Ja ku birimwo

Ja ku rutonde rw’ibirimwo

Ni nde yashize muri Bibiliya imirongo n’ibigabane?

Ni nde yashize muri Bibiliya imirongo n’ibigabane?

NIWIHE ishusho uri umukirisu wo mu kinjana ca mbere. Ishengero urimwo riraronse ikete rivuye ku ntumwa Paulo. Bariko bararisoma urumva ingene Paulo asubiramwo incuro nyinshi amajambo yo mu “vyanditswe vyeranda” ari vyo Vyanditswe vy’igiheburayo. (2 Timoteyo 3:15) Woshobora kwibwira uti: ‘Nohimbarwa no kumenya aho ivyo yavuze biri.’ Ariko ivyo ntivyari kuba vyoroshe. Uti kubera iki?

NTA BIGABANE N’IMIRONGO VYARIMWO

Raba aho hepfo ingene ivyandikano vya kera vy’“ivyanditswe vyeranda” vyari bimeze mu gihe ca Paulo. Ico candikano cerekanywe ni igice c’umuzingo watowe ku Kiyaga c’umunyu uriko igitabu ca Yesaya. None ubona kimeze gute? Nta kaburungu nta n’agakwabu. Kandi nta bigabane canke imirongo biriko nk’uko tubimenyereye muri kino gihe.

Abanditse Bibiliya ntibagiye barashiramwo ibigabane canke imirongo. Bandika ivyo Imana yababwira kwandika vyose kugira n’abasomyi baze babisome vyose ntibasome gusa ibice bimwebimwe. None ivyo si vyo nyene ugira igihe uronse ikete rivuye ku mugenzi wawe? Ntusoma gusa ibice bimwebimwe vyaryo ahubwo urisoma ryose.

Ariko rero kuba ata bigabane canke imirongo vyari birimwo vyaratera ingorane. Mu gusubiramwo ibiri mu vyanditswe vyeranda, Paulo yavuga gusa ati: “Nk’uko vyanditswe” canke “Nk’uko Yesaya yari yarabivuze.” (Abaroma 3:10; 9:29) Ntivyari vyoroshe gutora aho ivyo ariko aravuga biri kiretse uri umuntu amenyereye cane gusoma “ivyanditswe vyeranda” uko vyakabaye.

Vyongeye, ivyo “vyanditswe vyeranda” ntivyari bigizwe n’ubutumwa bumwe gusa buvuye ku Mana. Mu mpera y’ikinjana ca mbere bwari bugizwe n’ibitabu 66 vyashizwe hamwe. Ni co gituma abasoma Bibiliya bahimbarwa no kuba irimwo ibigabane n’imirongo bibafasha gutora amakuru bipfuza, nka ya majambo Paulo yasubiyemwo ayakuye mu bindi bitabu vya Bibiliya.

Ushobora kwibaza uti: ‘Ni nde yashize ivyo bigabane n’imirongo muri Bibiliya?’

NI NDE YASHIZEMWO IBIGABANE?

Bivugwa ko umwongereza yitwa Stephen Langton, uwahavuye aba Musenyeri mukuru w’i Cantorbéry, ari we yashize ibigabane muri Bibiliya. Ivyo yabigize mu ntango z’ikinjana ca 13, igihe yari umwigisha kuri kaminuza y’i Paris mu Bufaransa.

Imbere y’uko Langton abigira, hari abahinga bari baragerageje gushira ibigabane muri Bibiliya ahanini kugira biborohera gutora amakuru bashaka. Na wewe urumva ko vyari kuborohera cane gutora umurongo bashaka igihe bariko bawurondera mu kigabane kimwe aho kuwurondera mu gitabu cose nk’igitabu ca Yesaya kigizwe n’ibigabane 66.

