Ja ku birimwo

Ja ku rutonde rw’ibirimwo

Woba wemera ko wigeze kubaho kera?

Woba wemera ko wigeze kubaho kera?

“Nta woharira yuko umuntu iyo apfuye asubira kubaho, kandi nta woharira yuko abariho ari abapfuye basubiye kubaho be n’uko imitima y’abapfuye iriho.”​—VYAVUZWE NA PULATO, UMUFILOZOFE W’UMUGIRIKI, MU KINJANA CA 5 B.G.C., ASUBIRAMWO IVYAVUZWE NA “SOKARATE.”

“Kubera yuko ata mutima ubaho utari kumwe n’ikibiribiri, ariko ukaba utari ikibiribiri, urashobora kuba mu kibiribiri kimwe canke mu kindi, kandi urashobora kuva mu kibiribiri kimwe ukaja mu kindi.”​—VYAVUZWE NA GIORDANO BRUNO, UMUFILOZOFE W’UMUTALIYANO, MU KINJANA CA 16 G.C.

“Nta kintu gipfa ngo gihere: abantu bamera gusa nk’abapfuye mugabo batapfuye . . . baba bibereye ahantu badora, bihweza isi nk’abayirabira mw’idirisha kubera ko baba biyambitse ikibiribiri gishasha kandi kitamenyekana.”​—VYAVUZWE NA RALPH WALDO EMERSON, UMWANDITSI AKABA N’UMURYOSHAMVUGO W’UMUNYAMERIKA, MU KINJANA CA 19 G.C.

WOBA urigera wibaza uwo uri we koko? Woba uriyumvira ko wigeze kubaho? Nimba bimaze gushika, si we wenyene vyashikiye. Kuva kera na rindi, abantu bo mu bihugu vya Buraya, Amerika na Aziya baribajije ibibazo mwene ivyo. Mu kurondera inyishu zavyo, bamwebamwe bahavuye bemera inyigisho y’uko ngo iyo umuntu apfuye hari umutima utaboneka umuvamwo maze ukaja kuba mu kindi kintu, igishobora kuba umuntu, igikoko canke mbere igiterwa, ivyo bikaba rimwe canke bikaguma vyisubiriza.

Naho iyo nyigisho usanga hari abantu babona ko yumvikana, twemezwa n’iki ko yoba ari iy’ukuri? Ijambo ry’Imana, Bibiliya, rivuga iki ku bijanye na yo? Ariko ikibazo umuntu yobanza kwibaza ni iki: Ico ciyumviro cavuye hehe?

Iyo nyigisho yakomotse hehe?

Nk’uko bivugwa n’abahinga mu vya kahise hamwe n’abandi bahinga, abantu bo mu gisagara ca kera ca Babiloni, icashinzwe imyaka irenga 2.000 imbere ya Kristu, baratanguye kwemera yuko umuntu afise umutima w’ubwenge udapfa. Mu gitabu uwitwa Morris Jastrow, Jr., yanditse (The Religion of Babylonia and Assyria) yavuze ko “abanyatewolojiya b’i Babiloni bitwararika cane” ivyerekeye ukudapfa kw’umuntu. Yasiguye yuko Abanyababiloni bemera ko “gupfa ari ukuva mu buzima bumwe ukaja mu bundi.” Yongeyeko ati: “Nta gukeka yuko ukuba umuntu adashobora kwiyumvisha ko yopfa ngo ahere, ari co kintu nyamukuru catumye havuka inyigisho ya kera ivuga yuko iyo umuntu apfuye abandanya kubaho mu bundi buryo.”

