Ja ku birimwo

Ja ku rutonde rw’ibirimwo

Abasomyi bacu barabaza . . .

Kubera iki abantu bamwebamwe badahimbaza Noweli?

Kubera iki abantu bamwebamwe badahimbaza Noweli?

Hirya no hino kw’isi, abantu hafi imiliyaridi zibiri barahimbaza Noweli buri mwaka ku wa 25 Kigarama, mu gihe abatari munsi y’imiliyoni 200 bahimbaza ivuka rya Yezu Kristu ku wa 7 Nzero. Ariko hariho n’abandi amamiliyoni bashima kudahimbaza Noweli. Kubera iki batayihimbaza?

Kimwe coco, bashobora kuba batari mu madini y’abiyita abakirisu. Nk’akarorero, bashobora kuba bafise ukwemera kw’Abayahudi, abahindu canke abashinto. Abandi na bo, nk’abahakanamana, abakekeranya ko ibaho, abisunga ivyiyumviro vyabo bwite, canke ababona ko umuntu adakeneye ivy’idini, babona ko ivya Noweli ari nk’ibitito.

Ariko igitangaje, hari abantu batari bake bemera Yezu mugabo ntibemere Noweli n’imigenzo yayo. Uti kubera iki? Batanga n’imiburiburi imvo zine.

Iya mbere, ni uko batemera yuko Yezu yavutse muri Kigarama canke muri Nzero. Bibiliya ntivuga itariki Yezu yavukiyeko. Ivuga gusa iti: “Vyongeye muri ico gihugu nyene, hari abungere baba hanze bateramiye amasho yabo mw’ijoro. Buno nyene umumarayika wa Yehova ahagarara iruhande yabo, maze . . . nya mumarayika ababwira ati: ‘ . . . uno musi Umukiza yabavukiye, akaba ari Kristu Umukama.’”​—Luka 2:8-11.

Ibimenyamenya vyerekana ko Yezu yavutse nko muri Gitugutu aho abungere barara mu gahinga bari kumwe n’imikuku yabo, nk’uko vyavuzwe muri ico canditswe. Mu kwezi kwa Kigarama n’ukwa Nzero, mu ntara ikikuje Betelehemu harakanya cane kuruta mu yandi mezi. Muri ayo mezi, imikuku ica yinjizwa mu bwikingo mw’ijoro kugira ngo isusuruke.

Imvo igira kabiri ni iyi: Ikintu kimwe rudende Yezu yavuze atomora yuko abayoboke biwe bakwiye guhimbaza ni urupfu rwiwe, si ivuka ryiwe, kandi iryo himbazwa borigize mu buryo busanzwe, bakoresheje umukate n’umuvinyu bifise insobanuro y’ikigereranyo. (Luka 22:19, 20) Vyongeye, biri n’ico bivuze kubona Injili ya Mariko n’iya Yohani ata co zivuga ku bijanye n’ivuka rya Yezu.

Imvo igira gatatu: Nta bimenyamenya na bimwe bihari bitangwa n’abahinga mu vya kahise vyerekana ko abakirisu bo mu ntango bahimbaza ivuka rya Kristu. Ariko urupfu rwiwe rworwo bararuhimbaza. (1 Abakorinto 11:23-26) Haciye imyaka irenga 300 Yezu avutse ni ho amadini y’abiyita abakirisu yatangura icese guhimbaza Noweli ku wa 25 Kigarama. Biri n’ico bivuze kubona hagati mu kinjana ca 17 inama nshingamateka yo mu Bwongereza yarabujije ivyo guhimbaza Noweli muri ico gihugu. Muri Leta Zunze Ubumwe za Amerika, urwego nshingamateka rw’i Massachusetts (Massachusetts General Court) rwarafashe ingingo nk’iyo. Kubera iki? Igitabu citwa Urugamba rwo kurwanira Noweli (mu congereza), kivuga giti: “Nta mvo n’imwe ishingiye kuri Bibiliya canke itangwa n’abahinga mu vya kahise yotuma ivuka rya Yezu rihimbazwa ku wa 25 Kigarama.” Congerako yuko umugwi umwe w’abaporoti bitwa aba puritains wasanga babona ko “Noweli wari gusa umusi mukuru wa gipagani abantu bagerageje gutuma uboneka ko ari uwa gikirisu.”

Ivyo bica bidushikana ku mvo igira kane, na yo ikaba ari iyi: Inkomoko idahimbaye y’uwo musi mukuru. Ibimenyamenya vyerekana ko Noweli yakomotse mu Buroma bwarangwamwo insengo ya gipagani. Haragirwa imisi mikuru itandukanye yo gutera iteka imana y’uburimyi yitwa Saturne be n’imana zuba Sol Invictus, iyitwa kandi Mithra. Uwitwa Christian Rätsch na Claudia Müller-Ebeling, bakaba ari abahinga batohoza kahise k’abantu, imico kama yabo n’ubuzima bwabo, mu gitabu bafadikanije kwandika citwa Noweli ya gipagani (mu congereza), bavuze bati: “Cokimwe n’inyigisho nyinshi be n’imigenzo myinshi vy’imbere y’ubukirisu, wa musi mukuru wa kera wo guhimbaza ukugaruka kw’izuba kwaba buri mwaka, wahavuye witirirwa ivuka rya Kristu.”

Ufatiye kuri izo mvo zose, woba ubona igituma abakirisu b’ukuri badahimbaza Noweli?

Ikintu kimwe rudende Yezu yavuze atomora yuko abayoboke biwe bakwiye guhimbaza ni urupfu rwiwe, si ivuka ryiwe