Ariko rero ivyo vyarateye ingorane. Abo bahinga bakoresha uburyo bwinshi budasa. Nk’akarorero, n’aho ubu Injili ya Mariko ifise ibigabane 16, hari abari bayigabuye mu bigabane bishika 50. Mu gihe ca Langton, i Paris hari abanyeshure bava mu bihugu bitandukanye, kandi bari baje bazanye Bibiliya zari mu ndimi zabo kavukire. Ariko rero abigisha n’abanyeshure ntibashobora kwerekana aho bakuye ivyiyumviro igihe baba bariko baraganira kuri Bibiliya. Kubera iki? Kubera ko muri Bibiliya zabo ibigabane bitahura.

Langton yaciye rero atanguza uburyo bushasha bwo gushira ibigabane muri Bibiliya. Igitabu kimwe (The Book​—A History of the Bible) kivuga ko ubwo buryo “bwashimishije cane abasomyi n’abimuzi ba Bibiliya” be n’uko “butatevye gukoreshwa i Buraya hose.” Uburyo yakoresheje ni bwo Bibiliya nka zose zo muri kino gihe zikoresha.

NI NDE YASHIZEMWO IMIRONGO?

Haciye nk’imyaka 300, ni ukuvuga hagati y’ikinjana ca 16, Umufaransa yari azwi cane mu bijanye no gusohora ibitabu yitwa Robert Estienne yaratumye ibintu birushiriza kworoha. Yashaka ko abantu benshi bokwiga Bibiliya. Yarabonye ko vyoba vyiza hakoreshejwe uburyo bumwe mu gushira muri Bibiliya ibigabane be n’imirongo.

Estienne si we yatanguje iciyumviro co gushira muri Bibiliya imirongo. Hari abandi bari bamaze kubigira. Nk’akarorero, hari haciye ibinjana abimuzi b’Abayuda bashize imirongo mu Vyanditswe vy’igiheburayo ari vyo bikunze kwitwa Ubwuzure bwa kera. Mugabo bashizemwo imirongo gusa ntibashizemwo ibigabane. Kandi nk’uko nyene vyari vyagenze ku bijanye n’ibigabane, n’imirongo ntiyashizwemwo kumwe.

Estienne yarashize bushasha imirongo mu Vyanditswe vy’ikigiriki ari vyo bikunze kwitwa Ubwuzure bushasha, abigira yisunze ingene vyagizwe mu Vyanditswe vy’igiheburayo. Mu 1553, yarasohoye Bibiliya ya mbere yuzuye (mu gifaransa) igizwe n’ibigabane be n’imirongo bisa n’ibiri muri Bibiliya nyinshi zo muri kino gihe. Hari abamunebaguye bavuga ko iyo mirongo icagagura igisomwa co muri Bibiliya nk’aho womengo iyo mirongo igizwe n’ivyiyumviro bitandukanye. Ariko abandi bantu basohora Bibiliya ntibatevye gukoresha ubwo buryo.

BIROROHEREZA ABIGA BIBILIYA

Gushira ibigabane n’imirongo muri Bibiliya nticabaye igikorwa coroshe. Ariko ivyo biradufasha gutora imirongo yo muri Bibiliya. Ego ni ko ivyo bigabane n’iyo mirongo ntivyavuye ku Mana kandi rimwe na rimwe biracagagura igisomwa co muri Bibiliya iciyumviro kitarahera. Ariko biratuma bitworohera kumenya aho amajambo aba yasubiwemwo mu gitabu kanaka ari no kwereka abandi imirongo yadukoze ku mutima nka kurya nyene dushobora guca akarongo ku majambo yadushimishije mw’ikete canke mu kindi gitabu.

Naho ivyo bigabane n’imirongo bidufasha, urama wibuka ko bihambaye gutahura ubutumwa bwose Imana yaduhaye. Niwimenyereze gusoma imirongo uyifatiye hamwe aho gusoma imwimwe gusa. Niwabigenza gutyo uzorushiriza gutahura “ivyanditswe vyeranda, ibishobora kukugira inkerebutsi ku bw’ubukiriro.”​—2 Timoteyo 3:15.