Ja ku birimwo

Ja ku rutonde rw’ibirimwo

UMUNARA W’INDERETSI No 2 2021 | Isi nziza iri hafi

Ibintu biriko biraba kw’isi, vyoba vyerekana ko umuhero w’isi uri hafi? Nimba uri hafi, hoba hari ico twokora ngo tuzorokoke uwo muhero? Inyuma y’umuhero hazoca haba iki? Ibiganiro biri muri iki kinyamakuru biraza kuturonsa inyishu zihumuriza Bibiliya itanga.

 

Turakeneye isi nziza!

Uko ibintu vyifashe kw’isi birerekana ko ibintu bikwiye guhinduka.

Iyi si yoba igiye kuvaho?

Bibiliya iravuga ibijanye n’umuhero w’isi, ariko kandi ikavuga ko iyi isi izokwama ibako abantu.

Umuhero uzoza ryari? Ivyo Yezu yavuze

Woba uriko urabona ibintu Yezu yavuze?

Ivyo wokora kugira ngo uzobe mw’isi nshasha

Kugiranira ubugenzi n’Imana bifitaniye isano gute no kurokoka?

Ingene isi nshasha y’iparadizo izoba imeze

Imana niyashitsa ivyo yasezeranye, ibintu bizomera gute kw’isi?

Umuhero w’isi woba uri hafi?

Inyishu Bibiliya itanga zoshobora kugutangaza.