Ja ku birimwo

Ja ku rutonde rw’ibirimwo

Ukwinubana​—Woba umaze kwandukirwa?

Ukwinubana​—Woba umaze kwandukirwa?

Ukwinubana ni nk’umugera. Abo kwamaze gufata kurabasinzikaza kandi boshobora kutamenya ko bamaze kwandura.

Abantu ntibinuba gusa abo badasangiye ubwenegihugu, ibara ry’urukoba, ubwoko canke ururimi ariko kandi barinuba abo badasangiye idini, igitsina canke ikibanza mu kibano. Hari n’ababona abandi nabi bisunze imyaka bafise, amashure bize, ivyo badashoboye canke ingene basa. Ariko rero, boshobora kuguma biyumvira y’uko batinubana.

None ukwinubana kwoba gushobora kukwandukira? Abenshi muri twebwe boshobora kubona ko abandi binubana, ariko bikatugora kubona ko ubwacu twinuba abandi. Ikizwi n’uko twese usanga twinuba abandi ku rugero kanaka. Umuhinga mu vy’imibano yitwa David Williams avuga yuko igihe umuntu yiyumvira nabi umurwi w’abantu mu nyuma agahura n’umwe mu bagize uwo murwi, aca amufata ukundi kuntu kandi ntace n’ikanda ko yabigize.

Nk’akarorero, uwitwa Jovica aba mu gihugu co mu bumanuko bushira ubuseruko bwa Buraya, hakaba hari umurwi w’abantu binubwa na benshi. Yiyemerera ati: “Nahora nibaza ko ata n’umwe muri bo ashobora kuba umuntu mwiza. Yamara, sinari nzi ko nabinuba kuko nibwira ko ndabazi neza.”

Intwaro nyinshi zirashiraho amategeko yo kurwanya amacakubiri ashingiye ku moko be n’ubundi bwoko bwo kwinubana. Naho ari uko, ukwinubana kurabandanya. None ni kubera iki? Ni kubera ko ayo mategeko ahana gusa ivyo abantu bakora. Nta bushobozi afise ku vyo umuntu yiyumvira canke ingene yiyumva. Vyongeye, ukwinubana gutangurira mu vyiyumviro vy’umuntu no mu mutima wiwe. None urugamba rwo kurwanya ukwinubana rwoba ari impfagusa? Hoba hariho umuti wo kwinubana?

Ibiganiro bikurikira bigiye guca irya n’ino impanuro zitanu zafashije abantu benshi kurwanya ukwinubana mu vyiyumviro vyabo no mu mitima yabo.