Ja ku birimwo

Ja ku rutonde rw’ibirimwo

“Sinshaka kuguma niyumvira indwara yanje”

“Sinshaka kuguma niyumvira indwara yanje”

“Nari nkeneye uwundyamika akongera akamvyura. Ntambutse narababara cane. Mu muhogo hari hariyugaye ku buryo ntashobora no kumira ibinini bigabanya ububabare. Naratanguye kugira ibikomere bidakira, bimwebimwe bikaba vyaratumye umubiri utangura kubora. Nari mfise ibihute mu mushishito, nkagira n’ikirungurira gikaze. Sinatahura ibiriko biranshikira. Nari mfise imyaka cumi gusa.”—Vyavuzwe na Elisa.

Elisa arakunda kwigisha abandi ivyerekeye Bibiliya naho afise amagara make

IJAMBO sclérodermie, irisobanura ngo “urukoba rugumye,” rirakoreshwa mu kudondora indwara zisinzikaza abantu nk’imiliyoni 2,5 kw’isi yose. Imwe muri zo ni yo abana benshi bakunda kurwara. Irasinzikaza igice kanaka gusa c’umubiri, igatuma urukoba rugumarara.

Ariko Elisa we agifise imyaka cumi, bamutoye indwara yo muri ubwo bwoko isinzikaza umubiri wose. Uretse urukoba, iyo ndwara irashobora no gusinzikaza ibihimba vyose vyo mu mubiri, harimwo amafyigo, umutima, amahaha, umushishito n’amara. Abaganga biyumviriye ko Elisa avuwe neza yoshoboye kumara imyaka itanu gusa. Ariko ubu haraciye imyaka nka 14, Elisa akaba akiriho. Naho atarakira, ntiyihebura. Ikinyamakuru Be maso! caramubajije ibijanye n’indwara yiwe be n’ikimufasha kuyihanganira.

Ni ryari watanguye kumenya ko urwaye?

Igihe nari mfise imyaka icenda, narakomeretse ku nkokora, ndababara cane. Igikomere carongerekanye, kiranka gukira. Igihe bampima amaraso, basanze ndwaye indwara yitwa sclérodermie isinzikaza umubiri wose. Kubera ko amagara yanje yariko arayonga ningoga, twari dukeneye kurondera umuganga azi kuvura iyo ndwara.

Mwoba mwaramuronse?

Twararonse umuganga avura indwara z’imitsi no mu ngingo. Yabwiye abavyeyi banje yuko hariho imiti ikaze ishobora kugabanya iyongerekana ry’iyo ndwara mu mubiri maze ngashobora kubaho yindi myaka itanu. Yavuze kandi ko iyo ndwara vyoshoboka ko ipfupfahara ntibe ikinsinzikaza. Ariko ingorane y’iyo miti ikaze ni uko yogabanije ubushobozi umubiri wanje ufise bwo kwirwanira, ku buryo n’ibicurane vyari gushobora kumpitana.

Ariko biboneka ko ata co wabaye!

Emwe, ndashima kubona nkiriho! Ariko igihe nari mfise imyaka 12, naratanguye kwumva mu gikiriza imisonga ikaze yamara nk’iminota 30, rimwe na rimwe ikaba yaramfata kabiri ku musi. Narababara cane gushika n’aho nkoma induru.

None vyava ku ki?

Abaganga basanze amaraso yanje yari akenye cane indemamubiri yitwa hémoglobine itwara mu mubiri umwuka duhema. Basanze kandi umutima waratera cane kugira ushobore kurungika amaraso mu bwonko. Naratanguye kuvurwa, maze inyuma y’indwi nkeyi ndatora mitende. Ariko ndibuka ko ico gihe nabona ko ari kabiri na rimwe bikanka rwose. Narihebuye, kuko nabona ko amagara ariko aranca mu myanya y’intoke ata co ndibukore.

Haraheze imyaka 14 bagutoye iyo ndwara. None ubu amagara yawe yifashe gute?

Ndacumva ububabare, kandi ndafise uturwararwara dufitaniye isano n’iyo ndwara. Novuga nk’ibihute, ingorane yo mu mahaha ituma umuntu adahema neza, n’ibirungurira bikaze. Ariko sinshaka kuguma niyumvira indwara yanje canke guta umwanya niganyira. Ndafise ibindi bintu bihambaye vyo gukora.

Nk’ibiki?

Ndakunda gucapa, gukora impuzu n’udusharizo two kwambara. N’igihambaye kuruta ivyo, ndabwira abandi ivyerekeye Bibiliya kuko ndi Icabona ca Yehova. N’igihe mba ntashoboye gutambuka ngo nje ku mihana y’abantu, ndiyunga ku Vyabona vya Yehova bagenzanje baba bafise abo bigisha Bibiliya baba mu karere mbamwo. Eka nanje narigeze kuronka abantu nza ndigisha Bibiliya. Ico gikorwa gituma ubuzima bwanje bugira intumbero.

Kubera iki ukora ico gikorwa kandi usanzwe wifitiye ingorane?

Kubera ko nzi yuko ivyo mbwira abandi ku bijanye na Bibiliya bihambaye cane. Vyongeye, gufasha abandi mu kubigisha bituma ndushiriza guhimbarwa. Bituma mbere ndushiriza kugira amagara meza! Ico gikorwa kiranyibagiza gatoyi indwara yanje.

None Bibiliya igufasha gute kutihebura?

Bibiliya iranyibutsa yuko imibabaro yanje hamwe n’iy’abandi izoteba ikarangira. Mu Vyahishuwe 21:4 havuga ko igihe Imana yashinze kigeze, “izohanagura amosozi yose ku maso yabo, kandi urupfu ntiruzoba rukiriho, eka n’ikigandaro canke amaborogo canke ububabare ntibizoba bikiriho.” Kwibuka ivyanditswe nk’ivyo biratuma ndushiriza kwizera ivyo Imana isezerana ku bijanye na kazoza keza ku bantu bose, harimwo n’abarwaye indwara zidakira.