Iyo nyigisho yatanguriye i Babiloni, mu nyuma irakwiragira no mu yindi mihingo y’isi y’ico gihe. Abafilozofe b’Abahindi baratanguje inyigisho ishingiye kw’itegeko ryitwa Karma rivuga yuko ikintu cose gishika kiba gifise icagiteye; bafatiye kuri iryo tegeko, bavuze ko ubuzima umuntu aba afise buvana n’ingene aba yarigenjeje kera igihe atari bwapfe. N’abafilozofe bakomakomeye b’Abagiriki bahavuye bemera ico ciyumviro, bica bituma abantu benshi batangura kucemera.

Muri kino gihe, abantu bemera iyo nyigisho barongerekanye cane mu bihugu vya Buraya na Amerika. Abantu ba rurangiranwa be n’abo mw’iyaruka ryo muri kino gihe barashimye cane ivyiyumviro n’imigenzo vyo mu madini yo muri Aziya. Hasigaye hariho ibitabu vyinshi cane n’imihora myinshi yo kuri Internet bitanga insobanuro y’ivyitwa ngo ni ivyo umuntu yaciyemwo mu buzima bwa kera. Mu bihugu vyinshi, abantu basigaye bahurumbira ubuhinga bwo kuvura umuntu ufatiye ku buzima ngo yabayemwo kera. Abakoresha ubwo buhinga baragota umuntu kugira ngo bamenye ubuzima vyitwa ko yabayemwo kera, barondera gutahura ukuntu amagara yiwe yifashe ubu canke igituma agira inyifato kanaka.

Iyo nyigisho yoba ari iy’ukuri?

Naho iyo nyigisho y’uko iyo umuntu apfuye aca yimukira mu kindi kiremwa ari iya kera, mu vy’ukuri turakeneye inyishu y’iki kibazo gihambaye: Yoba ari iy’ukuri? Vyongeye, abakirisu barakeneye kumenya nimba iyo nyigisho ihuye n’ivyo bemera bishingiye kuri Bibiliya. (Yohani 17:17) Kubera ko Umuremyi wacu Yehova Imana ari we Sôko ry’ubuzima, akaba n’‘Uwuhishura amabanga,’ arahishurira abantu ibintu batokwigeze bamenya vyerekeye ubuzima n’urupfu. Turashobora kwizigira ko mw’Ijambo ryiwe Bibiliya twoharonka inyishu z’ico kibazo.​—Daniyeli 2:28; Ivyakozwe 17:28.

Dusuzumye Bibiliya twitonze, biroroshe ko tubona inyishu Imana itanga kuri ico kibazo. Nk’akarorero, mw’​Itanguriro 3:19, turahasanga amajambo Imana yabwiye Adamu inyuma y’aho we n’umugore wiwe Eva bacumuriye. Imana yavuze iti: “Uzorya umukate ubize icuya mu maso gushika usubire mu butaka, kubera ari bwo wakuwemwo. Kuko uri umukungugu, kandi umukungugu ni wo uzosubiramwo.” Adamu yaremwe mu mukungugu. N’igihe yapfa, yasubiye mu mukungugu. Ni vyo Imana yari yamubwiye itomora. Iyo umuntu apfuye rero, ntasubira kuvuka ari uwundi muntu, ahubwo aba aretse kubaho. * Nka kurya nyene ubushuhe n’ubukanye, kwuma no kubomba, umuco n’umwiza ari ibihushane, ni ko n’urupfu ari igihushane c’ubuzima. Abapfuye barapfuye koko! None ga yemwe ivyo si ibintu vyumvikana kandi bitomoye?

Hategerezwa rero kuba hariho izindi mvo zituma abantu bibaza ko baza baribuka ubuzima babayemwo kera. Abahinga ntibaratahura neza ukuntu ubwonko bw’umuntu bukora, ushizemwo n’ibintu atibuka vyibitse mu bwenge bwiwe, be n’ingaruka ziva ku muti yafashe canke ibintu bibabaje cane yaciyemwo. Indoto be n’ibintu umuntu yiyumvira biturutse ku makuru umuyoro ari mu bwonko birashobora kuba bikomeye ku buryo bimera nk’aho ari ivy’ukuri. Mu bihe bimwebimwe, ibiremwa vy’impwemu bibi birakora ibintu bisiga ubwenge ku buryo ibintu bitabaho ubona ko bibaho koko.​—1 Samweli 28:7-19.

