Ja ku birimwo

Ja ku rutonde rw’ibirimwo

 VYOBA VYARIYADUKIJE?

Agatara k’uruzatsa rwitwa photuris

Agatara k’uruzatsa rwitwa photuris

AGATARA k’uruzatsa rwo mu bwoko bwitwa photuris, ni ukuvuga agahimba karwo gatanga umuco, gapfutswe n’utugaragamba tutari ku buringanire bumwe dutuma umuco w’urwo ruzatsa ukayangana rwose. *

Utugaragamba tutari ku buringanire bumwe

Rimbura ibi: Abashakashatsi barihweje utugaragamba tunzwinya turi ku gatara k’inzatsa zimwezimwe, basanga tugenda turagerekerana nka kurya kw’amategura asakaye inzu. Umutwe w’akagaragamba uba uryamye ku kandi kagaragamba usanga utaramutse ahangana na milimetero 0,003, hakaba harutwa n’ubwaguke bw’agashatsi k’umuntu ukagabuye na 20. Naho uwo mutwe utaramutse gato cane, bituma ka gatara karushiriza gukayangana ibice hafi 50 kw’ijana ugereranije n’uko kokayanganye utugaragamba turi ku buringanire bumwe!

Ubwo buhinga bwubuwe bwoba bushobora gukoreshwa mu kwongereza umuco wa twa dutara two mu vyuma vya elegitoronike twitwa diodes électroluminescentes? Kugira abahinga babimenye, bambitse utwo dutara utuntu dufise utugaragamba tugomba kumera nk’utwa ka gatara k’uruzatsa. None vyavuyemwo iki? Umuco w’utwo dutara warongerekanye ibice 55 kw’ijana! Annick Bay, umuhinga mu vya fizike, avuga ati: “Ikintu gihambaye muri ubwo bushakashatsi ni uko bwerekana ukuntu dushobora kwiga vyinshi mu kwihweza twitonze ibidukikije.”

None uvyibazako iki? Agatara k’izo nzatsa zo mu bwoko bwitwa photuris coba ari ikintu ciyadukije? Canke hariho uwagishizeho?

^ par. 3 Abahinga ntibaragira ubushakashatsi ku moko yose y’urwo ruzatsa.