Ja ku birimwo

Ja ku rutonde rw’ibirimwo

 IKIGANIRO GIHUYE N’IBIRI KU GIPFUKISHO | TWOBA DUKENEYE IMANA?

Igituma dukeneye Imana

Igituma dukeneye Imana

Abahinga b’amagara yo mu mutwe bavuga yuko kugira ngo abantu bahimbarwe vy’ukuri bakenera kwironsa ivyo bakeneye mu mutima no mu bwenge. Ivyo turabibonera ku kuntu abantu usanga bipfuza kugira ikintu bakurikirana mu buzima gihambaye kuruta ivyabo bwite. Kugira ngo bamwebamwe bironse ivyo bintu bakeneye, usanga umwanya wabo wo kwisamaza bawukoresha mu bijanye n’ibidukikije, utugenegene, umuziki n’ibindi. Ariko rero, abenshi ivyo bintu ntibibaronsa agahimbare nyakuri kandi karamba.

Imana yipfuza ko abantu bahimbarwa ubu n’ibihe bidahera

Kuba abantu bavukana icipfuzo co kwironsa n’ibindi bintu uretse ivy’umubiri gusa, ntibitangaza abasoma Bibiliya. Ibigabane vya mbere vy’igitabu c’Itanguriro vyerekana yuko Imana imaze kurema wa mugabo n’umugore ba mbere, yagumye ivugana na bo, ivyo bikaba vyatuma bagirana na yo ubucuti budasanzwe. (Itanguriro 3:8-10) Imana ntiyaremye abantu ngo babeho batayisunga; ni co gituma bafise icipfuzo co gushikirana n’Umuremyi wabo. Bibiliya iravuga akatari gake ico kintu abantu bakeneye.

Nk’akarorero, Yezu yavuze ati: “Hahiriwe abazi ko bakeneye ivy’impwemu.” (Matayo 5:3) Dufatiye kuri ayo majambo, turashobora gushika ku ciyumviro c’uko kimwe mu bintu bihambaye bituma tugira ubuzima burimwo agahimbare kandi bumara akanyota, ari ukwironsa ivyo dukeneye mu vy’impwemu, ni ukuvuga mu vy’Imana. Ivyo twobigira gute? Yezu yarerekanye ingene twobigenza igihe yavuga ati: “Umuntu ntakabeshweho n’umukate gusa, mugabo azobeshwaho n’ijambo ryose rizanana mu kanwa ka Yehova.” (Matayo 4:4) None amajambo ava mu kanwa k’Imana, ni ukuvuga ivyiyumviro vyayo n’amategeko yayo biri muri Bibiliya, ashobora gute gutuma tugira ubuzima burimwo agahimbare kandi bufise intumbero? Reka twihweze uburyo butatu ivyo bishoboka.

Turakeneye ubuyobozi bwiza

Muri iki gihe, hari abahinga batari bake biteguriye gutanga impanuro mu bijanye n’imigenderanire hagati y’abantu, urukundo, ubuzima bwo mu muryango, ugutorera umuti amatati, agahimbare, eka mbere no mu bijanye n’intumbero y’ubuzima. Ariko none, ni nde ashoboye vy’ukuri gutanga impanuro nziza muri iyo mice yose atari umwe yarema abantu, ari we Yehova Imana?

Nka kurya kw’agatabu katwereka ingene twokoresha icuma kanaka, Bibiliya iratwereka ingene twokoresha ubuzima

 Reka tubitangire akarorero: Iyo uguze icuma gishasha, nk’akarorero icuma gifotora canke orodinateri, uba witeze ko baguha n’agatabu gasigura ingene wogikoresha neza ukongera ukakinezererwa. Bibiliya twoyigereranya n’ako gatabu, Imana na yo tukayigereranya n’umuhinguzi wa nya cuma. Bibiliya ni igitabu cavuye ku Mana kitwereka ingene twokoresha ubuzima yaduhaye. Ico gitabu kirasigura intumbero y’ubuzima, n’ingene twobukoresha mu buryo bwiza kuruta ubundi bwose.

Agatabu gateguwe neza kavuga ingene icuma gikwiye gukoreshwa, karerekana ivyo umuntu akwiye kwirinda kugira ngo ntiyonone ico cuma. Bibiliya na yo nyene iragabisha abayisoma ku bintu bishobora kubononera ubuzima. Abandi boshobora kuduha impanuro ku bijanye n’ukuntu twokoresha ubuzima bwacu, tukabona ko zirashe, ko mbere zibangutse. Ariko none, ubwo dukurikije impanuro z’uwaduhaye ubuzima, si ho twokwitega kubaho neza no kwirinda ingorane?

