Ja ku birimwo

Ja ku rutonde rw’ibirimwo

Ico dushobora kwigira ku karorero ka Mariya

Ico dushobora kwigira ku karorero ka Mariya

Ico dushobora kwigira ku karorero ka Mariya

Woba urigera wumva urengewe n’ingorane canke ibanga utari witeze? Woba wumva uruhijwe n’urugamba wama urimwo rwo kwironsa ibigutunga? Kumbure woba uri mu bantu amamiliyoni bumva bataye umutwe canke bafise ubwoba kubera ko babwirijwe kuva mu gihugu cabo c’amavukiro bagahunga. Vyongeye, ni nde muri twebwe bitarashika ngo agire intuntu ikomeye be n’akabonge inyuma yo kubura uwiwe?

 WOBA wari uzi yuko Mariya, nyina wa Yezu, yashikiwe n’izo ngorane zose? Ariko igihambaye kuruta, yarashoboye kuzihanganira. None ni igiki dushobora kwigira ku karorero kiwe?

Nta gukeka ko Mariya azwi kw’isi yose. Kandi ntibitangaje kubera yuko yaranguye uruhara rudasanzwe mw’iranguka ry’imigambi y’Imana. N’ikindi kandi, Mariya arasengwa n’abantu amamiliyoni. Ekeleziya Gatolika iramwubaha cane ikamufata ko ari Umuvyeyi mukundwa be n’uko ari akarorero mu bijanye n’ukugira ukwizera, icizigiro, be n’ukugirira neza abandi. Abatari bake bigishijwe yuko Mariya ashikana abantu ku Mana.

Wewe ubona gute nyina wa Yezu? N’igihambaye kuruta, Imana imubona gute?

Ashingwa ibanga ridasanzwe

Mariya, umukobwa wa Heli, yari Umwisirayelikazi wo mu muryango wa Yuda. Ahantu ha mbere muri Bibiliya havuga ibimwerekeye ni ahajanye n’ikintu kidasanzwe cashitse. Umumarayika yaramugendeye maze avuga ati: “Amahoro, wewe uwagiriwe ubutoni budasanzwe, Yehova ari kumwe nawe.” Mariya yabanje guhagarika umutima aca “atangura kwibaza iyo ndamutso iyo ari yo.” Umumarayika ni ko guca amubwira yuko yari yatowe ku bw’ibanga ridasanzwe ariko kandi ritoroshe na gato ryo kwibungenga, kwibaruka be no kurera Umwana w’Imana.​—Luka 1:26-33.

Ese ukuntu uwo mwigeme yari ashinzwe ibanga ritoroshe! None yavyakiriye gute? Mariya ashobora kuba yarahagaritse umutima yibaza nimba hari uwuzokwemera ko iyo nkuru ari iy’ukuri. Ubwo iyo mbanyi ntiyari gutuma ataba agikundwa na Yozefu uwari amureheje, canke igatuma acika akamenyo? (Gusubira mu vyagezwe 22:20-24) Ntiyagonanywe kwemera iryo banga riremereye.

Ukwizera gukomeye Mariya yari afise kwaratumye ashobora kugamburuka ivyo Imana yiwe Yehova yashaka. Yari yarajijutse yuko Yehova yomwitwararitse. Ni co gituma yaciye avuga ati: “Ehe ndi umushumbakazi wa Yehova! Nibimbere nk’uko ijambo ryawe rivuze.” Mariya yari afise umutima ukunze wo guhangana n’ingorane zari kumushikira kubera yuko yaha agaciro ako gateka yari yatewe n’Imana.​—Luka 1:38.

Igihe Mariya yabwira Yozefu yuko yibungenze, uno yaciye ashaka guhagarika ivy’ukureshanya kwabo. Ico gitegerezwa kuba carabaye igihe giteye umubabaro cane kuri Mariya na Yozefu. Bibiliya ntivuga ikiringo ico gihe kitoroshe camaze. Ariko rero, Mariya na Yozefu bompi bategerezwa kuba barumvise baruhuriwe cane igihe umumarayika wa Yehova yabonekera Yozefu. Iyo ntwarabutumwa ivuye ku Mana yarasiguye ibijanye n’ukwo kwibungenga kwa Mariya ku gitangaro yongera ibwira Yozefu kumutwara ngo abe umugore wiwe.​—Matayo 1:19-24.

