Ja ku birimwo

Ja ku rutonde rw’ibirimwo

 TWISUNZE BIBILIYA

Ubupfumu

Ubupfumu

Vyoba ari bibi kugerageza kuvugana n’abapfuye?

“Ntimuze mwiture abavugana n’ibiremwa vy’impwemu . . . ngo muhumanywe na bo.”Abalewi 19:31.

ABANTU BABIVUGAKO IKI?

Abantu baripfuza kuronka icobasubiriza umutima mu nda yuko uwabo yapfuye atari mu mibabaro, kandi ivyo birumvikana. Uwabuze uwiwe arashobora kwibwira rero ati: “Kubera iki ntogerageza kuvugana na we biciye ku mupfumu canke uwundi avugana n’ibiremwa vy’impwemu? Hari aho yomara intuntu, nkagira n’amahoro mu mutima.”

BIBILIYA IBIVUGAKO IKI?

Ivyo kugerageza kuvugana n’abapfuye vyamye bigirwa kuva kera, kandi ico Bibiliya ibivugako kiratomoye. Nk’akarorero, Itegeko Yehova Imana yahaye ihanga rya Isirayeli ryavuga riti: “Muri wewe ntihaze haboneke umuntu . . . ahanuza uwuvugana n’ibiremwa vy’impwemu canke . . . asiguza abapfuye. Kuko uwukora ivyo bintu wese ari ikintu giteye ishishi kuri Yehova.” (Gusubira mu vyagezwe 18:10-12) Bibiliya ivuga kandi ko abakora ivy’ubupfumu bw’ubwoko ubwo ari bwo bwose “batazotorana ubwami bw’Imana.”Abagalatiya 5:19-21.

 Abapfuye hoba hari ico bashobora gukorera abakiriho?

“Abazima ba[ra]zi yuko bazopfa; mugabo abapfuye, nta co bazi namba.”Umusiguzi 9:5.

ABANTU BABIVUGAKO IKI?

Abantu benshi bavuga ko abapfuye hari ukuntu babandanya kubaho. Barashobora rero kugerageza kuvugana n’abapfuye, kumbure kugira baronke amakuru kanaka canke ngo babatururuze kugira ntibabuze amahoro abakiriho.

BIBILIYA IBIVUGAKO IKI?

“Abazima ba[ra]zi yuko bazopfa; mugabo abapfuye, nta co bazi namba . . . Urukundo rwabo n’urwanko rwabo n’ishari ryabo [bari bafise bakiriho] vyaramaze gushira.” (Umusiguzi 9:5, 6) Egome, Bibiliya yigisha ko abapfuye baba barapfuye koko! Ntibashobora kwiyumvira, gukora ikintu, canke mbere ngo basenge Imana. Muri Zaburi 115:17 havuga hati: “Abapfuye ubwabo ntibashemeza [Imana], habe n’umwe mu bamanuka baja ahantu h’agacerere.”

None ntibishika abapfumu bagatanga amakuru y’ukuri?

“Mbega abapfuye ni bo umuntu yokwitura ku bw’abazima?”Yesaya 8:19.

ABANTU BABIVUGAKO IKI?

Hari abiyumvira ko abapfumu bashobora guhishura amakuru ata wundi yomenya kiretse uwapfuye canke incuti ziwe n’abagenzi biwe.

BIBILIYA IBIVUGAKO IKI?

Mu gitabu ca 1 Samweli ikigabane ca 28 haravuga ukuntu umwami w’umuhemu yitwa Sauli yarenze itegeko Imana yatanze ryo kudahanuza abapfumu. Yarituye umupfumukazi maze uno avugana n’umuntu yitwa ko yari Samweli umusavyi w’Imana yari yarapfuye! None uwo mupfumukazi yoba vy’ukuri yaravuganye na Samweli? Habe namba! Mu vy’ukuri, yavuganye n’umwangushi yiyita umuhisi Samweli.

Uwo mwangushi yari ikiremwa c’impwemu c’ikibisha gikoreshwa na Shetani, “se w’ikinyoma.” (Yohani 8:44) Kubera iki none ibiremwa vy’impwemu vy’ibibisha, ari yo madayimoni, vyipfuza ko abantu biyumvira ko abapfuye babandanya kubaho? Intumbero bifise ni ugusiga iceyi Imana no kwerekana ko Ijambo ryayo Bibiliya ritavuga ukuri.2 Timoteyo 3:16.

Vyoba none bisobanura ko ata cizigiro twogira ku bijanye n’abapfuye? Ihibambewe! Bibiliya isezerana yuko Imana izozura abari mu mva “mw’itiro” ry’urupfu. * (Yohani 11:11-13; Ivyakozwe 24:15) Mu kurindira, turahumurizwa no kumenya ko abacu bapfuye batari mu mibabaro namba.

^ par. 16 Ikigabane ca 7 c’igitabu Mu vy’ukuri Bibiliya yigisha iki? kivuga ngo “Icizigiro nyakuri ku bawe bapfuye.”