacu.”Zaburi 103:10.

^ ing. 8 Ingorane z’amagara umuvyeyi canke umwana boshobora kugira, ntizikwiye kuba icitwazo co gukorora inda. Nimba mu gihe c’ukwibaruka umugabo n’umugore babwirizwa guhitamwo kurokora ubuzima bw’umuvyeyi canke bw’umwana, iyo ni ingingo bifatira. Ariko ntiwumve, iyo ngorane ishika gake kubera ko ubuvuzi bwateye imbere.

^ ing. 12 Si ko asanzwe yitwa.

^ ing. 14 Icizigiro c’izuka na co nyene kirashobora gufasha umuntu kugira amahoro yo mu mutima. Raba ikiganiro c’“Ibibazo vy’abasomyi” mu Munara w’Inderetsi wo ku wa 15 Ndamukiza 2009, cerekana ivyiyumviro vyo muri Bibiliya vyodufasha kubona ko abana bapfa imbere yo kuvuka bashobora kuzozuka.