Aca mu bihe bigoye

Muri iki gihe, abakenyezi benshi bibungenze baramara amezi n’amezi bitegurira uruyoya rwabo, kandi bishoboka ko na Mariya yabigenjeje gutyo. Uwo mwana ni we yobaye ari umwana wiwe w’imfura. Ariko rero, ibintu bitari vyitezwe vyaratumye atoroherwa. Sezari Ogusito yarasohoye itegeko ryasaba abantu bose kwisansumisha mu bisagara bavukiyemwo. Rero, Yozefu na Mariya, ubu Mariya akaba ageze mu kwezi kugira icenda yibungenze, baciye bafata urugendo rw’ibirometero nka 150, bikaba bishoboka ko yagiriye ku ndogobwa. I Betelehemu hari huzuye abantu kandi Mariya yari akeneye ahantu hiherereye kugira ngo yibaruke, mugabo ikibanza conyene cashoboye kuboneka hari mu ruhongore. Kwibarukira mu ruhongore bitegerezwa kuba vyaragoye Mariya. Ashobora kuba yarumvise afise ubuyega yongera arahagarika umutima.

Muri ivyo bihe bigoye yaciyemwo mu buzima, nta gukeka ko Mariya yasukiye Yehova ibiri mu mutima wiwe, yizigiye yuko yomwitwararitse akongera akitwararika uruyoya rwiwe. Mu nyuma, hari abungere bahashitse bashashaye kubona urwo ruyoya. Bavuze yuko uwo mwana abamarayika bamwise “Umukiza . . . , akaba ari Kristu Umukama.” Duca dusoma duti: “Mariya azigama ayo majambo yose, agira ivyiyumviro ashitseko mu mutima wiwe.” Yarazirikanye kuri ayo majambo aramukomeza.​—Luka 2:11, 16-19.

Bite ho ku bitwerekeye? Birashoboka ko na twebwe twoshikirwa n’umubabaro mu buzima. Vyongeye, Bibiliya irerekana yuko “ibihe n’ibiza” bishobora gushikira uwo ari we wese muri twebwe, bigatuma duhura n’intambamyi be n’ingorane vy’ubwoko bwose. (Umusiguzi 9:11) Ivyo bishitse, twoba duca tugira umujinya, tugata ishavu ku Mana? Ubwo ntivyoba ari vyiza gusumba twiganye agatima Mariya yagaragaje tukarushiriza kwiyegereza Yehova Imana mu kwiga Ijambo ryiwe Bibiliya maze tukazirikana ku vyo twize? Kubigenza gutyo nta gukeka ko bizodufasha kwihanganira ingorane zidushikira.

Yari umukene kandi yarabaye impunzi

Mariya yarashikiwe n’izindi ngorane, ushizemwo ubukene be n’ukubwirizwa guhunga akava mu gihugu ciwe c’amavukiro. Woba umaze gushikirwa n’izo ngorane? Nk’uko raporo imwe ibivuga, “igice c’abantu baba kw’isi, ni ukuvuga hafi abantu imiliyaridi zitatu, babeshejweho n’amahera adashika amadolari abiri ku musi,” kandi abandi bantu amamiliyoni ntibiborohera kwironsa ibibabeshaho naho nyene baba mu bihugu vyitwa ko bitunze. Weho bite? Igikorwa kitoroshe co kuronsa umuryango wawe ku musi ku musi ibifungurwa, ivyambarwa hamwe n’uburaro, coba kikuruhisha mbere rimwe na rimwe ukumva ko kikurengeye?

