Ja ku birimwo

Ja ku rutonde rw’ibirimwo

“Ikimenyetso gikomeye kandi giteye agahinda”

“Ikimenyetso gikomeye kandi giteye agahinda”

KU NKOMBE yo mu buseruko bw’Uruzi Motoyasu mu gisagara ca Hiroshima mu Buyapani, hari ibisigarira vy’inyubakwa yasambuwe mu 1945. Kubera iki none iyo nyubakwa imaze hafi imyaka 70 itarasanurwa?

Iyo nyubakwa yuzuye mu 1915. Yari ifise amagorofa abiri, ikaba yari yubakishijwe amatafari ahiye n’isima. Yashirwamwo ibintu vyo kuratira ijisho mu ntumbero yo guteza imbere amahinguriro. Ariko ku wa 6 Myandagaro 1945, isaha 2 n’iminota 15 z’igitondo, ibintu vyarahindutse. Ikibombe ruhonyanganda ca mbere cakoreshejwe mu ntambara, caraturitse nko ku metero 550 hejuru y’ico gisagara, hafi cane y’iyo nyubakwa. Abari muri iyo nyubakwa baciye bapfa ubwo nyene ata n’umwe avuyemwo. Ariko igikankara c’iyo nyubakwa cagumye gihagaze.

Iyo nyubakwa yagumye gutyo idasanuwe. Nk’uko vyavuzwe n’Ishirahamwe mpuzamakungu ryitaho ivy’indero, ubuhinga n’imico kama (UNESCO) *, iyo nyubakwa ni “ikimenyetso gikomeye kandi giteye agahinda kitwibutsa ikintu ruhonyanganda kuruta ibindi vyose abantu bamaze guhingura.” Mu 1996 iryo shirahamwe ryarashize iyo nyubakwa ku rutonde rw’ibibanza bihambaye bikwiye kuzigamwa, riyita Icibutso c’amahoro c’i Hiroshima.

Ariko ikibabaje ni uko mwene ivyo vyibutso biteye agahinda bitabujije ko intambara zibandanya kwiha inkumbi. Kenshi izo ntambara ziterwa n’umwina, ukwiratira igihugu be n’urwanko rushingiye ku bwoko, kw’ibara ry’urukoba canke idini. None intambara zoba zizokwamaho?

Bibiliya ivuga ko zizovaho. Muri Zaburi 46:9 havuga hati: “[Yehova Imana] ahagarika intambara gushika ku mpera y’isi. Umuheto aravunagura, emwe, icumu agahimbagura; imikogote ayituririra mu muriro.” Vyongeye, Imana izokuraho intwaro z’abantu izisubirize Ubwami bwayo, ni ukuvuga intwaro yayo izoganza isi yose irongowe na Yezu Kristu, “Umwami w’abami.”Ivyahishuwe 11:15; 19:16.

Ico gihe, ivyibutso vy’amabi y’intambara ntibizoba bigikenewe. Ku bijanye n’ibintu bitera intuntu n’umubabaro vyo muri iki gihe, muri Yesaya 65:17 havuga hati: “Ivya kera ntibizokwibukwa, eka mbere ntibizoza mu mutima.”

^ par. 4 Ishirahamwe mpuzamakungu ryitaho ivy’indero, ubuhinga n’imico kama.