Ja ku birimwo

Ja ku rutonde rw’ibirimwo

IKIGANIRO GIHUYE N’IBIRI KU GIPFUKISHO

Bibiliya yoba igifise akamaro?

Bibiliya yoba igifise akamaro?

“Emwe, ni bwo bwa mbere nari ngize umunezero!”

HILTON yarakunda urukino rwo guterana ibipfunsi. Afise imyaka indwi, yama ariko ararwana, haba ari mu kibanza kiberamwo urwo rukino canke ahandi! Ageze mu mashure yisumbuye, we n’abagenzi biwe barayerera barondera abo bakubita. Avuga ati: “Nariba, ngakina akamari, nkaraba amasanamu y’ibiterasoni, nkaburabuza abakenyezi, ngatuka n’abavyeyi. Nigenza nabi cane ku buryo abavyeyi banje babona ko ntazovayo. Ndangije amashure yisumbuye, naciye nja kwibana.”

Igihe Hilton yagaruka iwabo haciye imyaka 12, abavyeyi biwe vyarabagoye kwemera ko ari we! Yari asigaye yitonda, yigumya kandi yubaha abandi. Ni igiki none catumye ahinduka ukuraho? Igihe atari akibana n’abavyeyi, yaratanguye kuzirikana cane ku buzima bwiwe. Yaranasuzumye Bibiliya kugira arabe ko yomufasha guhinduka. Hilton yavuze ati: “Narashize mu ngiro ivyo nasoma muri Bibiliya, ivyo bikaba vyasavye ko mpeba ingeso za kera nkongera nkagamburuka itegeko ryo mu Banyefeso 6:2, 3 rinsaba kwubaha abavyeyi. Emwe, ni bwo bwa mbere nari ngize umunezero nyawo mu buzima nongera ndahimbara abavyeyi banje aho kubatera intuntu!”

Ivyashikiye Hilton birerekana ko ivyo Bibiliya yigisha ari ngirakamaro kandi ko bifise ububasha bwo guhindura umuntu. (Abaheburayo 4:12) Reka turabe bimwebimwe mu vyo yigisha, nk’ukuvuga ukuri, ukwigumya, ukudahemuka n’urukundo, turabe n’ingene vyotugirira akamaro kanini mu buzima.