Bibiliya yerekana yuko Yozefu na Mariya na bo nyene bari bakenye. Uti none tuvyemezwa n’iki? Kimwe mu bintu bikeya vyabaye koko Injili ya Matayo, iya Mariko, iya Luka be n’iya Yohani zihishura ku bijanye n’uwo mugabo n’umugore, ni ic’uko Mariya amaze imisi 40 yibarutse, we hamwe na Yozefu bagiye ku rusengero kugira ngo batange ishikanwa ryasabwa, iryo rikaba ryari “intunguru zibiri canke inuma zibiri zikiri nto.” a (Luka 2:22-24) Mwene ico kimazi catangwa gusa n’abantu baba bakenye cane ku buryo badashobora gutanga impfizi y’intama ikiri ntoya. Ku bw’ivyo rero, bishobora kuba bitorohera Yozefu na Mariya kwironsa ibibatunga. Naho ari ukwo, barashoboye mu buryo bwiza utoraba gutuma mu muryango haba ahantu harangwa urukundo. Ata gukeka, ibijanye n’ivy’Imana ni vyo bashira imbere y’ibindi.​—Gusubira mu vyagezwe 6:6, 7.

Hataraca igihe kinini Yezu avutse, ubuzima bwa Mariya bwarasubiye guhinduka cane. Umumarayika yabwiye Yozefu guhungisha umuryango wiwe bakaja mu Misiri. (Matayo 2:13-15) Iyo yari incuro igira kabiri Mariya abwirizwa kuva ahantu yari amenyereye, ariko ubu hoho yabwirijwe kuja mu mahanga. Mu Misiri hariyo Abayuda benshi, akaba ari co gituma Mariya na Yozefu bashobora kuba barabaye mu bantu b’iwabo. Naho ari ukwo, kuba mu gihugu co mu mahanga birashobora kuba urugamba kandi bigatesha umutwe. Wewe n’umuryango wawe mwoba muri mu bantu amamiliyoni babwirijwe kuva mu gihugu cabo c’amavukiro, kumbure ku bw’ineza y’abana babo canke kugira ngo bahunge akaga? Nimba ari ukwo, urashobora gutahura neza zimwezimwe mu ngorane Mariya ashobora kuba yarahuye na zo mu Misiri.

Yari umukenyezi akaba na inabibondo yitanga cane

Turetse mu nkuru zivuga ibijanye n’ivuka rya Yezu be n’ubuto bwiwe, Mariya avugwa gake mu Njili. Yamara, turazi yuko Mariya na Yozefu bari bafise n’imiburiburi abandi bana batandatu. Kumbure ivyo vyogutangaza. Ariko rero, rimbura ivyo Injili zivuga.

Yozefu yarubaha cane agateka Mariya yari yaratewe ko kwibaruka Umwana w’Imana. Ni co gituma yirinze kurangurana na we amabanga y’abubatse imbere yuko Yezu avuka. Muri Matayo 1:25 havuga ko Yozefu “[ata]ranguranye na we amabanga y’abubatse gushika avyaye umwana w’umuhungu.” Ijambo “gushika” rikoreshwa muri uyo murongo ryerekana yuko inyuma y’ukuvuka kwa Yezu, Yozefu na Mariya baranguye amabanga y’abubatse nk’uko bisanzwe ku mugabo n’umugore. Inkuru zo mu Njili zivuga yuko ivyo vyatumye Mariya avyarana na Yozefu abana b’abahungu n’abakobwa. Yakobo, Yozefu, Simoni be na Yuda bavukana na Yezu kuri nyina. Yari afise n’imiburiburi abakobwa babiri. (Matayo 13:55, 56) Ariko rero, abo bana bari basamwe mu buryo busanzwe. b

Mariya yari umuntu yaha agaciro cane ubucuti yari afitaniye n’Imana. Naho Itegeko ritasaba abakenyezi kuja mu birori vyo guhimbaza Pasika, Mariya yari amenyereye guherekeza Yozefu ku rugendo yagira buri mwaka aja i Yeruzalemu ku bw’uwo musi mukuru. (Luka 2:41) Ivyo bishobora kuba vyasaba kugira urugendo rwo kugenda no kugaruka rungana n’ibirometero hafi 300 buri mwaka, bari kumwe n’umuryango watera wongerekana. Ariko rero izo ngendo nta gukeka ko vyari ibiringo bihimbaye mu muryango.

