Ja ku birimwo

Ja ku rutonde rw’ibirimwo

Niwigishe abana bawe

Yotamu yagumye ari umwizigirwa naho iwabo hari ingorane

Yotamu yagumye ari umwizigirwa naho iwabo hari ingorane

IGIHE abavyeyi bahevye Imana y’ukuri Yehova, birashobora gutuma umwana atoroherwa. Reka tuvuge ivyerekeye Yotamu. Tugiye kubona ingorane zamushikiye i muhira iwabo igihe yari akiri muto.

Se wa Yotamu, ari we Uziya, yari umwami wa Yuda. Ni we yari akomeye kuruta abandi bose mu gihugu. Uziya yaramaze imyaka myinshi ari umwami mwiza, n’imbere y’uko Yotamu avuka. Ariko mu nyuma, igihe Yotamu yari akiri muto, Uziya yaragize ubwibone ararenga Itegeko ry’Imana. Imana yaciye rero imuteza imibembe, iyo ikaba ari indwara mbi cane. Woba uzi ico Yotamu yaciye akora?​ *

Yotamu yagumye akorera Yehova. Nyina wiwe Yerusha ashobora kuba yarabimufashijemwo. Naho ari ukwo, Yotamu bishobora kuba bitamworoheye kuguma ari umwizigirwa kuri Yehova inyuma y’aho se wiwe Uziya yirukaniwe akava mu nzu ya Yehova.

Vyogenda gute hamwe so wawe canke nyoko wawe bohagarika gusenga Yehova? Ntiwokworoherwa, si ko?​— Ariko si bibi kwiyumvira ko ico kintu gishobora gushika. Ivyo turashobora kubibona turavye ivyo Dawidi yanditse muri Bibiliya.

Se wa Dawidi, ari we Yese, yari umuntu mwiza. Yarakorera Yehova, kandi nta gukeka ko Dawidi yakunda se wiwe. Ariko Dawidi yarize gukunda Yehova kuruta mbere uko yakunda se wiwe Yese. Reka turabe ikibitwemeza.

Ndakwinginze uzingurure Bibiliya yawe muri Zaburi 27:10. Dawidi yanditse ati: “Hamwe data na mama bonta, Yehova ubwiwe yonyitorera.” Iyumvire iki kintu: Bibiliya ishaka kuvuga ko se wa Dawidi, ari we Yese, canke nyina wiwe, baramutse baretse gukorera Yehova, Dawidi we yogumye amukorera.

Weho bite? Woguma ukorera Yehova hamwe so wawe canke nyoko wawe yoba atabigira?​— Ico ni ikibazo ciza ukwiye kwibaza. Icotuma ubikora kirafitaniye isano n’ibwirizwa rihambaye kuruta ayandi yose ari muri Bibiliya. Rigira riti: “Utegerezwa gukunda Yehova Imana yawe n’umutima wawe wose n’ubuzima bwawe bwose n’umuzirikanyi wawe wose.”

Iryo bwirizwa risigura yuko dukwiye kuba abizigirwa kuri Yehova n’igihe vyoba bitoroshe kugira. Wibaza ko ari nde yipfuza ko duheba gukorera Yehova?​— Ni Shetani wa mwansi w’Imana. Yezu yamwise “umutware w’iyi si.” Bibiliya ivuga kandi ko ari “imana y’iki gihe.” Twoba none dukwiye gutinya Shetani?​

Oya. Ahubwo, turakwiye kwibuka ko Yehova akomeye gusumba Shetani. Yehova azodukingira nitwamwizigira. Soma muri Bibiliya yawe ukuntu Yehova yakingiye Dawidi ca kigatanya Goliyati cari giteye ubwoba. Hamwe woguma uri umwizigirwa kuri Yehova, na wewe arashobora kugukingira.

^ ing. 4 Nimba uriko urasoma uri kumwe n’umwana, ako gakwego kakwibutsa yuko ukwiye guhagarara maze ukamuremesha guserura iryo agona.