Ni ibisanzwe kuba umuntu afise icipfuzo co kubaho no kumenya ivyerekeye kazoza. Ariko none ico cipfuzo cavuye hehe? Birashimishije kubona Bibiliya ivuga ku bijanye n’Umuremyi iti: “Kandi yashize ivyiyumviro vy’ibihoraho mu mitima yabo.” (Umusiguzi 3:11, Bibiliya Yera) Ni co gituma abantu bipfuza cane kubaho ibihe bidahera.

Nimba Umuremyi wacu Yehova Imana yarashize mu mitima y’abantu icipfuzo co kubaho ibihe bidahera, birumvikana yuko itobura no kubasigurira ukuntu ico cipfuzo coranguka. Bibiliya irahishura umugambi w’akaroruhore Umuremyi afise wo guhezagira abantu bagamburuka mu kubaha ubuzima budahera mw’isi y’iparadizo. Mw’izaburi Umwami Dawidi yanditse ahumekewe n’Imana, yavuze ati: “Abagororotsi bazokwigabira isi, kandi bazoyibako ibihe bidahera.” (Zaburi 37:29) Imwe mu nyigisho nyamukuru ziri muri Bibiliya, ikaba ifitaniye cane isano n’umugambi w’Imana w’ibihe bidahera, ni izuka ry’abapfuye.​—Ivyakozwe 24:15; 1 Abakorinto 15:16-19.

Izuka ni co cizigiro ntakekeranywa ku bapfuye

Bibiliya irimwo inkuru umunani z’abantu bazuwe bene umurango babona bagasubira kuba bazima kw’isi. * Abo bantu barazuwe; si abandi bantu basubiye kubaho mw’ishusho y’abo bari bapfuye. Abazuwe baca bamenywa n’abagenzi babo n’imiryango yabo. Nta na rimwe vyabaye ngombwa ko abaryango baja kuraba hirya no hino inzoya zavutse kugira ngo barabe nimba hari ababo bari barapfuye bavukiye muri izo nzoya.​—Yohani 11:43-45.

Birahumuriza kubona Ijambo ry’Imana ryerekana yuko benshi mu bapfuye bazozukira kuba mw’isi nshasha y’Imana, iyigiye gusubirira iyi si mbi. (2 Petero 3:13, 14) N’ubu nyene, Yehova ya Mana yibuka mbere n’amazina y’inyenyeri zose, mu bwenge bwiwe butagira aho bugarukira kandi butunganye, aribuka ibijanye n’ubuzima bw’abantu amamiliyaridi bapfuye! (Zaburi 147:4; Ivyahishuwe 20:13) Niyatuma abantu bo mu mayaruka atandukanye basubira kuba bazima bakibera mw’isi nshasha, bazoshobora kumenya abo mu miryango yabo yose bongere bibonanire na ba sekuruza babo. Mbega icizigiro ceza umutima!

^ ing. 13 Ushaka kumenya n’ibindi, raba ikigabane ca 6 kivuga ngo “Abapfuye bari hehe?” mu gitabu Mu vy’ukuri Bibiliya yigisha iki? casohowe n’Ivyabona vya Yehova.

^ ing. 18 Izo nkuru umunani tuzisanga mu 1 Abami 17:17-24; 2 Abami 4:32-37; 13:20, 21; Luka 7:11-17; 8:40-56; Yohani 11:38-44; Ivyakozwe 9:36-42; 20:7-12. Usomye izo nkuru, urabona ukuntu abo bantu bazutse bene umurango babona. Inkuru igira icenda ivuga ibijanye n’izuka rya Yezu Kristu.​—Yohani 20:1-18.