Abakenyezi benshi muri iki gihe barigana akarorero keza ka Mariya. Barakora bagatama kandi batabigiranye ubwikunzi kugira ngo bashitse ivyo basabwa n’Ivyanditswe. Ese ukuntu abo bakenyezi bitanga cane usanga akatari gake bagaragaza mu buryo bukomeye ukwihangana, ukwumira kw’ibanga be n’ukwicisha bugufi! Kuzirikana ku gatima Mariya yagaragaza birabafasha kugumiza ivy’Imana imbere y’icipfuzo bo ubwabo bafise co kumererwa neza no guhimbarwa. Nka kurya nyene Mariya yari abizi neza, barazi yuko gusenga Imana bari kumwe n’abanega babo be n’abana babo bikomeza umuryango bikongera bigatuma wunga ubumwe.

Igihe kimwe, aho Mariya na Yozefu bari bavuye ku musi mukuru i Yeruzalemu, bikaba bishoboka ko bari bamaze kugira abana batari bake, bahavuye babona yuko Yezu, uwari afise imyaka 12, atari kumwe na bo. Woba ushobora kwibaza umubabaro Mariya yagize mu kiringo c’imisi itatu yamaze arondera umwana wiwe yataye umutwe? Igihe amaherezo we na Yozefu bamusanga mu rusengero, Yezu yavuze ati: “Ntimwari muzi ko ntegerezwa kuba ndi mu nzu ya Data?” Nk’uko iyo nkuru ibitubwira, no muri ico gihe nyene Mariya “[yarabitse] neza ayo majambo yose mu mutima wiwe.” Ico ni ikindi kintu cerekana ko Mariya yaha agaciro cane ivy’Imana. Yarazirikana yitonze ku bintu vyose vyashitse vyerekeye Yezu. Mu myaka yakurikiye, birashoboka ko yasubiriyemwo abanditsi b’Injili ibintu yibuka neza bijanye n’ivyo be n’ibindi vyashikiye Yezu akiri muto.​—Luka 2:41-52.

Yarihanganye mu gihe c’umubabaro be n’ukubura

Ni ibiki vyashikiye Yozefu, se murezi wa Yezu? Amaze kuvugwa gatoya mu bijanye na ca kintu cashika Yezu akiri muto, Yozefu ntasubira kuvugwa mu nkuru zo mu Njili. Hari abavuga yuko ukuba Yozefu adasubira kuvugwa vyerekana ko yapfuye imbere gatoya yuko Yezu atangura ubusuku bwiwe. c Uko biri kwose, biboneka ko mu mpera z’ubusuku bwa Yezu, Mariya yari umupfakazi. Igihe Yezu yapfa, yarajeje intumwa Yohani ibanga ryo kwitwararika nyina wiwe. (Yohani 19:26, 27) Yezu ntiyari kubigenza gutyo iyo Yozefu aza kuba akiriho.

Mariya na Yozefu barashikiwe n’ibintu vyinshi bari kumwe! Baragendewe n’abamarayika, barahunga umutegetsi w’umubisha, barimuka akatari gake, bongera bararera umuryango munini. Ese ukuntu bategerezwa kuba baramara amajoro menshi bicaye hamwe baganira ibijanye na Yezu, bakibaza ibizomushikira muri kazoza, barajwe ishinga n’ukumenya nimba boba bariko baramumenyereza neza bongera bamutegura mu buryo bwiza! Maze bukwi na bukwi Mariya asigaye wenyene.

