Ja ku birimwo

Ja ku rutonde rw’ibirimwo

ICOFASHA UMURYANGO | KURERA ABANA

Igihe umwana abajije ibijanye n’urupfu

Igihe umwana abajije ibijanye n’urupfu

INGORANE

Umwana wawe w’imyaka itandatu akubajije ati: “Nawe uzopfa?” Ico kibazo kiragutangaza ugaca wibaza uti: ‘Uyu mwana wanje aragera gutahura ivy’urupfu? Nobimusigurira gute?

ICO UKWIYE KUMENYA

Abana bariyumvira ivyerekeye urupfu. Hari n’igihe mu dukino twabo umwe yigira nk’uwapfuye. Ntukwiye rero kwiyumvira yuko urupfu ari ikintu utokwigera ucisha mu kanwa, kandi ukwiye kureka umwana akakubaza ibibazo vyose afise ku bijanye n’urupfu. Kuza uracishamwo ukayaga na we ivyerekeye urupfu ata co umuhisha, biramufasha kwihanganira umubabaro uterwa n’ukubura uwanyu.

Kuyaga ivyerekeye urupfu ntibituma umwana wanyu yiyumvira ibintu biteye ubwoba. Ahubwo bituma ubwoba afise bugabanuka. Ariko rero, hari aho vyoba ngombwa ko umufasha gutahura neza ibintu bimwebimwe. Nk’akarorero, hari abahinga bavuga yuko abana benshi batarakwiza imyaka itandatu babona yuko iyo umuntu apfuye bitaba biheze. Mu dukino twabo, umwana arashobora kwigira nk’uwapfuye, mu nyuma agaca asubira kuba muzima.

Uko abana bakura, baratangura gutahura yuko urupfu ari ikintu gikomeye, bigatuma bamwebamwe bibaza ibibazo, bagahagarika umutima, bakagira n’ubwoba, canecane igihe mwabuze uwanyu. Ni co gituma bihambaye ko uganira n’umwana ivyerekeye urupfu. Umuhinga mu vy’amagara yo mu mutwe yitwa Marion Haza avuga ati: “Igihe umwana abonye ko atemerewe kuyaga ivyerekeye urupfu i muhira, biratuma urupfu rumutera ubwoba.”

Ntuhagarike cane umutima ku bijanye n’ingene wobimusigurira. Itohoza rimwe ryagizwe ryerekanye yuko abana bakeneye gusa ko “ubabwiza ukuri ukoresheje amajambo ahumuriza.” Ico womenya co ni uko umwana akenshi akubaza ikibazo yiteguriye kwumva inyishu yaco.

ICO WOKORA

Ntugishe akaryo ko kumuyagira ivyerekeye urupfu. Umwana wawe abonye akanyoni kapfuye ku nzira canke akabona igikoko mwari mutunze capfuye, numubaze utubazo tworoshe kugira ngo umuremeshe guserura ico yiyumvira. Nk’akarorero womubaza uti: “Igikoko capfuye coba kibabara? Coba cumva imbeho canke inzara? Umenya gute yuko umuntu canke igikoko vyapfuye?”—Iciyumviro co muri Bibiliya cofasha: Umusiguzi 3:1, 7.

Numubwize ukuri. Igihe hari umuntu wo mu muryango canke uwo muzinanye yapfuye, niwirinde kuvuga ngo “Yaragiye” canke gukoresha izindi mvugo mbabariramatwi mugabo zigoye gutahura. Imvugo nk’izo zishobora gutuma umwana yiyumvira ko uwo muntu yapfuye atazoteba kugaruka i muhira. Nukoreshe nyabuna amajambo yoroshe kandi atazigura. Nk’akarorero woshobora kuvuga uti: “Igihe nyokuru yapfa, umutima wiwe waciye ureka gukora. Ntidushobora kumuvugisha ariko ntituzokwigera tumwibagira.”—Iciyumviro co muri Bibiliya cofasha: Abanyefeso 4:25.

Kubera ko umwana ashobora kwiyumvira ko urupfu rwandukira, numuhumurize umubwire ko ata co aba

Numusubirize umutima mu nda. Hari aho umwana wawe yokwibaza yuko ivyo yakoze canke ivyo yiyumviriye ari vyo vyatumye uwo muntu apfa. Aho kumubwira gusa ko atari we yabitumye, womubaza uti: “Kubera iki wiyumvira ko ari wewe watumye apfa?” Nuce umutega yompi, udafatira mu rwara ukuntu yiyumva. Vyongeye, kubera ko umwana ashobora kwiyumvira ko urupfu rwandukira, numuhumurize umubwire ko ata co aba.

Nutume aserura iryo agona. Ntiwitinye kumubwira ivyerekeye abanyu bapfuye, ushizemwo n’incuti atigeze amenya. Nk’akarorero woshobora kumubwira ibintu vyiza wibuka kuri nyinabo, sewabo, sekuru canke inakuru, ukamubwira n’ibintu bitwenza ubibukirako. Igihe umuyagira ibijanye n’abo bantu, biramufasha gutahura yuko kubavuga canke kubiyumvira atari bibi. Ariko umwana adashaka kuyaga ntumuhate. Urashobora kuzorondera uwundi mwanya ubereye wo kuyaga na we.Iciyumviro co muri Bibiliya cofasha: Imigani 20:5.

Ikigabane ca 34 n’ica 35 vy’igitabu Igira kuri wa Mwigisha Ahambaye birashobora gufasha abana bawe gutahura ico Bibiliya ivuga ku bijanye n’urupfu. Raba ahavuga ngo IVYASOHOWE > IBITABU N’UDUTABU