Ja ku birimwo

Ja ku rutonde rw’ibirimwo

Rondera kumenya ukuri

Rondera kumenya ukuri

Ingorane

Akenshi ukwinubana usanga gushingiye ku makuru atari ay’ukuri. Rimbura uburorero bukurikira:

  • Abakoresha bamwebamwe barihenda mu kwiyumvira ko abagore badashoboye ibikorwa bisaba ubuhinga buhanitse, inguvu canke ubwenge bwinshi.

  • Kera i Buraya, Abayahudi barababeshera ko bashira uburozi mu mariba y’amazi be n’uko bakwiragiza indwara. Mu gihe c’intwaro y’Abanazi, Abayahudi barasubiye kubasiga iceyi. Ico gihe hoho babagirije ko ari bo batumye ubutunzi buhungabana mu Budagi. Ivyo bihe vyompi vyatuma Abayuda binubwa bikomeye, kandi n’ubu ntikarahera.

  • Abantu benshi barihenda mu kwiyumvira ko abantu bafise ubumuga bose bamana umujinya.

Abemera ibinyoma nk’ivyo boshobora gutanga uburorero canke ivyo bita ngo ni ibimenyamenya kugira bashigikire impengamiro yabo mbi. Vyongeye, biyumvira ko uwo wese atabashigikiye aba ari ikijuju.

Ico Bibiliya ivuga

“Si vyiza ko umuntu atagira ubumenyi.”​—IMIGANI 19:2.

Bisobanura iki? Iyo tutazi ukuri, dufata ingingo mbi. Twemeye ibinyoma aho kwemera ukuri, duca twiyumvira abandi ukutari kwo.

Ingene kumenya ukuri bidufasha

Iyo tumenye ukuri kwerekeye umugwi w’abantu kanaka, ntidupfa kwemera ibinyoma babavugako. Igihe rero tumenye ko ivyo twumvise ku biberekeye atari ukuri, duca twihatira kumenya inkuru y’imvaho.

Ico wokora

  • Niwibuke ko amakuru afatira umugwi w’abantu mu kivunga atari ngombwa ngo abe yerekeye umwe wese muri uwo mugwi.

  • Niwemere ko ivyo uzi ku bandi bishobora kuba ari bike.

  • Nugerageze kumenya ukuri uciye kw’isoko ryo kwizigirwa.