Woba warabuze uwo mwubakanye? Woba ucumva umubabaro n’akabonge biva kuri ukwo kubura, mbere naho hoba haheze imyaka myinshi? Nta gukeka ko Mariya yahumurijwe n’ukwizera kwiwe be no kuba yari azi yuko hazobaho izuka. d (Yohani 5:28, 29) Ariko rero, mwene ivyo vyiyumviro bihumuriza ntivyatumye ingorane Mariya yari afise zihera. Nk’uko bimeze kuri ba inabibondo benshi cane bireranye abana muri iki gihe, yarashikiwe n’ingorane yo kwitwararika abana biwe ari wenyene atari kumwe n’umunega.

Ni ivyumvikana kwemera yuko Yezu ari we yaciye aba uwuronsa umuryango icorirenza Yozefu amaze gupfa. Uko bene wabo na Yezu bakura, boshoboye kwemera kugira ico baterereye mu kwitwararika amabanga yo mu muryango. Igihe Yezu “yari afise imyaka nka mirongo itatu,” yaravuye iwabo maze atangura ubusuku bwiwe. (Luka 3:23) Abavyeyi benshi barumva banezerewe bakagira n’umubabaro igihe umuhungu wabo canke umukobwa wabo ageze mu bigero, avuye i muhira. Kubera ko abavyeyi baba barakoresheje umwanya munini be n’utwigoro twinshi mu kurera abana babo kandi bakaba babakunda cane, baragira akabonge iyo bagiye. Hoba hari umuhungu wawe canke umukobwa wawe amaze kuva i muhira kugira ngo arangure imigambi yiwe? Woba ubishimiye, ariko muri ico gihe nyene, ukaba rimwe na rimwe woshima ko baba hafi yawe? Nimba ari ukwo urashobora gutahura ukuntu Mariya yoba yaramerewe igihe Yezu yava i muhira.

Ashikirwa n’ibigeragezo atari yiteze

Mu bigeragezo vyashikiye Mariya harimwo ico ashobora kuba atari bwigere yibaza ko coshitse. Igihe Yezu yamamaza, abantu benshi baramukurikiye ariko bene wabo bobo ntibamukurikiye. Ivyanditswe bivuga biti: “Kukaba nkako, bene wabo ntibari bamwizeye.” (Yohani 7:5) Nta gukeka ko Mariya yababwiye ivyo umumarayika yari yaramubariye yuko Yezu yari “Umwana w’Imana.” (Luka 1:35) Naho ari ukwo, Yakobo, Yozefu, Simoni na Yuda babona ko Yezu ari mukuru wabo gusa. Mariya yahavuye asanga aba mu muryango urimwo abantu bafise ivyiyumviro bitandukanye ku vyerekeye idini.

None Mariya yoba yaracitse intege bigatuma atana n’akabando? Haba namba! Igihe kimwe, aho Yezu yariko aramamaza i Galilaya, yaragiye mu nzu imwe kugira ngo afungure, maze isinzi rikoranira aho yari ari kugira ngo bamwumvirize. Ni bande bari hanze bariko baramurondera? Ni Mariya be na bene wabo na Yezu. Gutyo rero, igihe Yezu yaba ari hafi y’iwabo, Mariya yaraja iyo ari kandi biboneka ko yatwara n’abandi bana biwe, kumbure yizigiye yuko bohinduye inyifato yabo ku bimwerekeye.​—Matayo 12:46, 47.

Na wewe nyene ushobora kuba uriko urashikirwa n’ingorane yo kwita ku rutare kugira ngo ube umwigishwa wa Yezu mu gihe abandi mu bagize umuryango wawe badashaka kubigira. Ntucike intege canke ngo utane n’akabando. Cokimwe na Mariya, abatari bake baramaze imyaka n’iyindi baremesha bihanganye abagize imiryango yabo imbere yuko babona ko habaye ihinduka riboneka. Ukwo kwihangana ni ukw’agaciro ku Mana, abandi bantu baba bavyakira neza canke batavyakira neza.​—1 Petero 3:1, 2.

