Ja ku birimwo

Ja ku rutonde rw’ibirimwo

Niwigishe abana bawe

Umwina warakwegeye Gehazi

Umwina warakwegeye Gehazi

VYOBA bimaze gushika ukipfuza cane kuronka ikintu kanaka?​ * Nimba bimaze kugushikira, si wewe wenyene, n’abandi birabashikira. Ariko none, woba ukwiye kurondera kuronka ico wipfuza ubanje kubesha?​— Oya, ntukwiye kubigenza gutyo. Umuntu agira ivyo aba afise umwina. Reka turabe ukuntu umwina wakwegeye umugabo umwe yitwa Gehazi. Yari umusuku wa Elisha, uno na we akaba yari umumenyeshakazoza w’Imana y’ukuri Yehova.

Elisha na Gehazi babayeho kera cane, nk’imyaka igihumbi imbere y’uko Umwana w’Imana Yezu avukira ng’aha kw’isi. Yehova yarakoresheje Elisha mu gukora ibintu bidasanzwe koko, na vyo bikaba ari ibitangaro! Nk’akarorero, Bibiliya iravuga ivyerekeye umugabo yari ahambaye mu gisoda co muri Siriya, akaba yari arwaye indwara mbi cane y’imibembe. Nta n’umwe yari gushobora kumukiza atari Elisha.

Igihe Imana ifashije Elisha gukiza abantu, Elisha ntiyigera yemera ko bamuha amahera. Woba uzi igituma?​— Kubera ko Elisha azi yuko adakora ivyo bitangaro bivuye ku bushobozi bwiwe, ahubwo ko abishobozwa na Yehova. Namani abonye akize, aranezerwa cane ku buryo yipfuza guha Elisha ingabirano zigizwe n’inzahabu, ifeza be n’impuzu nziza cane. Elisha aranka kwakira ikintu na kimwe muri ivyo, yamara Gehazi we aripfuza cane kuronka izo ngabirano.

Namani amaze kugenda, Gehazi aramwoma inyuma atanabibwiye Elisha. Gehazi ashikiriye Namani, urazi ivyo amubwira?​— Amubwira ati: ‘Elisha antumye ngo ndakubwire ko ubu nyene agendewe n’abashitsi babiri. Yipfuza ko womuha impuzu zo gukuranya zibiri kugira ngo azibahe.’

Ariko rero ico ni ikinyoma! Iyo nkuru yerekeye abashitsi babiri ni iyo Gehazi yifondafondeye. Yayivuze kubera yipfuza kuronka nya mpuzu Namani yari yashatse guha Elisha. Ariko Namani ivyo nta vyo azi. Arahimbarwa rero no guha Gehazi izo ngabirano. Namani araha Gehazi mbere n’ibiruta ivyo amusavye. None urazi ibica bikurikira?​

Gehazi agarutse i muhira, Elisha aramubaza ati: ‘Uvuye he ga Gehazi?’

Gehazi yishura ati: ‘Eka nta na hamwe.’ Ariko Yehova yafashije Elisha kumenya ivyo Gehazi yakoze. Elisha aca avuga rero ati: ‘Erega iki si igihe co kwemera amahera canke impuzu!’

Gehazi yakiriye amahera n’impuzu bitari rwiwe. Ni co gituma Imana ica ituma imibembe yari kuri Namani ija kuri Gehazi. Wibaza ko iyo nkuru itwigisha iki?​— Kimwe mu vyo itwigisha ni uko tudakwiye gufondafonda inkuru zitari zo hanyuma tukaziganira abandi.

Kubera iki Gehazi yifondafondeye iyo nkuru y’ikinyoma?​— Ni kubera ko Gehazi yari umunyamwina. Yashaka kuronka ibitari rwiwe, maze agerageza kuvyironsa mu kubesha. Ivyo vyatumye amara ubuzima bwiwe bwose arwaye indwara ishisha.

Mu vy’ukuri, Gehazi yarashikiwe n’ikintu kibi cane gusumba iyo ndwara y’imibembe. Woba uzi ico kintu ico ari co?​— Ntiyabaye agishimwa n’Imana canke ngo akundwe na yo. Ese tutokwigera dukora ikintu gituma dushikirwa n’ivyo bintu! Ahubwo riho, nitube abantu b’umutima mwiza biteguriye gusangira n’abandi ivyo bafise.

^ ing. 3 Nimba uriko urasoma uri kumwe n’umwana, ako gakwego kakwibutsa yuko ukwiye guhagarara maze ukamuremesha guserura iryo agona.