BE MASO! Nzero 2015 | Ubuzima bwabayeho gute?

Inyishu utanga yoba ikwiye kuvana n’uko wemera ivy’Imana canke utavyemera?

IKIGANIRO GIHUYE N’IBIRI KU GIPFUKISHO

Ubuzima bwabayeho gute?

Kubera iki abantu benshi bisunga ivya siyansi bibagora kwemera ko ubuzima bwabayeho biciye kw’ihindagurika?

IKIGANIRO GIHUYE N’IBIRI KU GIPFUKISHO

Ibibazo bibiri bihambaye

Niwirabire nimba wonyurwa n’ivyo inyigisho y’ihindagurika isigura ku bijanye n’ingene ubuzima bwatanguye.

IKIGANIRO GIHUYE N’IBIRI KU GIPFUKISHO

Inyishu wosuzuma

Ni igiki catumye umuhakanamana akomeye ashika ku ciyumviro c’uko ubuzima bwashizweho n’uwufise ubwenge burengeye ubw’abantu?

VYOBA VYARIYADUKIJE?

Ikimamara

Ni igiki inzuki zizi ku bijanye no gukoresha neza ikibanza, kikaba ari ikintu abahinga bagiye gusigura neza mu 1999?

ICOFASHA UMURYANGO

Niwige gutsinda ishavu

Raba ibintu bitanu bishingiye kuri Bibiliya vyogufasha gutsinda ishavu.

IBIHUGU N’ABABIBAMWO

Tuje muri Kosta Rika

Raba igituma abanyagihugu bo muri ico gihugu bitwa Ticos.

IKIGANIRO TWAGIRANYE NA

“Sinshaka kuguma niyumvira indwara yanje”

Ni igiki gifasha Elisa kwihanganira indwara idakira kandi ibabaza, mbere rimwe na rimwe akibagira n’uko arwaye?

TWISUNZE BIBILIYA

Imibabaro

Imana yoba yitaho ingorane n’imibabaro bidushikira?

UDUKURU TW’IRYA N’INO

Uko ivy’amadini vyifashe

Amakuru y’ibiheruka kuba arerekana ko amadini atatumye abantu bunga ubumwe.

Ibindi usanga kuri internet

Kubera iki nokwirinda amasanamu y’ibiterasoni?

Amasanamu y’ibiterasoni afitaniye isano gute no kunywa itabi?

Nube umwana mwiza kandi utize abandi

Raba ingene Kalebu na Sonia banezerwa cane igihe batizanya ivyo bafise.