Ja ku birimwo

Ja ku rutonde rw’ibirimwo

Akaranga ka Noweli kagiye hehe?

Akaranga ka Noweli kagiye hehe?

“Biroroshe cane ko dusanga twatwawe n’ivyo kwirukanga twitegurira uwo musi mukuru. Ivyo twama dukora kuri uwo musi mukuru bica bicika nk’umugenzo gusa, kandi umwanya wo kwifatanya n’incuti n’abagenzi urashobora kuba muto kubera ibintu vyinshi twirukangamwo. Rimwe na rimwe umunezero twabwirizwa kugira uca unyohwa n’imyitwarariko tugira.”​—VYAVUZWE NA BRAD HENRY, UWAHOZE ARI BURAMATARI W’I OKLAHOMA [MURI LETA ZUNZE UBUMWE ZA AMERIKA], AKABA YABIVUZE KU WA 23 KIGARAMA 2008.

IYO ikiringo ca Noweli cegereje, indirimbo, amasinema n’ibiganiro vyo ku mboneshakure biratuma abantu bitegana igishika n’umunezero uwo musi mukuru. Wibaza ko ari ikintu nyamukuru ikihe gikwiye kuranga ikiringo c’uwo musi mukuru? Kwoba ari

  • Ukwibuka Yezu Kristu?

  • Ukugira umunezero wo gutanga?

  • Ugufasha abari n’ivyo bakeneye?

  • Ukumarana umwanya n’umuryango?

  • Ukuremesha amahoro?

Nk’uko urya Buramatari Henry yavuzwe munsi y’iyo foto yavyerekanye, abantu benshi bahimbaza Noweli birabagora gushika ku kintu na kimwe muri ivyo mu kiringo c’uwo musi mukuru. Muri ico kiringo, akenshi usanga bantu birukanga cane, bakagira imyitwarariko myinshi, na canecane ugasanga kibaye ikiringo co kwicira agafaranga. Vyoba none bisobanura ko bidashoboka ko abantu banezerwa bakongera bakagaragarizanya urukundo nk’uko vyabwirizwa kumera muri ico kiringo?

Bibiliya iraturemesha twese kwibuka Yezu Kristu, gutanga tutitangiriye itama, gufasha abari n’ivyo bakeneye no kumarana umwanya n’imiryango yacu. Iratwigisha kandi kuba abanyamahoro. Ku bw’ivyo, uru rukurikirane rw’ibiganiro ntiruza kwibanda ku gituma bamwebamwe badahimbaza Noweli, * ahubwo ruza guca irya n’ino ibibazo bikurikira:

  • Bamwebamwe babona ari imvo iyihe yari ikwiye gutuma abantu bahimbaza Noweli?

  • Kubera iki bitoroshe gushika ku vyo baba bipfuza gushikako igihe bahimbaza Noweli?

  • Ni ivyiyumviro ibihe vyo muri Bibiliya vyafashije abantu amamiliyoni kwubura ikintu ciza kuruta Noweli?

^ ing. 10 Ushaka kumenya imvo zishingiye kuri Bibiliya zituma abantu bamwebamwe bashima kudahimbaza Noweli, raba ikiganiro kiri ku rupapuro rwa 10 kivuga ngo “Abasomyi bacu barabaza​—Kubera iki abantu bamwebamwe badahimbaza Noweli?”