Ikigeragezo camushikiye gikomeye gusumba ibindi

Ikigeragezo ca nyuma cashikiye Mariya, nk’uko biboneka mu Vyanditswe, nta gukeka ko ari co cari ic’agacavutu gusumba ibindi. Yaritegereje ingene umwana wiwe yakunda cane yicwa rubi inyuma y’aho abantu b’iwabo bamutereye akagere. Ukubura umwana vyadondowe ko ari “ukubura gusumba ukundi kwose,” “urupfu rubabaza kurusha izindi zose,” uyo mwana yaba yari akiri muto canke akuze. Nk’uko nyene vyari vyaravuzwe hagisigaye imyaka mirongo ngo bibe, Mariya yumvise nk’aho umenga inkota yari imusogose!​—Luka 2:34, 35.

Mariya yoba yararetse ico kigeragezo ca nyuma kigatuma yihebura birenze canke kigatuma ukuntu yizera Yehova bigabanuka? Oyaye. Igihe Bibiliya isubira kuvuga ibijanye na Mariya, imuvuga ari kumwe n’abigishwa ba Yezu, “[a]kovya mu gusenga” yifatanije na bo. Kandi ntiyari wenyene. Abandi bana biwe, abari bamaze gutangura kwizera mukuru wabo, bari kumwe na we. Ese ukuntu ivyo bitegerezwa kuba vyarahumurije Mariya! e​—Ibikorwa 1:14.

Mariya yaragize ubuzima bwiza kandi bumara akanyota ari umwigeme, umukenyezi na inabibondo w’umwizigirwa ku Mana. Yararonse impera nyinshi mu murimo yaranguriye Imana. Yarihanganiye ibigeragezo vyinshi be n’ingorane nyinshi. Igihe dushikiwe n’ingorane tutari twiteze canke igihe duhagaritswe umutima n’ingorane zo mu muryango, nta gukeka ko dushobora kwigira ku karorero kiwe ko kwihangana adahemuka.​—Abaheburayo 10:36.

Ariko none, twovuga iki ku bijanye no gufata Mariya nk’umuntu adasanzwe mu vyo gusenga? Inkuru yo muri Bibiliya ivuga ibijanye n’uruhara rudasanzwe Mariya yaranguye yoba itanga imvo yumvikana yotuma abantu bamusenga?

[Utujambo tw’epfo]

a Imwe muri izo nyoni yatangwa bwa kimazi c’ivyaha. (Abalewi 12:6, 8) Mu kugishikana, Mariya yari yerekanye ko yemera yuko yarazwe ingaruka z’icaha ca Adamu, wa muntu wa mbere, nk’uko bimeze ku bandi bantu bose badatunganye.​—Abaroma 5:12.

c Vyaragaragaye ko ukuba Yozefu atavugwa mu nkuru ivuga ibijanye n’ubusuku bwa Yezu ari ikintu cibonekeje kubera yuko abandi bantu bo mu muryango wa Yezu, ni ukuvuga nyina wiwe, bene wabo na bashikiwe, bobo bavugwa. Nk’akarorero, ku bugeni bwabereye i Kana, turabona Mariya abugiramwo uruhara bimwe biboneka, eka mbere akibwiriza kugira ibintu bimwebimwe akoze, ariko Yozefu we ntavugwa. (Yohani 2:1-11) Ikindi gihe na ho, tubona abantu bo mu gisagara Kristu yakuriyemwo bavuga ko uwo mugabo Yezu ari “umuhungu wa Mariya” ntibavuge ko ari umuhungu wa Yozefu​—Mariko 6:3.

d Ushaka kumenya vyinshi ku bijanye n’umuhango Bibiliya itanga werekeye izuka, raba ikigabane ca 7 mu gitabu Mu vy’ukuri Bibiliya yigisha iki? casohowe n’Ivyabona vya Yehova.

e Raba uruzitiro ruvuga ngo  “Yaragize uburindutsi bwo guhindura idini,” ruri ku rupapuro rwa 7.

[Uruzitiro/Ifoto ku rup. 6]

 Yezu yoba yari afise bene wabo na bashikiwe?

