Ja ku birimwo

Ja ku rutonde rw’ibirimwo

 NIWIGISHE ABANA BAWE

Yezu Kristu—Ni igiki dukwiye kwibuka ku bijanye na we?

Yezu Kristu—Ni igiki dukwiye kwibuka ku bijanye na we?

Muri Kigarama, abantu benshi hirya no hino kw’isi barabona amashusho canke amasanamu ya Yezu akiri akayoya. Ayo mashusho amwerekana ari mu bwato bwashirwamwo ubwatsi bw’ibitungwa. Ariko none, twoba dukwiye kwibuka Yezu nk’akayoya gusa? * Reka turabe uburyo buhambaye kuruta ubwo bwo kumwibuka, dufatiye ku vyashikiye abungere bamwe bari mu gahinga mw’ijoro hafi ya Betelehemu.

Umumarayika arabonekera abo bungere bagatangara. Ababwira ati: “Uno musi Umukiza yabavukiye, akaba ari Kristu Umukama.” Uwo mumarayika ababwira kandi yuko urwo ruyoya Yezu baza gusanga “ruzingiriye mu dutambara, ruryamye mu bwato bw’ibitungwa.” Ubwo nyene abandi bamarayika benshi baraboneka bagatangura ‘gushemeza Imana.’

Wokwiyumva gute wumvise abamarayika bariko barashemeza Imana?— Abo bungere baranezerwa cane! Bavuga bati: “Tugende dushike i Betelehemu turabe ico kintu cabaye.” Bahashitse bahasanga “Mariya hamwe na Yozefu, na rwa ruyoya ruryamye mu bwato bw’ibitungwa.”

Haciye igihe gito, abandi bantu baraza i Betelehemu aho Mariya na Yozefu bari. Abungere barabwira abo bantu ivyabaye, bose bagatangara. Woba unezerewe no kumenya ivyo bintu vyiza cane bijanye na Yezu?— Twese abakunda Imana biratunezera cane. Reka turabe rero igituma ivuka rya Yezu rituma abantu banezerwa cane. Kugira tubitahure, reka dusubire inyuma turabe ivyabaye imbere y’uko Mariya yubakana na Yozefu.

Umusi umwe, umumarayika umwe yitwa Gaburiyeli aragendera Mariya. Amubwira yuko azovyara umwana “azoba mukuru kandi azokwitwa Umwana wa Musumbavyose.” Gaburiyeli yongerako ati: “Azoganza . . . , kandi ubwami bwiwe ntibuzogira iherezo.”

 Mariya aripfuza kumenya ingene ivyo bizoshoboka, kuko atarigera aryamana n’umugabo. Ni co gituma Gaburiyeli aca amusigurira ati: “Ububasha bwa Musumbavyose buzogutwikiriza igitutu . . . kandi ikizovuka kizokwitwa ceranda, Umwana w’Imana.” Imana yafashe ubuzima bw’Umwana wayo yari mw’ijuru ibushira mu nda ya Mariya kugira ngo uwo Mwana azovuke ari akayoya.—Ico cari igitangaro gikomeye cane!

Woba umaze kubona amashusho canke amasanamu yerekana abagabo batatu bitwa abamajusi baje kuraba Yezu akiri akayoya, bari kumwe na ba bungere?— Amashusho nk’ayo abantu barayerekana cane mu gihe ca Noweli. Hari abiyumvira ko abo bamajusi bari abami canke incabwenge. Ariko mu vy’ukuri, abo bagabo bari abapfumu baragurira ku nyenyeri, ivyo Imana ikaba ivyanka. Reka turabe ingene vyagenze bashitse. Bibiliya ivuga iti: “Binjiye mu nzu babona wa mwana mutoyi ari kumwe na Mariya nyina wiwe.” Ico gihe rero, Yezu ntiyari akiri akayoya karyamye mu bwato bw’ibitungwa; yari umwana mutoyi, akaba yari kumwe na Yozefu be na Mariya mu nzu!

None abo bapfumu bamenye gute aho Yezu yari?— Hari ikintu kimeze nk’ “inyenyeri” cabayoboye. Ariko iyo nyenyeri yabanje kubajana i Yeruzalemu ku Mwami Herodi aho kubajana i Betelehemu. Bibiliya ivuga ko Herodi yashaka kumenya aho Yezu ari kugira amwice. Iyumvire rero gatoyi. Wibaza ko ari nde yatumye ico kintu kimeze nk’inyenyeri kijana abo bapfumu kwa Herodi?— Si Imana y’ukuri Yehova, ahubwo ni umwansi wiwe Shetani!

Muri iki gihe, Shetani aragerageza gutuma abantu babona Yezu nk’akayoya gusa ata co gashoboye. Mugabo wa mumarayika Gaburiyeli yabwiye Mariya ati: “Azoganza . . . , kandi ubwami bwiwe ntibuzogira iherezo.” Ubu Yezu ni Umwami aganza mw’ijuru, kandi vuba azokuraho abansi b’Imana bose. Ico ni co dukwiye kwibuka ku bijanye na Yezu, kandi turakwiye kubibwira n’abandi.

^ par. 3 Nimba uriko urasoma uri kumwe n’umwana, ako gakwego kakwibutsa yuko ukwiye guhagarara maze ukamuremesha guserura iryo agona.