“Jewe Yehova ndi Imana yawe, Umwe akwigisha ibikwungura, Umwe agucisha mu nzira ukwiye kugenderamwo. Ese iyaba wokwumviriza koko amabwirizwa yanje! Amahoro yawe rero yomera nk’uruzi, ubugororotsi bwawe na bwo nk’imipfunda y’ikiyaga.”Yesaya 48:17, 18

Muri Bibiliya turahasanga ubuyobozi n’imfashanyo dukeneye

Naho Yehova Imana aduha ubuyobozi n’amategeko twokurikiza, ntabiduhatirako. Ahubwo riho, kubera ko atwipfuriza ineza, aturemesha kubikurikiza mu kutubwira abigiranye urukundo ati: “Jewe Yehova ndi Imana yawe, Umwe akwigisha ibikwungura, Umwe agucisha mu nzira ukwiye kugenderamwo. Ese iyaba wokwumviriza koko amabwirizwa yanje! Amahoro yawe rero yomera nk’uruzi, ubugororotsi bwawe na bwo nk’imipfunda y’ikiyaga.” (Yesaya 48:17, 18) Muri make, twumviye ubuyobozi bw’Imana tuzobaho neza. Mu yandi majambo, turakeneye Imana kugira ngo tubeho neza kandi duhimbawe.

Turakeneye umuti w’ingorane ziduhanze

Hari ababona ko badakeneye Imana kubera ko hari ibibazo vyinshi bibazazanira mu buzima bisa n’ibivuguruza iciyumviro c’uko hariho Imana y’urukundo. Nk’akarorero, boshobora kwibaza bati: ‘Kubera iki abantu bameze neza bashikirwa n’imibabaro?’ ‘Kubera iki hari abana ata co bazira bavukana ubumuga?’ ‘Kubera iki ubuzima bwuzuyemwo akarenganyo?’ Ivyo ni ibibazo bihambaye koko, kandi kubironkera inyishu zijijura birashobora kugira ikintu kinini bihinduye ku buzima bwacu. Aho kwihutira kwegeka amakosa ku Mana, reka turabe ukuntu Ijambo ryayo Bibiliya rifasha kubona inyishu z’ivyo bibazo.

Mu kigabane ca gatatu c’Itanguriro, hari inkuru ivuga ukuntu Shetani yakoresheje inzoka, agerageza gutuma umugabo n’umugore ba mbere barenga kw’itegeko Yehova Imana yari yabahaye ryo kutarya ku giti c’ubumenyi bw’iciza n’ikibi. Shetani yabwiye Eva ati: “Haba namba ntimuzopfa. Kuko Imana izi yuko umusi nyene mwakiriyeko amaso yanyu azoca yuguruka mugaca mumera nk’Imana, mukamenya iciza n’ikibi.”Itanguriro 2:16, 17; 3:4, 5.

Mu kuvuga ayo majambo, Shetani ntiyerekanye gusa ko Imana ari umubeshi, ariko kandi yashatse kwerekana ko uburyo Imana iganza burimwo akarenganyo. Shetani yavuze yuko abantu borushiriza kumererwa neza baramutse bamwumviye. None ivyo bibazo vyari gutangirwa inyishu gute? Yehova yashimye guha ivyo bibazo umwanya ukwiye kugira ngo bose bibonere ko ivyo Shetani yamwagiriza ari vyo canke atari vyo. Mu kubigenza gutyo, Imana yari ihaye Shetani n’abari ku ruhande rwiwe akaryo  ko kwerekana nimba abantu bashobora kubaho neza batisunga Imana.

Wewe wokwishura gute ivyo birego vya Shetani? Abantu boba bashobora kubaho neza kandi bakiyobora neza batisunga Imana? Imibabaro, akarenganyo, indwara, urupfu, ubugizi bwa nabi, ugutituka kw’inyifato runtu, intambara, ihonyabwoko n’ayandi mabi amaze ibinjana n’ibindi asinzikaza abantu, birerekana neza ko utwigoro abantu bagize two kwiyobora batisunze Imana ata co twashitseko. Bibiliya ntiyerekana ko Imana ari yo yobazwa amabi arembeje umuryango w’abantu, ahubwo irerekana imvo nyamukuru itera ayo mabi mu kuvuga iti: “Umuntu yaganje uwundi mu kumugirira nabi.”—Umusiguzi 8:9.

Ufatiye kuri ivyo, ubona none tudakeneye guhanga amaso Imana kugira ngo turonke inyishu z’ivyo bibazo bivuruga abantu ubwenge no kugira ngo ingorane ziduhanze zitorerwe umuti? None Imana izokora iki?

Turakeneye ko Imana idufasha

Kuva kera abantu bamye bipfuza kubaho batarwara, badasaza canke ngo bapfe. Baragize uko bashoboye kwose, barakoresha umwanya mwinshi cane n’uburyo butagira uko bungana kugira babishikeko, ariko nta cavuyemwo. Bamwebamwe bari bizigiye ko boshikiriye ubwo buzima mu kunywa amazi kanaka canke ibindi bintu bifise ubushobozi budasanzwe, canke biciye kuri siyansi, n’ibindi mwene ivyo. Ivyo vyizigiro vyose vyabaye impfagusa.