Egome, yari abafise. Abanyatewolojiya bamwebamwe baragerageje guharira ku bijanye n’ico kintu, naho nyene akatari gake Injili zihishura ico kintu c’ukuri. (Matayo 12:46, 47; 13:54-56; Mariko 6:3) Ariko rero, incabwenge mu vya Bibiliya zaragize ico zivuze ku bintu bibiri bijanye n’ivyiyumviro bitangwa vy’uko ngo Mariya ata bandi bana yavyaye. Ica mbere, hariho impamvu ituma ivyo vyiyumviro bikwiragizwa. Kugira ngo idini rishigikire inyigisho yahavuye yaduka haciye igihe kinini, ryarigishije yuko Mariya yagumye ari isugi ubuzima bwiwe bwose. Ubwa kabiri, ivyo vyiyumviro ubwavyo ntibijijura kandi nta cerekana ko bifise akamaro.

Nk’akarorero, kimwe muri mwene ivyo vyiyumviro cerekana yuko ijambo “bene wabo” ryerekeza ku bahungu ba Yozefu, ni ukuvuga abo yari yaravyaranye n’umugore babanye ubwa mbere. Muri ico ciyumviro nta kuri kurimwo, kuko ku bwa ngingo vyoba vyerekanye ko Yezu ata burenganzira bwo kuba imfura yoba agifise ngo aheze aragwe intebe y’ubwami ya Dawidi.​—2 Samweli 7:12, 13.

Ikindi ciyumviro ni ic’uko ngo abo bene wabo ku bwa ngingo bari bene sewabo na Yezu, naho nyene Ivyanditswe vy’ikigiriki bikoresha amajambo atandukanye ku mvugo “mwene wabo,” “mwene sewabo,” be na “incuti.” Ni co gituma incabwenge yitwa Frank E. Gaebelein ivyo vyiyumviro vy’abanyatewolojiya avyita ibidatomoye. Asozera avuga ati: “Uburyo busanzwe kuruta ubundi bwo gutahura ijambo ‘bene wabo’ . . . ni uko iyo mvugo yerekeza ku bana ba Mariya na Yozefu muri ubwo buryo ikaba yerekeje kuri bene wabo na Yezu bavukana na we kuri nyina.”

[Uruzitiro ku rup. 7]

 Yaragize uburindutsi bwo guhindura idini

Mariya yari yavukiye mu muryango w’Abayuda, kandi yari mw’idini ry’Abayuda. Yaraja kw’isinagogi y’iwabo, ukwo kukaba ari ko ikibanza Abayuda basengeramwo citwa, kandi yaraja ku rusengero rw’i Yeruzalemu. Ariko rero uko ubumenyi Mariya yari afise ku bijanye n’umugambi w’Imana bwagenda burongerekana, yahavuye abona ko imigenzo ya ba sekuru itari igishimwa n’Imana. Abakuru b’idini ry’Abayuda bari barishe Umwana wiwe, ari we Mesiya. Imbere yuko ivyo biba, Yezu yari yabamenyesheje ati: “Ehe inzu yanyu murayitanywe.” (Matayo 23:38) Imana yararetse guhezagira idini Mariya yari yararerewemwo.​—Abagalatiya 2:15, 16.

Igihe ishengero rya gikirisu ryatanguzwa, Mariya ashobora kuba yari afise imyaka nka 50. None yari gukora iki? Yoba yaribwiye ko yari yavukiye mw’idini ry’Abayuda be n’uko yari akwiye kuguma ari intadohoka ku migenzo ya basekuru? Yoba yaravuze ko yari akuze cane ku buryo atashobora guhindura idini yarimwo? Habe namba! Mariya yaratahuye ko ico gihe Imana yahezagira ishengero rya gikirisu, kikaba ari co gituma yagize ukwizera be n’uburindutsi vyo guhindura idini.

[Ifoto ku rup. 5]

Bahungira mu Misiri

[Ifoto ku rup. 8]

Ikintu kibabaje gusumba ibindi gishobora gushikira inabibondo