Ja ku birimwo

Ja ku rutonde rw’ibirimwo

Agatabu Niwijukire Gusoma no Kwandika karafasha abantu kwiga gusoma no kwandika. Haramaze gusohorwa utwo dutabu amamiliyoni mu ndimi zirenga 100

Barigisha Bibiliya be no gusoma no kwandika

Barigisha Bibiliya be no gusoma no kwandika

“Umuntu wese arafise uburenganzira bwo kwiga gusoma no kwandika ico kikaba ari ikintu gituma atera imbere, imiryango be n’ibihugu na vyo bikabona gutera imbere.”—UNESCO. *

AMARAPORO yerekana ko kw’isi yose abantu barenga imiliyoni 700 bafise imyaka 15 n’iyirenga batazi gusoma no kwandika. Ivyo bituma batamenya ibintu vyinshi, harimwo n’ibiri muri Bibiliya “vyanditswe kugira bitwigishe,” bidufasha kugira ingeso nziza no kwiyegereza Imana. (Abaroma 15:4) Ni co gituma mu bihugu vyinshi, igihe Ivyabona vya Yehova bigisha abantu Bibiliya babigisha kandi gusoma no kwandika, ivyo bakaba babigira ku buntu. None hari iciza vyavuyemwo?

Reka dufate akarorero k’Ivyabona vya Yehova bo muri Megizike, ico kikaba ari igihugu kirimwo abantu benshi bavuga igisupanyoli. Kuva mu 1946, Ivyabona baramaze kwigisha gusoma no kwandika abantu barenga 152.000, benshi muri abo bakaba na bo nyene mu nyuma bigisha abandi. Leta yarandikiye Ivyabona amakete atari make kugira ibashimire ku bw’ico gikorwa. Ikete rimwe ryagira riti: “Ibiro bikuru biraba ivy’indero birashima ingene mushigikira umugambi wo kwigisha abakuze gusoma no kwandika.”

Abato n’abakuze barungukiye kuri ivyo vyigwa. Nk’akarorero, Josefina yari afise imyaka 101 igihe yatangura ivyo vyigwa. Mu myaka ibiri yari amaze kumenya gusoma no kwandika.

Naho ururimi nyamukuru muri Megizike ari igisupanyoli, ivyo vyigwa biragirwa no mu zindi ndimi. Mu 2013, abantu bavuga indimi kavukire umunani barize gusoma no kwandika mu ndimi zabo.

Mu vy’ukuri, kumenya gusoma no kwandika ni ikintu gihambaye gituma umuntu amenya ibintu vyinshi. Ariko igihambaye kuruta biratuma abantu b’uburyo bwose bashobora gusoma Bibiliya, ico kikaba ari igitabu canditswe bivuye ku Mana gishobora gutuma abantu bava mu buja bw’ibintazi, inyigisho z’ikinyoma be n’ingeso mbi.Yohani 8:32.

^ ing. 2 UNESCO ni Ishirahamwe mpuzamakungu ryitaho ivy’indero, ubuhinga n’imico kama.