Imana yipfuza ko abantu babaho neza kandi bahimbawe. Ni wo mugambi yari ifise igihe yarema abantu, kandi ntiyawuhevye. (Itanguriro 1:27, 28; Yesaya 45:18) Yehova Imana adukura amazinda yuko azoshitsa ata kabuza ikintu cose yiyemeje gukora. (Yesaya 55:10, 11) Bibiliya iratubwira ibijanye n’umuhango Imana yatanze w’uko izogarukana ya Paradizo wa mugabo n’umugore ba mbere batakaza. Mu gitabu ca nyuma co muri Bibiliya, hari amajambo agira ati: “Izohanagura amosozi yose ku maso yabo, kandi urupfu ntiruzoba rukiriho, eka n’ikigandaro canke amaborogo canke ububabare ntibizoba bikiriho. Ivya kera vyagiye.” (Ivyahishuwe 21:4) None ivyo bintu vyiza igitangaza Imana izobikora gute, kandi twokwungukira gute kuri uwo muhango?

Yezu Kristu, Umwana w’Imana, yigishije abayoboke biwe gusaba Imana ngo ivyo igomba bikorwe. Abantu benshi baramenyereye rya sengesho bamwebamwe bita Dawe wa twese canke na ho ugasanga bararivuga kenshi. Rivuga riti: “Dawe wa twese uri mw’ijuru, izina ryawe niryezwe. Ubwami bwawe nibuze. Ukugomba kwawe nigukorwe kw’isi nko mw’ijuru.” (Matayo 6:9, 10) Egome, Ubwami bw’Imana ni bwo Yehova Imana azokoresha mu gukuraho amabi yose yakwezwe n’intwaro y’abantu, maze azane isi nshasha igororotse yadusezeraniye. * (Daniyeli 2:44; 2 Petero 3:13) None twokora iki kugira ngo twungukire kuri uwo muhango Imana itanga?

 Yezu Kristu arerekana ikintu coroshe dutegerezwa gukora, ati: “Kugira ngo baronke ubuzima budahera, ni uko baguma bironsa ubumenyi bwerekeye wewe, Imana yonyene y’ukuri, n’ubwerekeye uwo watumye, Yezu Kristu.” (Yohani 17:3) Egome, dufashijwe n’Imana, turashobora kubaho ibihe bidahera mw’isi nshasha yasezeranywe. Ico cizigiro na co nyene kirashobora kukujijura yuko dukeneye Imana.

Iki ni igihe co kurondera Imana

Igihe intumwa Paulo yari i Atene mu kibanza citwa Areyopago canke Umusozi Mars, hakaba haheze imyaka 2.000, yarabwiye ivyerekeye Imana Abanyatene bari bafise ivyiyumviro vyabo bisunga mugabo bakipfuza no kwumva ivyiyumviro bishasha. Yababwiye ati: “Ubwayo [ni] yo iha abantu bose ubuzima n’impemu n’ibintu vyose. Kuko muri yo ari ho dufise ubuzima, tukagendagenda kandi tukaba turiho, nk’uko bamwe mu baryoshamvugo bo muri mwebwe bavuze, bati: ‘Kuko na twe turi uruvyaro rwayo.’ ”Ivyakozwe 17:25, 28.

Ivyo Paulo yabwiye Abanyatene biracari ivy’ukuri. Umuremyi wacu araturonsa impemu duhumeka, ibifungurwa n’amazi tunywa. Ntitwoshobora kubaho tudafise ibintu vyiza Yehova Imana yashizeho ku neza yacu. Kubera iki none yabandanije kuronsa ivyo bintu abantu bose, baba bamwibuka canke batamwibuka? Paulo yavuze yuko Imana ibigira “kugira ngo barondere Imana, nimba bokabakaba bayirondera kandi bakayironka koko, naho vy’ukuri itari kure y’umwe wese muri twebwe.”Ivyakozwe 17:27.

Woba wipfuza kurushiriza kumenya Imana mu kwiga ivyerekeye imigambi yayo be n’impanuro iduha kugira ngo tubeho neza ubu n’ibihe bidahera? Nimba uvyipfuza, tukuremesheje kuvugana n’uwaguhaye ico kinyamakuru canke uvugane n’abagisohoye. Bazohimbarwa no kugufasha.

^ par. 20 Wipfuza kumenya vyinshi ku bijanye n’ukuntu ubwo Bwami buzotuma ukugomba kw’Imana gukorwa kw’isi, raba ikigabane ca 8 c’igitabu Mu vy’ukuri Bibiliya yigisha iki? casohowe n’Ivyabona vya Yehova. Urashobora no kugisoma canke ukakivoma kuri .