Ja ku birimwo

Ja ku rutonde rw’ibirimwo

Iyi si yoba igiye kuvaho?

Iyi si yoba igiye kuvaho?

Ushobora kuba umaze kwumva yuko Bibiliya ivuga ibijanye n’umuhero w’isi. (1 Yohani 2:17) Umuhero w’isi woba usobanura uguherengetera kw’abantu? Umubumbe w’isi woba uzocika ahantu ubuzima budashoboka canke ugakurwaho burundu?

INYISHU BIBILIYA ITANGA KURI IVYO BIBAZO BIBIRI NI OYA!

Ni ibiki bitazohera?

ABANTU

Ivyo Bibiliya ivuga: ‘Imana ntiyaremye isi ngo ibeko ubusa gusa, mugabo yayiremye ngo ibeko abantu.’​—YESAYA 45:18.

UMUBUMBE W’ISI

Ivyo Bibiliya ivuga: “Iyaruka rimwe riragenda, irindi rikaza; ariko isi igumaho gushika igihe kitagira urugero.”​—UMUSIGUZI 1:4.

ICO BISOBANURA: Twisunze ivyo Bibiliya ivuga, isi tubako ntizokwigera irandurwa, kandi izokwama ibako abantu. None umuhero w’isi usobanura iki?

ZIRIKANA IKI KINTU: Umuhero w’isi wegereje, Bibiliya iwugereranya n’ivyabaye mu gihe ca Nowa. Ico gihe, isi yari “yuzuye ubukazi.” (Itanguriro 6:13) Ariko Nowa yari umuntu w’intungane. Ivyo vyatumye Imana ikiza Nowa n’umuryango wiwe, ariko ihonya abanyakibi ikoresheje umwuzure. Mu kuvuga ibintu vyabaye ico gihe, Bibiliya igira iti: “Isi y’ico gihe yaratikijwe igihe yarengerwa n’amazi y’umwuzure.” (2 Petero 3:6) Uwo wari umuhero w’isi. None hatikiye iki? Si iyi si tubako, ahubwo abantu babi ni bo batikiye. Iyo rero Bibiliya ivuze ibijanye n’umuhero w’isi, ntiba ishatse kuvuga ibijanye n’ugukurwaho kw’umubumbe w’isi. Ahubwo iba ishaka kuvuga iherezo ry’abantu babi baba kw’isi be n’ibikorwa vyabo vyose.

Ni ibiki bizohera?

INGORANE BE N’UBUBISHA

Ivyo Bibiliya ivuga: “Kandi hasigaye akanya gatoyi, umubisha ntabe akiriho. Kandi uzokwitegereza koko aho yahora, umubure. Mugabo abatekereza bazokwigabira isi, kandi bazokwinovora amahoro menshi.”​—ZABURI 37:10, 11.

ICO BISOBANURA: Umwuzure wo mu gihe ca Nowa, ntiwakuyeho ababisha ubutakigaruka. Inyuma y’Umwuzure, ababisha barasubiye guteza ingorane. Ariko rero vuba Imana igiye gukuraho ububisha bwose. Nk’uko uwo mwanditsi wa zaburi yabivuze, “umubisha nta[zoba] akiriho.” Imana izokuraho ububisha biciye ku Bwami bwayo, na bwo bukaba ari intwaro yo mw’ijuru izoganza isi yose izoba iriko abantu bagamburukira Imana.

ZIRIKANA IKI KINTU: Abategetsi b’iyi si, boba bazokwemera gutegekwa n’ubwo Bwami bw’Imana? Bibiliya yerekana ko batazovyemera. N’ubujuju n’akantu, bazorwanya ubwo Bwami bw’Imana. (Zaburi 2:2) None bizoca bigenda gute? Ubwami bw’Imana buzoca busubirira intwaro zose z’abantu, yamara “bwobwo buzohangama gushika ibihe bitagira urugero.” (Daniyeli 2:44) Ni kubera iki none intwaro z’abantu zikwiye kuvaho?

IGITUMA intwaro z’abantu zikwiye kuvaho

Ivyo Bibiliya ivuga: “Umuntu agenda, si ivyiwe kuyobora intambuko yiwe.”​—YEREMIYA 10:23.

ICO BISOBANURA: Abantu ntibaremanywe ubushobozi bwo kwitegeka. Ntibashobora gutegeka neza abandi be no gutorera umuti ingorane zabo.

ZIRIKANA IKI KINTU: Igitabu kimwe, (Britannica Academic) kivuga ko intwaro imwimwe ukwayo, isa n’iyidashobora “kurwanya abansi bahanze isi yose, ni ukuvuga ubukene, inzara, indwara, ivyago vy’ivyaduka, intambara canke ubundi bukozi bw’ikibi.” Gica congerako giti: “Hari . . . abiyumvira ko hamwe hoboneka intwaro imwe iganza isi yose, ari yo yoshobora gutorera umuti izo ngorane.” Ariko rero naho intwaro zose z’abantu zogira urunani, n’ubundi isi yoguma itwarwa n’abantu badatunganye badashobora gukuraho izo ngorane duhejeje kuvuga. Ubwami bw’Imana ni yo ntwaro yonyene ifise ububasha bwo gukuraho burundu ingorane zose zihanze abantu.

Twisunze Bibiliya rero, abantu bagamburukira Imana ntibakwiye gutinya umuhero w’isi, ni ukuvuga ugukurwaho kw’abantu babi be n’ibikorwa vyabo. Ahubwo ni ikintu bokwitegana igishika, kubera ko iyi si yononekaye izoca isubirirwa n’isi nshasha iteye igomwe y’Imana!

None ivyo vyose bizoba ryari? Ikiganiro gikurikira kirerekana ico Bibiliya ibivugako.